Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FNL: Izindi nyandiko ziyamiriza ubutegetsi bwa Emmanuel Miburo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > FNL: Izindi nyandiko ziyamiriza ubutegetsi bwa Emmanuel Miburo

FNL: Izindi nyandiko ziyamiriza ubutegetsi bwa Emmanuel Miburo

mercredi 25 Nyakanga 2013

Umurwi w’abanywanyi b’umugambwe FNL bo mu ntara ya Karuzi, bavuga ko batigeze bemera uburongozi bwa Miburo Emmanuel n’abo barikumwe, bemeza ko bagumye bayoboka Agathon Rwasa.

Urwandiko rwateweko umukono n’abaserukira abandi muri uyo mugambwe mu ntara ya Karuzi bashika 174, muri abo harimwo abahanuzi ba bamusitanteri bava mu mugambwe FNL, abakuru b’imirwi y’abaririmvyi, abarongoye abakenyezi bo muri FNL co kimwe n’urwaruka rwo muri uyo mugambwe. Bose hamwe rero bakaba bavuga ko Miburo n’abo barikumwe batabazi, kandi ko batosubira mu ntara ya Karuzi bavuga ko baroye mu banywanyi b’umugambwe FNL, kuko bemeza ko bayoboka Agathon Rwasa. Amakuru dukura kw’Isanganiro, avuga ko abo banamarimwe basaba abarongoye umugambwe ubu, ko bowusubiza Agathon Rwasa, kandi bagasaba Leta ko itarikwiye kwivanga mw’itunganywa ry’imigambwe, uhereye ku mugambwe FNL.

Twobibutsa ko kuva Agathon Rwasa asubiye kuja ahabona ku wa 6 Myandagaro, inyuma y’imyaka itatu atawuzi aho yahungiye, mu mugambwe FNL yari arongoye, imbere y’uko ahunga amatora yo mu mwaka w’2010 arangiye, hari icuka kibi. Abari bagumye muri uyo mugambwe, naho bari bashigikiye uburongozi bwa Miburo Emmanuel, asanzwe ariwe yemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ko ariwe arongoye umugambwe FNL biciye mu mategeko, abanamarimwe bo mu ntara zimwe zimwe bakaba bamaze kwandika amakete basaba isubizwa ku burongozi bukuru bw’umugambwe FNL Agathon Rwasa, abandi nabo, bagasaba ko hoba ikoraniro kaminuza ryoshiraho umukuru w’umugambwe.

Ikindi mwomenya ni ukwo mu kiganiro Miburo yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru haraheze amayinga hafi abiri, yasavye abanamarimwe bandika inzandiko canke abafise izindi ngorane,ko boza barabicisha mu mugambwe FNL imbere y’ukwo bavyumva mu bimenyeshamakuru bitandukanye, ndetse Miburo Manweli asanzwe arongoye umugambwe FNL akaba yibajije ko zimwe mu nyandiko zoba ziyandikirwa n’ivyo bimenyeshamakuru nyene.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.