Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Giteranyi : Abadasigana batatu bahora bapfunzwe barekuwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Giteranyi : Abadasigana batatu bahora bapfunzwe barekuwe

Giteranyi : Abadasigana batatu bahora bapfunzwe barekuwe

mardi 3 Ruheshi 2014

Abanywanyi b’umugambwe w’Abadasigana UPRONA muri komine Giteranyi bafatiwe bagatabwa muri yompi bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu, barekuwe.

Jean Baptiste Niyongabo umukuru w’umugambwe wa Rwagasore muri komine ya Giteranyi n’umupfasoni Mariya Minani arongoye uyo mugambwe muri zone ya Ruzo hamwe na Majambere Jean Bosco, bose bari bamaze iminsi bapfungiwe mw’ibohero ry’i Muyinga, bakaba barekuwe, inyuma yaho bagirijwe kuba aribo batanze amakuru kw’iradiyo Bonesha FM, yavuga amazina y’abantu bahawe ibirwanisho muri iyo komine, ku misozi imwe imwe ya zone ya Ruzo. Bose ukwo ari batatu, bakaba baciye bagirizwa icaha co guhungabanya umutekano w’igihugu, baca batabwa mu mvuto.

Mwomenya ko inyuma y’aho abo badasigana bapfungiwe, havuzwe vyinshi, ndetse hakanavugwa umugambi wo gutegeka umupfasoni Mariya Minani ko yokwemanga ko abamenyeshamakuru, aribo bamutegetse kuvuga ko ibirwanisho vyatanzwe muri iyo komine na cane cane muri zone ya Ruzo, kugira ico caha yagirizwa kije kubavugishije iyo nkuru kw’iradiyo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.