Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Edouard Nduwimana yahamagaye abanyeporitike bahunze igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Edouard Nduwimana yahamagaye abanyeporitike bahunze igihugu

Edouard Nduwimana yahamagaye abanyeporitike bahunze igihugu

mercredi 11 Ntwarante 2015

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ahamagarira abanyeporitike bahunze igihugu kugaruka.

Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, akaba avuga ko umurundi wese afise uburenganzira ahabwa n’ibwirizwa nshingiro bwo gusohoka igihugu no kwinjira. Ku bw’ivyo, Edouard Nduwimana asaba abarongoye imigambwe bahunze igihugu nka Leonard Nyangoma, Alexis Sinduhije n’abandi, bose kugaruka mu Burundi, bitegurire amatora nk’abandi. Edouard Nduwimana kandi, avuga ko n’abanyeporitike bafise imanza mu butungane ariko zikiri mu mburano,ko bashobora kwitoza. Abo nabo, akaba ari nk’abari mu migambwe itavuga rumwe na Reta ya CNDD FDD, nka Leonce Ngendakumana arongoye urunani ADC Ikibiri, hamwe na Ferederiko Bamvuginyumvira, icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU.

Tukabamenyesha ko, hari amwe mu makuru avuga ko, ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ariryo ryasavye rwose Reta y’Uburundi, kureka abanyeporitike bahunze igihugu bagatahuka, kugira bitegurire amatora yo muri uyu mwaka w’2015.

Aristide Nizigire

Messages

  • None mwari murindiriye utunywafinywafi twa abanyaburaya
    Le rdicule ne tue pas sinon tuba twarabagandutseko

  • - uwo mugabo Nduwi be na Willy nyamitwe hamwe nabandi biyumvira ko bazoguma mu bibanza barimwo nibo bazokwegera u Burundi , bibazo ko peter agiye bazoca babi iki ?
    - LES EXACTIONS QUI ILS ONT COMMISES RESTES TOUJOURS DANS LA MEMOIRE DES BARUNDI
    - VOILA ALORS QUE LE TEMPS EST VENU POUR REPONDRE
    - IVYO MWAKOZE VYOSE MUGIYE KUVYISHURA MUMINSI MIKEYI CANE
    - UKORA IKIBI UKAGISANGA IMBERE , QUI SE SERT DE L EPEE PERIRA PAR L’EPEE , aho mubona ko nka NYANGOMA LE PERE DU CNDD ABA AKWIYE KUBA MUBUHUNGIRO WIlly Ntamitwe na Nduwimana akaba aribo bavugira CNDD FDD MURATEYE ISONI NAGAHINDA KANDI MUFISE IMIVUMO MYINSHI Imana igiye kubishuza amabi yose mwakoze de 2005-2015

  • Mubatahuka Radjabu yoba arimwo ga Doudou?

  • Nduwimana na Nkurunziza, ku neza y’abanyagihugu, ivy’amatora nimushire ku ruhande, mutware ikiringo canyu gisigaye mu mahoro, hanyuma muhejeje, mushikirize intwaro Intwazangabo z’Uburundi, kugira bashireho Gouvernement intérimaire iyobowe n’uwo bazoba bumvikanyeko n’aba acteurs politiques, Societe civile et Clerge. Iyo Gouvernement de transition niyo izotegura amatora kandi yongere yandike neza Constitution igomba gukurikizwa ku ntwaro zizokurikira. Twige kuba aba pacifistes b’umutima ata gusesa amaraso y’abanyagihugu k’ubusa... Canke nyene ababishoboye nibashire hamwe hanyuma bandikire Intwazangabo z’Uburundi, bazisaba gushira mu ngiro ico gikorwa co gutunganiriza Igihugu amatora aboneye, mu gihe Nkurunziza azoba ahejeje gutwara mandat yiwe igira kabiri kuko iya gatatu yagoranye ku batavuga rumwe nawe... Murakoze!

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.