Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Frodebu na Frodebu nyakuri bari mu nzira yo gusubiza hamwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Frodebu na Frodebu nyakuri bari mu nzira yo gusubiza hamwe

Frodebu na Frodebu nyakuri bari mu nzira yo gusubiza hamwe

mercredi 22 Rusama 2013

Kuva aho umugambwe Sahwanya Frodebu hamwe na Sahwanya Frodebu nyakuri iragi rya Ndadaye bamenyeshereje ko bagiye gusubiza hamwe bakagira umugambwe umwe nk’uko vyari kuva mu matora y’1993 gushika mu matora yo mu 2005, icuka si ciza mu banywanyi biyo migambwe kuko ibihano vyo kwiirukanwa vyatanzwe maze abirukanywe bakavuga ko bitakurikijwe amategeko.

Mu mugambwe Sahwanya Frodebu urongowe na Lewonse Ngendakumana, baherutse gufata ingingo yo kwirukana abanywanyi batatu b’uyo mugambwe bahurikiye mu gisata c’urwaruka. Abo birukanywe bagirijwe ko bagiye kugirisha amanama mu ntara hagati ataruhusha bahawe n’urwego nyobozi rw’umugambwe rurongowe na Lewonse Ngendakumana.

Abo birukanywe aribo Joriji Nikiza, Yohani Korode Yamuremye na Yuvinali Ndayikeza ntibahakana ko bagiye hagati mu gihugu, ariko bemeza ko bari bagiye kuramutsa incuti n’abagenzi, ariko baraheza baronkeraho n’akanya ko kuyaga n’abagenzi babo ibijanye n’umugambwe bavamwo, ndetse harimwo n’ukwiyunga.

Abo bahurikiye mu gisata c’urwaruka muri Sahwanya Frodebu, bariyamiriza ko bataroye mu ntara za Kirundo, Cankuzo, na Muramvya kandi bakiyamiriza n’ivyo bagirijwe ko boba batumwe n’abamwe bamwe mu banyeporitike muri ivyo bikorwa baroyemwo. Ariko gusa ico bemeza n’uko icuka atari ciza haba mu gisata c’urwaruka kirongowe na Patrike Nkurunziza co kimwe no mu rwego nyobozi rurongoye umugambwe Sahwanya Frodebu.

Muri Sahwanya Frodebu Nyakuri iragi rya Ndadaye naho, mu gihe bariko baritegurira gusubiza hamwe n’abo barikumwe kuva umugambwe ubayeho, ntibihanganiye uwahoze ari umushikiranganji ndetse akaba n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri urongowe na Dr Yohani Minani co kimwe n’umunyabigega w’uyo mugambwe Janine Bigwabati.

Nk’uko Yohani Batista Gahimbare abishikiriza ari mubirukanywe, avuga ko kuva amatora yo mumwaka w’2010 arangiye, umukuru w’umugambwe Minani niwe agena abaja mu nama nshikiranganji, abaja kuba abahanuzi mu biro vy’ubuserukizi bw’Uburundi mu makungu, abaja mu nama nshingamateka y’akarere k’Afrika y’Ubuseruko, atabajije inama nyobozi y’umugambwe canke umurwi wa politike muri Sahwanya Frodebu nyakuri.

Yohani Minani rero akaba yagirizwa ko umugambwe yawugize nk’aho woba ari ishirahamwe ryiwe uravye uko afata ingingo ziba zitumvikanyweko na bose , eka ndetse ubutunzi bw’umugambwe yabugize nk’ubutunzi bwiwe bwite nk’uko abirukanywe babimenyesha.

Gahimbare akaba ashimishwa n’iciyumviro co gusubiza hamwe hagati y’iyo migambwe ibiri kuko kubwiwe ubugirigiri bugira babiri kandi inguvu z’iyo migambwe ibiri zigiye hamwe, avuga ko umugambwe Frodebu woba ugira usubirane inguvu watakaje igihe uyo mugambwe wacikamwo imigambwe ibiri.

Uwundi yirukanye n’umunyabigega yitwa Janine Bigwabari, uwo nawe akaba avuga ko umukuru w’umugambwe yafashe ingurane mw’ibanki ayitirira umugambwe atabigishije inama abandi basangiye kurongora umugambwe ndetse nawe nyene vyitwa ko ajejwe ibigega akaba atigeze abimenyeshwa. Umupfasoni Bigwabati amenyesha ko umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri wahindutse ishirahamwe ryigenga aho umukuru w’umugambwe ingingo zose azifatira imuhira iwe, agashika azishira mu ngiro mu biro vy’umugambwe.

Kubijanye no gusubiza hamwe kw’iyo migambwe ibiri, Janine Bigwabati amenyesha ko ivyo bidashoboka kuko atawosubiza hamwe n’umuntu adashoboye gutunganya neza ishirahamwe arongoye, adashoboye gukoresha ubutunzi bw’umugambwe nk’uko buri.

Abirukanywe bose haba abo muri Sahwanya Frodebu canke sahwanya Frodebu Nyakuri, basaba ko bosubira mu migambwe yabo n’aho ababarongoye birabira hirya, bose bakemeza ko hatakurikijwe amategeko mu kwirukanwa, ariko bakizera ko impera n’imperuka bazoteba bagasubira miryango ya politike bahoramwo, na cane cane ko biteze isubiza hamwe ry’umugambwe wabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.