Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Frodebu: "Ihumure ritangwa na CNDD-FDD ni imvugo za politike" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Frodebu: "Ihumure ritangwa na CNDD-FDD ni imvugo za politike"

Frodebu: "Ihumure ritangwa na CNDD-FDD ni imvugo za politike"

mardi 1er Gitugutu 2013

Mu majambo amaze iminsi ashikirizwa n’abarongoye umugambwe CNDD-FDD ndetse n’ayashikirizwa n’uwurongoye umuhari w’Imbonerakure Denis Karera, ku bijanye n’uguhagurukira imbonerakure zigenza nabi mu banyagihugu, Patrick Nkurunziza arongoye urwaruka rw’umugambwe Sahwanya Frodebu, avuga ko ayo majambo ataco ababwiye kuko ari imvugo za politike.

Mu rwandiko ruherutse gusohorwa n’umugambwe uri ku mu mpera z’iyi ndwi canke mw’ijambo umukuru w’urwaruka rw’imbonerakure Denis Karera yashikirije muri komine ya Mugina mu ntara ya Cibitoke, aho hari hahejeje kurangira urukino rw’umupira w’amaguru kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 29 Nyakanga uyu mwaka, yasavye urwaruka arongoye kubana neza n’urundi rwaruka ruva mu yindi migambwe. Yabandanije asaba ko imbonerakure yose izofatwa iriko irahungabanya umutekano, canke iriko ikubagura abandi badahuza ivyiyumviro, ko izohanwa ku gatwe kayo, atari kw’izina ry’umuhari wabo w’imbonerakure.

Imbonerakure za CNDD-FDD

Kuri ayo majambo yashikirijwe n’umukuru w’umukuru w’umugambwe CNDD-FDD canke ayashikirijwe i Mugina muri mu ntara ya Cibitoke, mu mugambwe Sahwanya Frodebu bavuga ko izo ari imvugo za politike, kandi bazimenyereye. Patrick Nkurunziza asanzwe arongoye "Intakangwa" z’umugambwe wa Melchior Ndadaye, avuga ko ivyo imbonerakure zikora haba uguhohotera abatavuga rumwe na Leta, haba ukubaburagiza n’ukubatera ubwoba, vyose babitumwa n’indongozi zabo, ari naco gituma, bobo ico bazobandanya bakora, ari ukwicungera, n’ugucungera inziraguhemuka zose muri rusangi, bagatega ko basotorwa.

Patrick Nkurunziza rero akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko mu kiganiro baherutse guha abanditsi n’abamenyeshamakuru, bibukije ko igikubitwa nticishure ari ingoma gusa, n’ubu bakaba batazorera amaboko mu gihe bosubira gukubagurwa n’Imbonerakure.

Intakangwa za Sahwanya Frodebu

Umugambwe CNDD-FDD, ukaba muri iyi minsi uriko usaba urwaruka rwawo kubana neza n’urwaruka ruhurikiye mu yindi migambwe, mu gihe mu turere dutandukanye tw’igihugu hamaze iminsi havugwa ukwihorana gufatiye ku kwibana amabendera aranga imigambwe yabo. Ndetse ivy’ukwihorana bikaba vyagiye kwunyuka aho abarongoye imigambwe ihurikiye mu runani ADC-Ikibiri bamenyeshereje ko batagishoboye kwihanganira agasomborotso k’imbonerakure, ko bagiye gutangura kugira ingere ku yindi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.