Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Giharo : Impunzi zirukanwa na Tanzaniya zibayeho mu buzima bubi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Giharo : Impunzi zirukanwa na Tanzaniya zibayeho mu buzima bubi

Giharo : Impunzi zirukanwa na Tanzaniya zibayeho mu buzima bubi

mardi 1er Gitugutu 2013

Kuva impunzi z’abarundi ziba umu gihugu ca Tanzaniya zitanguye kwirukanwa, komine ya Giharo iri mu ntara ya Cankuzo imaze kwakira abirukanywe muri ico gihugu bagera ku bihumbi 14.

Abo birukanwa n’icogihugu bakaba basaba gufashwa na rirya birukanwa atakintu nakimwe bafise, ndetse no mu vyo batunze hari naho usanga atavyo barukananywe. Abo barundi rero, abakaba bavuga ko batibuka uburere bahunze bavamwo mu Burundi, mu gihe abandi nabo bavuga ko aho baba imbere bahibuka, ariko ko basanze harigaruriwe n’abandi. Ubu rero abo birukanwa mu gihugu ca Tanzaniya, bakaba bamwe bakoranirijwe muri komine ya Giharo, ikomine yagutse mu Burundi, yoshobora kwakira izo mpunzi.

Gushika ubu ishirahamwe ritabara imbabare CROIX Rouge na Ligue Iteka, akaba aribo bafasha izo mpunzi, ikindi gihe naho, bagafashwa n’abandi bahasanze kuko nabo bavuga ko ubuzima bw’uguhunga babuzi, na cane cane iyo uhunze ataco ufise. Abo bose bakaba basaba Leta ko yogarukira abo bantu bahunga co kimwe n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike.

Twobibutsa ko abo birukanwa baguma baza ku munsi ku munsi, ndetse bakaba bashikira mu ntara z’Uburundi ziri ku rubibe n’igihugu ca Tanzaniya.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.