Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gitega : Umugambwe MSD utera ivyatsi ivyavuzwe n’abahoze ku rugamba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Gitega : Umugambwe MSD utera ivyatsi ivyavuzwe n’abahoze ku rugamba

Gitega : Umugambwe MSD utera ivyatsi ivyavuzwe n’abahoze ku rugamba

jeudi 2 Ndamukiza 2015

Umukuru w’umugambwe MSD mu ntara ya Gitega, asaba abanyagihugu b’i Gitega n’abarundi bose kurikanura, na rirya bigaragara ko igihugu gishobora kurwa mw’isanganya ry’intambara, amaraso agaseseka.

Mw’itangazo Epithace Nshimirimana arongoye MSD i Gitega yasohoye, asaba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kudaha agaciro ivyavuzwe n’abahoze ku rugamba, bashigikiwe na Jean Baptiste Nzigamasabo batazira Gihahe, umushingamateka yatowe mu ntara ya Kirundo, ko babwirizwa gushigikira ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, aho bagabishije abazokwihereza amabarabara bose bariko biyamiriza ico kiringo.

Umukuru w’umugambwe MSD mu ntara ya Gitega, akaba yibaza ingene amatora meza yama avugwa n’umukuru w’igihugu azoba, mu gihe abo bahoze ku rugamba bagabirije kuzoyatoba, bikagaragara ko Reta idashaka igaruka ry’abakuru b’imigambwe imwe imwe bahunze igihugu nka Alexis Sinduhije umukuru w’uyo mugambwe, hamwe n’abandi.

Mu kiganiro c’uwurongoye urunani rw’abahoze ku rugamba Moise Bukuru, abo bahoze mu mihari irwana bavuze ko umukuru w’igihugu bamwitoreye rimwe gusa mu mwaka w’2010, nayo mu mwaka w’2005 batari batumye abashingamateka n’abakenguzamateka bamutoye.


Aristide Nizigire

Messages

  • harikintu kingaza hariho abantu bagomba gufatwa nkabanyamahanga igihugu nicacu twese kandi nico camavukiro ikindi nimubuhungiro nicogituma tuzoguma tubungabunga umutekano ninzego twitoreye kuko abamenyereye kuronka basheshe amaraso turabazi nibateshwe bate

  • Epithace’wee warishumwanawawe umunigiramuri’douche’ kand’umenyek’ugikurikiranwa’nubutungane’ igihewafunzwe’nac’urakizi.

  • Burya uravy Sinduhije Alexis ukuntu yagumuy abajen,akaca ahunga,haragez aho vyagirizwa Leta ngo yans kwagaruka? Hoh niyo yamwirukany? Ahubwo abatera akajagari nabo bashaka kwihereza amabarabara ngo Kubera Mandat ya Nkurunziza.Ahubwo nibahangan nuwuj wes Ntibatiny umuntu ngo bahend abanyagihugu

  • nibareke ubwoba mureke yitoze nimba yakoze nabitumucure aruhuke yakoze neza naho tumushimire ivyokuja mumabarabara bireke ntahovyodushikana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.