Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Femi De J’Abat, umuririmvyi-mukunzi w’abarundi yagarutse mu gihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Femi De J’Abat, umuririmvyi-mukunzi w’abarundi yagarutse mu gihugu

Femi De J’Abat, umuririmvyi-mukunzi w’abarundi yagarutse mu gihugu

vendredi 21 Ruheshi 2013

Abakera barayamaze bati: : “Inkware itora ku musozi agatima kari mu mwonga.” Umuririmvyi Minani Nsengiyumva Felicien azwi kw’izina rya Femi De J’Abat yoba agira atahe mu Burundi igihugu ciwe c’amavukiro. Nk’uko amakuru dukura mu gihugu ca Norvege aho aba kandi akaba yemezwa n’uwo muririmvyi nyene, Femi De J’abat azoshika mu gihugu c’Uburundi ku musi wa kabiri igenekerezo rya 25 Ruheshi 2013.

Mu kiganiro yaduhaye aho ari mu gihugu ca Norvege, Femi De J’Abat yatumenyesheje ko atashe mu gihugu c’amavukiro yiwe akunda cane, ariko ko intumbero nyamukuru imuzanye ari ugushira mu ngiro imigambi afise y’iterambere ry’igihugu.

Nk’uko yabimenyesheje, azaniye imfashanyo abatwa bo mu ntara ya Bujumbura rural bari basanzwe bafashwa n’ishirahamwe “VONECOVIC” kuva mu mwaka w’2007, rirongowe na Angela Iroegbu-Schauer, Femi De JAbat nawe akaba uwatanguje iryo shirahamwe, n’icegera c’umukuru waryo.

JPEG - 32.5 ko
Angela Iroegbu-Schauer, umukuru w’ishirahamwe VONECOVIC

Twobamenyesha ko imfashanyo baheruka gutanga yari igizwe n’impene, inkoko vyo kworora , ibikoresho vyo mu nzu, amahema, impuzu n’ibindi, Femi De J’Abat ashikiriza ko kaba akaryo ko kugarukira abatwa benshi bibagiwe, bari mu buzima bw’akangaratete. Yibutsa ko batibagiye ibikoresho vy’ishure ku bana b’abatwa na cane cane ko aribo bashira imbere kugira bige, mukaba muzi ko abatwa batiga nk’uko bitegerezwa, ku rugero rushimishije. Ubu bakaba bashoboye kwegeranya amafaranga agera ku miliyoni zitanu z’amarundi bazokoresha mu kugura ivya nkenerwa bofashisha iyo miryango y’abatwa.

Mu rukurikirane rw’imigambi aje kurangura mu Burundi, Femi De J’Abat amenyesha ko aje gutanguza icese ibikorwa vy’ishirahamwe yatanguje CERACIRE “Cercle des Réssortissants et Amis de la Commune Isare Résidant à l’ Etranger” , ishirahamwe ryihaye intumbero yo guteza imbere komine Isare uwo muririmvyi asanzwe avukamwo.

Ku kibazo co kumenya amamuko y’izo mfashanyo, Nsengiyumva Minani Felicien amenyesha ko bagerageza gutororokanya uburyo mu banywanyi b’ishirahamwe baba mu mahanga, bakabahiriza kwibuka gufasha benewabo b’abarundi.

Twobamenyesha ko muri uwo mwanya Femi De J’Abat azomara mu Burundi kazoba n’akaryo ko gihingura amasanamu y’ururirimbo " Shimira Imana" umukobwa wiwe w’imfura Ndihokubwayo Mugisha Divine aheruka gusohorera mu gihugu ca Norvege.

JPEG - 30.3 ko
Ndihokubwayo Mugisha Divine, imfura ya Femi De J’Abat ariko asohora ururirimbo rwiwe rwa mbere " Shimira Imana"

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.