Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gitega : Urwaruka rusabwa kumenya kwitegurira kazoza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Gitega : Urwaruka rusabwa kumenya kwitegurira kazoza

Gitega : Urwaruka rusabwa kumenya kwitegurira kazoza

jeudi 19 Kigarama 2013

Ishirahamwe Fontaine-Isoko ryifadikanje na SPARK, ryatanguje ihuriro ry’urwaruka ruva mu mihingo itandukanye y’Uburundi no mu mirwi itandukanye y’ubuzima bw’igihugu.

Kw’igenekerezo rya 18 Kigarama, mu ntara ya Gitega mu kigo c’ababikira bene Tereziya, niho uwurongoye ishirahamwe Fontaine-Isoko yugurura ibikorwa vy’iryo huriro rizomara iminsi ibiri.

Mw’ijambo ryavuzwe n’umuhanuzi mukuru wa buramatari w’intara ya Gitega, akaba yatanze ikaze kubatumire bari muri ivyo bikorwa, ku civugo « ihuriro ry’urwaruka ku bijanye n’imibano n’ubutunzi vy’urwaruka rw’i Burundi », umunsi wa mbere w’ibikorwa waranzwe n’ivyigwa vyatanzwe n’abahinga ku bijanye n’imibano n’ubutunzi bw’igihugu n’uruhara rw’urwaruka.

Umuhinga wa mbere yatanze ikiganiro k’umugambi wa Fontaine-Isoko yashimikiye ku rwaruka ruzi ico rukora kandi ruriko rurakora « jeunes conscients et en action ». Muri ico cirwa, Niyongabo Augustin arongoye uwo mugambi, yasiguye yogera atanga uturorero ku rwaruka rw’Uburundi ruriko rurakora rwiteza imbere, kandi ruteza imbere n’igihugu, aha aravuga nk’umusore Jean de Dieu Nkurunziza amaze gutera ibiti bigera ku miliyoni zitanu. Amenyesha ko urwaruka nk’urwo rukenewe cane mu gihugu c’Uburundi, aho Reta atabuzi yoronka itanga ku bahejeje amashuri bose. Augustin ati : « Umwe wese ategerezwa kumenya kuguruka n’amababa yiwe, kugira yitegurire kazoza ».

Icirwa ca kabiri catanzwe n’umuhinga mu vy’ubunzi asanzwe akora mu bushikirangaji bujejwe ikigega ca Reta mu gisata co gutunganya ingene amahera ya Reta atangwa mu bisata bitandukanye. Faustin Habonimana yatanze icigwa kijanye n’uburyo Reta ishira mu bisata biraba urwaruka. Muri ico cigwa hagiye haboneka ko mu mahera yagiye akoreshwa na Reta kuva mu mwaka w’i 2012, umwaka 2013, biboneka neza ko muri ivyo bisata hashirwamwo amahera make ugereranije n’ibisata. Yatanze uburorero butari buke, harimwo ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama. Hanini muri ico kiganiro, kwari ukwibutsa urwaruka rwari aho, ko rwonyene rwotegurira imigambi yo muri kazoza, muri ya migambi ya Reta ya 2025, ivyo yise « microvision ».

Kuri ico kiganiro habaye ibikorwa vyo mu mirwi aho umurwi wose watanze ivyo wipfuza kuba, gushikako mu mwaka w’i 2025. Ku muhingamo, René Claude Niyonkuru, yatanze ikiganiro ku bijanye n’uruhara rw’urwaruka mu gufata ingingo mu Burundi n’ingorane ruhura nazo canke amahirwe ruronka. Ikiganiro caryohewe abari bitavye ibikorwa kuko cakora ku buzima bw’urwaruka aho kenshi hatorwa amategeko agenga urwaruka canke hagafatwa ingingo ziraba urwaruka rutagishijwe inama.

Muri ivyo vyirwa vyose, icabonetse ni ukwo urwaruka rw’uburundi rusabwa guhera kuri bike bishobora kuboneka maze rukubakira kuri vyo, rusabwa kandi kugira imigambi yo bateza imbere bakirinda ivyiyumviro vyo gutega amaboko abagira neza kandi bashobora gukora narirya rufise ubumenyi n’inguvu. Tukaba twobamenyesha ko urwaruka rugera kuri 87 ari rwo ruriko ruhabwa izo nyigisho.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Mwarakoze ku nkuru mwatanze ya Fontaine ISOKO ariko nagire nterere hari amazinaamwe amwe . Faustin ni HABIMANA ;NKurunziza Jadot ,ibiti ni 5O millions

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.