Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’urwaruka rwa ADC IKIBIRI yinjiye ibohero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Umukuru w’urwaruka rwa ADC IKIBIRI yinjiye ibohero

Umukuru w’urwaruka rwa ADC IKIBIRI yinjiye ibohero

jeudi 15 Nzero 2015

Inyuma y’aho bivugiwe ko igiporisi casatse imwe mu mihana y’abanywanyi b’umugambwe FRODEBU ariko haronderwa Patrick Nkurunziza, yafashwe asanzwe mu biro asanzwe akoreramwo.

Uwo asanzwe arongoye urwaruka rw’umugambwe Sahwanya FRODEBU mbere akaba asanzwe arongoye urwaruka rwo muri ADC Ikibiri, yafashwe muri aka gatondo ku wa 15 Nzero, aca ajanwa ubutarariye mu ntara ya Cibitoke nk’uko amakuru abivuga, ahasanzwe hapfungiwe abantu bagera kuri 9 bagirizwa ko bari mu bateye mu minsi iheze muri iyo ntara. Patrick Nkurunziza akaba yafashwe asanzwe ku kazi aho akorera, mu bushikiranganji bw’ubudandaji.

Uwo mukuru w’urwaruka rwa Sahwanya FRODEBU akaba yari yigeze guhunga, aho vyavugwa ko yariko araronderwa. Abatari bake bakibaza ko yoba agira yagirizwe ivy’igitero cabereye muri iyo ntara. Aha tukabamenyesha ko amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike yari yamenyesheje amakenga y’uko kirya gitero cabereye mu ntara ya Cibitoke coshobora gukoreshwa mu ntumbero yo guhereza abatavuga rumwe n’intwaro ya CNDD FDD bose mu mabohero, mu gihe amatora yimirije.


Aristide Nizigire

Messages

  • Iyo reta yase NDD EFdd nayikunda ariko ndikumva inteye umujinya nirekure vyayinaniy kuko ivyo irigukora nakajagari!!! Nibikebuke bibuke ico twabatorey ko atari gutoteza benewabo bibagiy icabatumy gufata umuHeto icobaharanira ko yaridmukarasi? None Yabay ndamuhohotere? Nibikebuke ubwosibwo butwari dushaka.

  • urigumy ntacuzob sh ntaciz cab.amadhamb yashush w courage

  • NONE NTA SONI DD IHEBE YAMBARE AMABABI???EREGA PATRICK SIWE ABAGOYE NI URWITAZO>>>

  • aboba dd bafise ubwoba bwishi bwokudashobora gutsinda amatora twimirij nicogituma mubona abatavuga rumwenareta bahirwa buhongo nibamurik arikwazirubusa kubera baribavuz kwatamutah wokumuhagarika uhari none wasohots uyumusi nibarek bazohiganwe kumugaragaro ikinyoma gikubitirw ahabona kubera nubundi amatora abadd ntayobazotsinda ivyabovyaramenykany

  • None ko nunva Ngo nimbonerakure zateye muri cibitoke baronke urwitwazo two kwagiriza imigambwe itavuga Na reta. Jewe nibaza ko yafashwe kugira baburagize frodebu kuko bayitinya

  • MW ISHAMBA BAGIYE KWIBA IMPENE N IMYUMBATI YA BARUNDI NTA KINDI UBONA BAHURIYE HE NA FPR YA BA KAGAME ...EREGA DD NTA BUTWARI ATARI UKONONA GUSA ,KWICA GUSAHURA,GUSAMBANA NAYANDI MABWA GUUUUSA

  • dd jewe nibaza,ko mutakikomeye mumitwe ??ncanke nkurunziza aribaza ko atwara abantu ncanke??aribaza ko uburundi arubwabarundi??!!!# wibaza ko uzoreganya abantu gushika ryari???kumutwara,mucibitoke kufugigwa hamwe nabateye???twahora tuvuga (micombero) wewe yabigize umwaka umwe???wewe imyaka yose ntamwaka wijana ata we wishe??ufugiye ubusa????hanyuma ukavuga,ko,atawosubira,kwiyumvira,ingwano???? Ariko (Nkuruziza)wibagiye ko wavutse uri umwana munyagihugu muto,nkabandi barundi bose????!!!!% wavukiye kwisi????uribaza ko hamwe ivyo ukorera abarundi bari,baguhaye kurya nukuryama ??ushaka baguhe iki ubu naho ???kugira,ubahe amahoro???ko ijuru,atari abarundi baritanga!!!!! Bwabundi umuntu,niwe yojana mumuriro pe :patrique ihagane nacanene umuryago wawe turabahojeje kandi,ntaco uzoba komera

  • ICO MWOMENYA,SAKIRIMI KIBI YATANZE UMUROZI GUPFA.AHUBWO NIBAMUGIRE NKARURYA RUNDI GWARUKA BAHENDEWE HAMWE

  • On sent de l-enervement du cote des dd, ubu ntamutima bagifise munda. Uwo biketse nugufunga. Bafise ubwoba bwinshi bwivyo bazobazwa, barafise nubwoba bwabaririmvyi kuko bavuga ukuri.Iyo batishe, barafunga canke bakangaza abantu . Ariko igitangaje umu DD akoze amafuti acaba INTAKORWAKO. Barundi iyi ntwaro itomotse ntituzopfa tugize amahoro. Patrik bamukwirikirane kuko dd ishobora kumurigata iciye ku ba demobilises babo nka SHETANI BIZWI KO AFISE SPECIALITE MUGUCA AMAZOSI

  • Noneho vyabuze gose! bataye imitwe birabayangaranye, none aba dd bariko barondera abo bahitanisha! reka guta imitwe mwica ubuzima bw’inzira karengane, izo ngorane mufise ziri muri iyo dd yanyu nyene, mudashatse kubihereza iwanyu, abashishishwe banukiwe n’iyi ntwaro y’ubwicanyi, agacinyizo, ubusuma, akarenganyo, ......n’ibindi vyinshi ntavuze, bazobigizayo hanyuma mushaka musubire iyo mwaje muva, ..."KUKO IMANA NTIGOMBA Y’UKO UBU BURUNDI BUHINDUKA IKIBUGA C’AMADAYIMONI" iyo ni indirimbo yaririmbwe n’abakijijwe VY’UKURI bisoneye kandi bubaha IMANA. Uwumva ni yumve.

  • Cndd-fdd nimugende amahoro ntimwahemutse vuba. Ndibuka ko mwatanguriye kuri nyangoma;none ntimworetse guhemukira uburundi nabwo.

  • uyo we patrik yagirizwa iki??ivyo mu burundi sinzi nahimana gusa wangu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.