Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gaston Sindimwo yagirizwa gukoreshwa na CNDD FDD mu gutoba imyiyerekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Gaston Sindimwo yagirizwa gukoreshwa na CNDD FDD mu gutoba imyiyerekano

Gaston Sindimwo yagirizwa gukoreshwa na CNDD FDD mu gutoba imyiyerekano

jeudi 7 Rusama 2015

Bamwe mu banyeporitike badashigikiye imyiyerekano, bagirizwa ko bariko bakora mu kwiyerekana neza imbere y’umugambwe CNDD FDD, mu gushaka gutoba imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Umushingamateka Karori Nditije arongoye UPRONA itemewe n’ubutegetsi

Umushingamateka Karori Nditije arongoye UPRONA itemewe n’ubutegetsi, avuga ko ivyakozwe na Gaston Sindimwo umunyamabanga wa UPRONA yemewe na Reta ko bitabatangaje, aho bamwe mu rwaruka bamwagirije ko yabegeranije, abanje kubahenda ko azobasabira akazi muri MENUB, bagashobora kuzohagarikira amatora.
Nk’uko bamwe muri urwo rwaruka babivuga, bakuwe mu mihana iwabo, bamenyeshejwe ko boshika ku Mugumya ahari icicaro ca UPRONA ko hari akazi kabarindiriye. Ako kazi nako, kukaba kwari ukugira imyiyerekano imbere y’ahakorera igiporisi ca BSR, abo bari muri iyo myiyerekano yatumweko na Gaston Sindimwo, bagaheza bakavuga ko imyiyerekano batumiwemwo n’abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vyaporitike n’imigambwe yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza bayihagaritse, ko bahenzwe, none barushe, baje gusabira ikigongwe bagenzi babo bafashwe bagapfungwa.

Umushingamateka Karori Nditije, akabona ko ivyo vyariko bikorwa na Gaston Sindimwo, ari ukwitonesha, mu gukoreshwa na CNDD FDD umugambwe uri ku butegetsi. Uwo mushingamateka, akibutsa isamburwa ry’umugambwe UPRONA na Gaston Sindimwo, akoreshejwe na CNDD FDD, nk’uko yabandanije abitubwira. Gaston Sindimwo twamurondeye, ariko uwari afise iterefone ngendanwa yiwe, yatumenyesheje ko ari mu nama. Ariko ku mugoroba w’uyu wa gatatu, igenekerezo rya 6 Rusama, akaba yabariye bagenzi bacu ba radiyo Bonesha FM ko, hari abaje ku mwitura kugira abahanure, ku bijanye n’iyo myiyerekano iriko iraba.

Gaston Sindimwo umunyamabanga wa UPRONA yemewe na Reta

Twobamenyesha ko abari bitabiriye iyo myiyerekano, bavuga ko bari guhava banahabwa akavuna musase k’amafaranga ibihumbi cumi na bitanu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Insaku zaba porona zirarusha.barahadikiza ibitavugika mbega uwo karoli nditije ko ntaramubona dans des manifestations ngo aje imbere kumwe kwa Audifax aho avuga iki.Ba mureka kugira abaja abantu mutagaburira

  • ewe Gaston uzopfa nabi uragapfa uko warurofa we, wewe woshika kuki ? genda ube urafyeta amasahani ya cndd.fdd utinya ki ?

  • Gaston na concilie ntagitangaje kuba bariko bakora uko,ibi vyose turimwo bafisemwo uruhara rwambere mukwemera ko cndd fdd yigira akamana iburundi mugusumba iyindi migambwe itanguye kuyisambura yose biciye kwabo navuze hejuru,rero ababibona ko gaston akitumwa na reta yankurunziza ntiyigeze ahesha,kimwe nkahamagarira abari mumyiyerekano yukubuza ko ibwirizwa nshongiro risamburwa nakarwi kabantu;bofata sindimwo bakamushira imbere yabandi kuko agaya ibikorwa abandi barimwo akabikoreshanagashinyaguro karengeje yoheba agatekereza nabandi naciyunvira nkawe bohesha.

  • Iyaba ivyomuvuze atarirementanya bakabakoko baribabenereye kubaha ayomahera ibihumbi cuminabitanu (15,000fBu) barikubababahaye meshi gusumba ayo Pacifike aha abemeye guharanira kumukurako Nkurunziza, kukowewe yemereye abemeye bosekujamwibarabara kuzabarabaha amafranga arihagati ya 5,000-10,000fBu kandibavuzeko nivyafata igihekirekire bazobogenzako ayandi mbere murinomisi haruwaraye avuzeko ububarose inziranyishi zivamwo amafranga ngokuko abarundi nkabose babamubihuguvyabo biyemeje gutanga amafranga yogufasha batiziganya ngokuko bashaka uwobakurako uwo Nkurunziza, ekanabanyarwandabamwebamwe batanguye kwiyemeza gufasha muburyo abarundi. Ariko hariho umurundi yavuzengo nimudufashe twikureko Nkurunziza ngonatwe ejobundi tuzobafasha kwikuramo Kagame. Ndababwire vyaribibayenabi kuko uwomunuarwanda yaciyavugango urashaka kugereranya Nkurunziza na H.E Kagame!? Hacahazumuntumwe afatakubitugu uwomunyarwanda mazeravugango ivyonimubigezaho noneho baragenda.

  • Ahubwo iyo mbwa Gaston akwiye kubambwa ku giti.

  • uwomubona yomwihendako ngo numugabo wijunja naw akorer kubwoba.Imana imuharire ntazi icakora!!ntakund nobivuga

  • we uboniyo iyo nzu n’iyo ntebe yicayemwo adugij akaguru kukandi yopfuye abishitseko iyo akoresha ubumenyi yarose kiretse kuryanisha abadasigana?ni beshi bamusumvya ubumenyi na kure bakenye banse kurya imitsi ya benewabo.

  • Nibaza Yuko Ubu Nyamyiyerekano Yaheze

  • Jew Nobona Abari Mumigaragamvyo Kobaribahezwe Nabakuru Babo Umwaka:2016 Ntimba Watanguyenabi Namez Abiri Asigaye Utabayeneza Murako

  • Jew Nobona Abari Mumigaragamvyo Kobaribahezwe Nabakuru Babo Umwaka:2016 Ntimba Watanguyenabi Namez Abiri Asigaye Utabayeneza Murako

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.