Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imvukira za EAC ziba muri Amerika zigiye kwiga uko zoteza imbere igisata (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Imvukira za EAC ziba muri Amerika zigiye kwiga uko zoteza imbere igisata (...)

Imvukira za EAC ziba muri Amerika zigiye kwiga uko zoteza imbere igisata c’ubudandaji

jeudi 19 Nyakanga 2013

Ihuriro EABDC (The Eastern Africa Diaspora Business Councils) rigizwe n’abamuka mu bihugu bigize umuryango w’Afrika y’Ubuseruko (EAC) ubu bakorera muri Leta zunzubumwe z’Amerika ibikorwa vy’ubudandaji, barategekanya inama yo kuraba ukwo ubucuruzi bwotezwa imbere muri Afrika y’Ubuseruko aho basanzwe baturuka.

Iyo nama izobera i New York muri Leta zunzubumwe za Amerika, iri mu rwego rwo kurondera ubucuti bukomeye hagati y’ama Leta batrukamwo yo muri Afrika y’Ubuseruko n’abadandaza hamwe n’akozi ba Leta zunzubumwe z’Amerika. Bimwe mu bikorwa iyo nama iziga biratanguye gufasshwa, aha tukaba twovuga nk’ibijanye n’ibikorwa vy’uguteza imbere ubuhinga bwa none, ndetse n’ibindi bikazoganirwako n’abategetsi bakuru bakuru bazoba baturutse mu bihugu bitanu bigize Afrika y’Ubuseruko ari vyo Uburundi, Urwanda, Uganda, Kenya na Tanzaniya.

Amakuru dukesha bagenzi bacu ba IGIHE.com bo mu Rwanda, avuga ko Bamwe mu bayobozi bakuru bazitabira iyo nama harimwo umunyamabanga mukuru wa EAC Dr Sezibera, Isaac Ruto umuyobozi mukuru w’inama za ba buramatari muri EAC, n’abaserukiye ama Leta y’ivyo bihugu vyose ukwo ari bitanu. Icivugo bazidandako naco muri iyo nama kikazoba kivuga ko EADBC, ihuje abikorera utwabo n’abakozi ba Leta, bose bagamije gukorana ubucuruzi n’umugabane wa Afrika.

Dr Sezibera akaba avuga ko hakenewe inguvu mu bucuruzi kugirango agace k’ibihugu biri mw’ishirahamwe rya EAC, kave mu ngorane z’ubukene. Iyo nama rero ikaba ije hageze kuko izotanga inzira ku bacuruzi, ugufashanya n’ibindi. Ibi nvyose rero bikaba bizotanga amahirwe ku banyamerika bigenga kugira bashobore gushorera ibidandazwa vyabo mu bihugu vya EAC.

EADBC ni ishirahamwe ritegamiye Leta ya Amerika, rikaba ryashinzwe mu ntumbero yo gukomeza ubucuruzi n’ubuhinga bwa none mu gace k’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko. Iryo shirahmmwe kandi rikaba rifasha ku bijanye n’ugushora ibidandazwa, ubuhinga bwa none, uburimyi, indero,urudandaza mpuzamakungu, iterambere n’amagara y’abantu, n’ibindi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.