Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Giteranyi : Aba FNL batanu bayoboka Rwasa bapfunzwe babanje (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Giteranyi : Aba FNL batanu bayoboka Rwasa bapfunzwe babanje (...)

Giteranyi : Aba FNL batanu bayoboka Rwasa bapfunzwe babanje gukubitwa

lundi 23 Ruhuhuma 2015

Abanywanyi batanu b’umugambwe FNL wigenga usanzwe uyoboka Agathon Rwasa bapfungiwe muri zone ya Ruzo muri komine ya Giteranyi.

Abo banywanyi bakaba bafashwe kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 22 Ruhuhuma, inyuma y’aho bari bagiye kuramutsa abagenzi babo. Mu nzu abo banywanyi ba FNL wigenga usanzwe uri mu runani RANAC Dushayure Uburundi bwogorore barimwo, bakavuga ko bagiye babona Imbonerakure zitwaje ibibando hamwe n’abandi bafise imbugita, bari kumwe n’abaporisi babinjiriyeko. Bamwe mu banywanyi ba FNL bakaba baciye bayanyaga, barahunga ariko abandi batanu barafatwa, barakubitwa barashaya, nk’uko aya makuru tuyakura aho mu Ruzo abivuga.

Mu ntwaro bavuga ko abo banywanyi ba FNL bariko baragira inama batabifitiye uruhusha. Eka mbere hakaba haranafashwe na zimwe mu mpapuro z’urunani RANAC hamwe n’amasanamu ya Agathon Rwasa asanzwe ariwe arongoye urwo runani rutavuga rumwe na CNDD FDD.

Mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana rero, babiri kuri abo batanu bapfunzwe, bakaba baje gusohorwa n’igiporisi ariko baranka, kuko bavuga ko batari bazi iyo bagira bajanwe, ariko guca bashirwako amapingu ku maboko. Bikavugwa ko kugeza mu gatondo ko kuri uno wa 23 Ruhuhuma, bari bakiriko ayo mapingu aho bapfungiwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ntaco mvuze ariko da birasanzwe none dukore iki ko.......

  • Nibareke gutoteza aba Fnl kuko nibo baramukiwe gutwara igihugu.

  • Kuvakera kw’Isi yose nubwo atobarukwigisha ibintu vya politike iyukozibintu vyutunama usabzwe utazwi mubitabu vyubushijiranganji bwitwaro yohagati mugihugu ntakibuza uburimumakosha, ndaska kubaha akarorerokamwe, mbemuraziko ugiyukagira imoto ukaca uyishira mubijorwa vyogukora mubu motaree utabanje gushikira abashinzwe uwomwuga kutegerezwa gufatwa ugahanwa?. Barundi barundikazi Democratie ijananamategeko’ mukabamwibazango democratie kwarukugendankuruyuzi rugenda rukazagukata aruko rugonze ikintu bizobagira!.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.