Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gukoresha inkoni mu guhana abanyeshure ngo birahungabanya agateka ka zina (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Gukoresha inkoni mu guhana abanyeshure ngo birahungabanya agateka ka zina (...)

Gukoresha inkoni mu guhana abanyeshure ngo birahungabanya agateka ka zina muntu.

samedi 19 Nzero 2013

Mu ngendo yo kubahiriza agateka ka zina muntu n’akabana, abajejwe indero nta nyungu babonye mw’ikoreshwa ry’inkoni, ariko naho bimeze uko kandi abajejwe indero bakabihurizako ntamategeko ajanye n’ukubahiriza kudakoresha inkoni mu mashure rirajaho ,eka mbere nta n’igihano gitegekanijwe kuwakoresheje inkoni.

Naho abajejwe indero n’ukuvuga abigisha bahimirijwe n’abarongoye indero eka n’abaharanira agateka ka zina muntu ko kizira gukoresha inkoni bamwe barabitahuye ariko abandi bo bavuga ko inkoni yamye ituma abana basamara babona ko kizira ku bikora mugihe umwigisha aba ariko arasigura icirwa. Umwigisha wo kw’ishure ritoyi ryo ku Musaga mu gisagara ca Bujumbura twavuganye yemeza ko bigoye gutuma abana hafi 70 bo mu mwaka wa kabiri yigishamwo bakwirikira mugihe atokoresha inkoni.

Uyo mwigisha w’umukenyezi mbere avuga ko wewe adashobora kwinjira mw’isomero adafise inkoni mu maboko,ariko avuga ko bidaca bisigura kurenza urugero mu guhanisha umwana inkoni mu gukoresha agacamurongo canke inkoni zituma umubiri w’umwana usinzikara.

Kw’ishure ritoya rya Stella Matutina hagati mu gisagara ca Bujumbura hoho ,abigisha batandukanye twavuganye bemeza ko iyo ngendo ari iyakera kandi yataye igihe. Bobo bavuga ko bihaye ingendo y’ibiganiro n’abana mu gushira imbere impanuro n’uruhara rw’abavyeyi ku ndero y’abana mu kubandikira ku munsi ku munsi ingene abana babo bifata mw’ishure . Abo batanga indero kuri Stella baranegura umugirwa wo gukoresha inkoni kw’ishure ngo kuko bituma abana biga bafise ubwoba, ivyo navyo bigaca bigira ingaruka mbi ku mwimbu w’umunyeshure.

Abavyeyi batandukanye twavuganye bo ntibashigikira na gato ikoreshwa ry’inkoni kw’ishure eka mbere kiretse inkoni ngo abigisha bovavanura n’ingendo yo gushaka gukoresha ico cose kibangamira amagara y’abana bajejwe kurera .

Nestor ndikumana umuvyeyei twavuganye afise umwana yiga mu mwaka wa kane atanga akorero k’umwana wiwe yatashe avyimvye kw’itama yakubiswe ikofi n’umwigisha wiwe Ndikumana, ati vyarangoye ingene uyo mwana ndamuhendahenda kugira yemere gusubira kw’ishure kuko atakindi yabona muri uyo mwigisha atari kubabazwa.

Abayobozi batandukanye mu mashure baranegura abigisha bagikoresha ubwo buryo bwa kera mu guhana abana, bagasaba ko hoba guhimiriza bikwiye kugira iyo ngendo iranduranwe n’imizi mu mashure, mbere ngo n’ibihano bishirweho n’ubushikiranganji bw’indero ,ngo kuko inkoni ziteranya abavyeyi b’abana ku ruhande rumwe, abigisha n’abayobozi bw’amashure ku rundi ruhande.


Raymond Nzimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.