Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FPN : Umugambwe wavutse amatora asigaje amezi atandatu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > FPN : Umugambwe wavutse amatora asigaje amezi atandatu

FPN : Umugambwe wavutse amatora asigaje amezi atandatu

mardi 2 Kigarama 2014

Umugambwe mushasha witwa FPN (Front Patriotique National ) imboneza ugizwe n’abiyonkoye ku mugambwe FNL n’iyindi migambwe ihurikiye mu runani ADC-ikibiri wavutse.

Mu kiganiro abatanguje uwo mugambwe baremesheje ku bamenyeshamakuru, bamenyesheje ko bamaze gutanga ivyangombwa bisabwa kugira bemererwe n’ubushikirangaji bw’intwaro yo hagati gukora ku mugaragaro, abamenyeshamakuru bamubajije impamvu biyonkoye kuri iyo migambwe bagashinga uwabo, yaciye amenyesha ko abarongozi b’iyo migambwe babahemukiye kuko bagize imigambwe nk’ivyibare vyabo kandi ko bashira inyungu zabo imbere gusumba inyungu z’abanyagihugu. Nibemererwa bazokora ataho begamiye haba mu migambwe yegamiye uwuri ku butegetsi haba mu migambwe itavuga rumwe nawo.

JPEG - 219.8 ko
Mukiganiro abatanguje uyo mugambwe baremesheje kubamenyeshamakuru

IGIHE

Messages

  • Haaa ntacomugiyegushikako mujanywe nurudaruda.

  • Mwagitoye murerekanye komwashishwe urazikubona ababaserukira birirwa baririmba iterabwoba Ngo intambagusa ivyonivyerekanako abobirirwa baririmba intambara sibimwe vyomjri 93 nagatatu badometse maze abanyagihugu banyarucari bomumokoyose bakabibonaboneramwo abadometse bakigirahariya bakarebera, ubuturashaka Ko abobohejurunyene bozowudomeke maze natwetwiyicarire ahantutwirebere ukuntumuriro badometse aribo uhitanagusa.

  • Mwabuze akazi mukora , canke urundi rudandazwa mugira

  • Bitwa ba nde abatanguje uwo mugambwe?

  • NI BABA BIYONKOYE KUBERA IYO MVO NIBAKORE TUZE TURABE IVYABO NABO

  • NI BABA BIYONKOYE KUBERA IYO MVO NIBAKORE TUZE TURABE IVYABO NABO

  • None banse kubabwira uko bitwa ubwabo n’umugambwe batanguje uko witwa hama murubahuka mura publia?vs êtes suspets hamwe nabo.reka vyose tuzobihezagiza ingohe!bayi

  • komuvugako abandi bashira inyungu zabo imbere ubu izonda zanyu tworaba mwazisize kumigongo? iyo ni poritike ya ba dd sonze mwigumy idiri yans bazobaca imitw mube mwegeka

  • Dutohoreza. Biyonkoye kwa Jacques canke FNL yahe? Ivyiburundi biratwengeje. Umwana wese asigaye yiyonkora. Abo tubita amareresi.

  • None Ko Muburundi Ari Agahugu Gato Bazoteba Bashike Kumigambwe Ingahe?

  • ni demokarasi yutudumbidumbi

  • ni demokarasi yutudumbidumbi

  • Inzara ni MBI!
    Ibihemu vyose n’Imburakimazi kirabahuze!
    Erega kuba mu mugambwe bose ntiboba abayitwara!
    Mu Burundi hakwiye gusigara imigambwe itanu gusa abandi bakicara!

  • Basha nimuze muriyerekana kare kugira ngo nimba abanyagihugu babona bamenye ibibagenza mwese! Mwebwe mwabuzeyo ibiti none mugiye kuvyironderera!! Mwese muri abashonji gusa ahubwo mwebwe mugwaye ibit! Jeho mbona mutari mukwiye nukwemrerwa gushinga ako kadumbidumbi ko guhenda Abanyagihugu!!

  • It’s later to do that but, they must choose which side they can play in coming election if not they are doing nothing.

  • Mbe Kuki Twebwe Abantu Nacanecane Abarundi Twikunda?Agahugu Gato Imigambwe Irenga 40 Yiki?Raba Igihugu Ca Rutura Amerika Ifita Imigambwe 2.Ha,iy Demokrasi Yuburundi Iratandukanye Niyibindi Bihugu Pe!

  • Nn ko dufis igihugu gito imigambw ikatubana myishi n kuberik?ugira wowo ntushira imbere inyungu zawo,rek sha twarabahinyuy,mb umukuru wawo ninde??

  • Ooooh!ikigoyikirabarembeje murahera niyo ntwaro yagahotoro yaba ddd aho kuvahasi mwese mukayamiriza .mwifatanya nabo .abo ba ddd ni bi nywamaraso bazo banunuza amaraso

  • Ariko ntimwirengagize kwiyo aringaruka yubutagondwa bwa Leonce Nge agendera kumabwire yabibereye Bulaya bamubwira kuvuga amajambo yoguturira igihugu ntabanze ngwarabeko ahumuriza abarundi agapfakuyavuga ukoyabaye.

  • Ninde awurongoye?bafise imigambi nyabaki!nibaza ko ari abaamaze guhinyura urwenge rwa Uprona,hamwe na Faiblesse ya RWASA bena Leonce!Gushinga umugambwe,mbona ko ari uburenganzira bwabo ,ni muri démocratie!n’abandi birirwa barahiga kuducacura imitwe kandi muri statuts zabo batigera bavuga mwo ibintu Vyo kwangazanya,ni babemerere,bavuge imigambi ayabo.Ataruko naho,nibayifute hasigare itatu"3"gusa,uwaba démocrate, nuw’aba nationaliste n’aba neutre.abakokeza intambara nabo ni babanze,bazane barya bana n’abagore babo bajabukanye hanze Tuzowotane,,,,,

  • Mbesha wakagabo wiyita Butame. Rwasa Agathon we murangana. Iyo mutamubona ubu muba mugezehe. Kuvuga Ngo afise faibless ingwane yagwanye hari namwene nyoko yo yishobora. Canke igihagararo afise hari numwe muri famille yanyu akigira

  • Mbega ni bande bategetsi buwo mugambwe mushasha FPN?

  • Butame komera, Butame cimbatara, Butame ramba, Butame shirira Butame ndazerejwe nivyiyumviro atanze nivyukuri;

  • Iyonimigambi ya dd kugira bajurajuze injuragizwa ngo bungure abiyunze

  • Murakaze namahoro tuzobashigikira muzanye ivyiza

  • Ntacotuma ababona ubuzima bwabo bwokwisununura babanje kuba abanyepolitique. kandi nikobiri mugihugu cacu. umuze kubakurubuga gwapolitique ugahabwa amabanga mugihugu ucuterimbere kuko inzu ucuhabwa ingurane vyihuta, ingendeshwa yonahonyene ucuhabwa, parcelle ahozibaziriko zirapimwa amazina ajimbere nayabo, kandi nta limite kuko barahanahana, eka ubuzima buba akokanya luhindutse! mugabo igihugu turagisangiye, ntiborisha yose, kuko abarundi tumaze kubonavyinshi. inzirazose ducishwamwo ntiziyoberanwa, bizosubigwamwo.ntawazanye ikintu kwisi rero hazoteba habeho ubutungane buzokorera abenegihugu. nibareke bigirire imigambwe, bitubakire bitungire mugabo babara kuko bishoboka mugihugu iwacu. nkebure abobose bisasira ivyigihugu, ntimwarimukwiye kurira amatama yose kuko murabakozi bacu twebwe tubatora, mwarimukwiye kutwiyumvira kugirango nimana yabafashije ihezagire abomukorera namwenyene. biracagoye kuko abanyagihugu benshi tutafise ukotubigira mugabo, ibihe biraje, umwewese azokwishura kugahanga kiwe, imana ntiheranwa, naho tuzoba turikurunganwe rwakangahe? izokora. nidutinye ijisho ryimana, twihane dukizwe, abarundi imaniduharire. biramaze kugaragara kwatahotuva kandi tuja, igihugu cuzuye amaborogo, amarushwa namarira, dusigaye tugendana intuntu nagahinda nubwoba, nitwihane, duhinduke, dukundane, twubahane, ducimanza zigororotse, maze imana iduharire

  • Christopher,barayamaze ngo umwonga 1 Wonza Inyoni,mvuganti nimba badashoboye kuyifuta ngo hasigare 3 ishingiye ku nyungu z’abarundi bose ni babareke bazokwiramura.kuba unyise akagabo ntibisigura ko ivyiyumviro nashirije atabobishikira,ahubwo nawewe witonze ukaraba uzoteba utahure faiblesses za barya bagabo!kuvuga ko tutangana na Rwasa,ntitukangane,iconzi n’uko imbere y’umuremyi,tuzohagararahamwe! kuba warwanye Ntibisigura ko utogira faiblesse,hohoyarwanyewenyeneahouvugangoiyotutamubona! Basi,yaratsinze muri zo ntambara yarwanye?yakoze gute 1993! ugira fnl niwe yayitanguye!Kudahanurwani Faiblesse ikomeye. Kuber’iki bamutesheje place ya 2è en2010 akaba yongeye kugira alliance!hamwe n’abamuhenze.n’ubu bazomusubira.Uprona yo ifise incabwenge nyinshi ntidufyinata. ."C’est la fin qui justifie les moyens!!".

  • Abarundi ntitwabuze imigambwe canke imigambi twabuze ishigwa mu ngiro ryayo.sinibaza ibitangaza bigiye gukorwa.ariko gire esprit de créativité tureke kuraba akarorero kabi k’batungishijwe na politike gutyo twese duce tubona ko ariyo nzira y’ubukiriro.Ifise ubugi hose."umutware mwiza ni umwungere, umuyobozi ni umuja w’abanyagihugu."None ko"ushaka inka aryama nkazo mwemeye gukora 100% ivyo tuzobasaba?Rabe neza ntimudukure kwa bisura tuja kwa binya!Abarundi turarushe dukeneye:ukuri, amahoro n’ubwigenge iterambere nyakuri.Muragabe ntabe amareshamugeni.

  • RN / HAAAAAAAAAAAAAAAAAA ARI DD IGEZE AHO UMWANSI ASHAKA ????cndd fdd yabwiye abanywanyi bayo ngo mutegerezwa gutora kenshi IRANGI TUZOKORESHA MUGUTORA RIZOBA RIFUDIKA MUMINUTA CUMI GUSA .HAMA MUCE MUTORA KENSHI ATANKOMANZI.

    MURAGABE.

  • NTACOMWANZE KUKO CNDD_FDD IRIKWIJE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.