Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gustave NIYONKURU yafashwe akekwa gutegura imyiyerekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Gustave NIYONKURU yafashwe akekwa gutegura imyiyerekano

Gustave NIYONKURU yafashwe akekwa gutegura imyiyerekano

mercredi 15 Ndamukiza 2015

Gustave NIYONKURU niwe yafashwe n’igiporisi yagirizwa ko ariko ategura imyiyerekano mu gisagara ca Bujumbura.

Uwo munyagihugu nk’uko twabibonye, akaba yafashwe n’abaporisi babiri aho bita kuri BATA, aca ajanwa igikubikubi, mu gasho k’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura. Ahitwa kuri BATA rero hakaba hari abaporisi benshi, baguma biyongera ku mwanya, kandi akaba ata muntu n’umwe arekuriwe kuhahagarara akanya, canke ngo hagire umuntu avugana n’uwundi bahagararanye. Abaporisi harimwo na bamwe mu bakozi b’igendereza bambaye impuzu zisanzwe, bakaba baboneka mu bwinshi, bumviriza abariko barayaga. Igihe uwo munyagihugu wo mw’i Jabe muri komine ya Bwiza yafatwa, umwe mu ncuti ziwe, akaba yavuze ko bamufashe ariko ararengana. Uwo mukenyezi ati : ’’Uburundi bwacu bwuzuye akarenganyo’’.

Abatari bake rero mu banyagihugu bari ngaho, bakaba basa n’abarindiriye iyo myiyerekano yavuzwe ko ihava itangurira ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura. Abayiteguye ahabo, bamenyesha abayoboke babo ko iyo myiyerekano itangura umwanya uwariwo wose. Tukabamenyesha ko bamwe mu bateguye iyo myiyerekano nka muganga Yohani Minani arongoye umugambwe FRODEBU Nyakuri, avuga ko yazindutse akikujwe n’abaporisi. Ikindi ni uko, ata mapikipiki ariko aremererwa kurengana ibiraro.


Aristide Nizigire

Messages

  • None kuberiki batavyihojeje kandi bari bababujije sha twe abantu bato bato tuzopfa tuzirubusa na reta irakwiye kwisubirako igaha umwidegemvyo abanyagihugu

  • igihugu kidakubita imbwa cyorora imisega. ndasaba reta y’uburundi ko yahaguruka ikarwanya abobose bashuka abanyagihugu batobato ngo bajye kurwanya abapolice kuko alshabab ishobora kwivanga nabo ikoreka imbaga,nacyane cyane ko uburundi bufise ingabo muri somaliya. abazungu nti babahende ngo ni democratie iwabo bahora bari maso. bashobora kwitwaza ibyikiringo cya 3 bakica abantu benshi. reta nibe maso isabe nubufasha aho bateyimbere kugira ikingire abanyagihugu.

  • @ Mwanangu Nivyo. Hari inzira zibiri reta ishobora gutorera umuti ikibazo c’abo itwara. 1. Ishobora gukoresha ubwo buryo utanze, bigatuma abanyagihugu benshi bahasiga ubuzima bwabo. 2. Canke Igakoresha demokarasi mukwumvira igice kinini c’abanyagihugu, hanyuma bigakiza igihugu cose. Ahubwo nawe wogira ngo ubwenge bwawe buracuritse. ugendera kumutwe amaguru hejuru? Wibagiye ko umukuru w’igihugu ari umukozi w’abanyagihugu? Mfasha gutahura ukuntu abazungu bari kuduhenda. Akagwi k’abashigikiye NKURUNZIZA kakoze imyiyerekano mumahoro! Hanyuma Igihugu cose kigize ngo cerekane aho gihagaze, igiporisi kigaca kirara kiriye amavubi. Jewe ntamuzungu ari kumpenda. Abarundi dushaka ko amategeko akurikizwa! Ntidushaka intwaro nkiya Kagame I Burundi!!! Aho abatamushigikiye baca bapfa!

  • IVYO NIVYO IVYO BIGABO BIDUHENDA NGO TUJE MU MABARABARA TUZOVYEREKA KUKO TWEBWE DUKENEYE GUKORERA IGIHUGU CATWIBARUTSE.
    AHUBWO UWUZOSUBIRA KUMBWIRA NGO NJE MU MABARABARA TUZOHURA...NKUBU RWA MINANI RWAGUMYE RWITEMBERERA MURI PRADO RUGARAMYE....ONESIME NAWE YABIRA ABAGORE GUSA....LEONCE WEWE YAGUMYE KURI TELEFONE ARI MUHIRA..NYAMOYE EST TRES INTELIGEENT NTAKAJAMBO UMWUMVAKO!!!!!

  • nikubasekeza abo bagumutsi

  • Jewe ntaconovuga kuk hari vuga nazib arik harigih tuzofatijamb natwe baturengany barek icanditwe ntigisib

  • We nduwimana turahuje naje sinzohonyora mwibarabara. Ubwo harya muka minani,muka onesime,muka leonce nabana babo bose bari baje? Ico tudahurijeko nabo bagore uvuz ngo onesime ariko arabira. Mb wabonye yariko abagirira he?

  • jewe mbonako bobareka bakagaragaza akababaro kabo

  • nintumva badandaje bungutse nkanobagire babwirabagabo gute abagiye mumyirekano nibagemurire abobarikumwe ibara muragowe murintumva ababatumye batiryamiye muhira abagorebabobise barihanze namwe mutagiramikoro ngoturaje PNB irabanona nikomere vyanse tuxojamwo tubafate

  • jewe icombona nibabareke bagaragaze ikiri kumutima ahubwo abo ba porisi nibacungerere umutekano nkuko bacungereye abandi kuwagatandatu

  • emwe nimureke yitoze twebwe twicire urubanza mumatora barundi mutekane

  • Muri bible handitseko uwicishije inkota azokwicwa n’inkota kandi ukunda abayo .ivyo vyose nkurunziza arabizi namba ya bible ahora asoma ariyukuri! sivyo none ga piyeri we !

  • Nareke abandi bakore nakare irya ziryoha zisagiwe ??

  • nakurikiranwe hakore ukuri yagiriwe nicaha ahanwe vyakarorero gutyo ubugumutsi buhere murakoze

  • yemw imana yavuz twumvir abadutwar non urwosurudub nibarek guhendwa woryabik ukaryamakar

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.