Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gutahukana impunzi z’abarundi zari muri Tanzaniya vyaraheze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Gutahukana impunzi z’abarundi zari muri Tanzaniya vyaraheze

Gutahukana impunzi z’abarundi zari muri Tanzaniya vyaraheze

jeudi 27 Kigarama 2012

Ubushikiranganji bwo gufatana mu nda, agateka ka zina muntu no kunganisha ibitsina buri kumwe n’ishirahamwe HCR baratunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uno wa mbere igenekerezo rya 24 kigarama 2012 kikaba catunganijwe mu ntumbero yo kumenyesha ko igikorwa co gutahukana impunzi zari i Mtabila muri Tanzaniya caheze.

Reta y’U Burundi,reta ya Tanzaniya iri kumwe na HCR bari bumvikanye ko bategerezwa gutahukana impunzi zari mw’ikambi y’impunzi I Mtabila mu gihugu ca Tanzaniya. Iki gikorwa kikaba caheze kw’igenekerezo rya 11 kigarama mu gihe vyari bitegekanijwe ko kizohera itariki 31 kigarama 2012.Gushika ubu abantu barenga ibihumbi mirongo itatu bakaba baramaze gushika mu gihugu.

Kubwa Katherine Huck aserukira HCR m’U Burundi,ico gikorwa cashobotse kubera umwumvikano no gukorera hamwe vyaranze ubushikiranganji bwo gufatana mu nda n’abandi bafashije muri ico gikorwa,amenyesha ko uko bakiriwe bishimishije mu gihe imiryango 100 ariyo ikeneye inzu n’amatongo ngo igikorwa kitazotera ingorane nyinshi.

Ku bijanye no kumenya ko hoba hari ivyasigaye I Mtabila,uwuserukira HCR yamenyesheje ko ivyategerezwa kuzanwa vyose vyaje,ariko yamenyesheje ko ingorane ifatiye ku kuntu abatahukanwe bazoshikanwa mu makomine bavuyemwo ko ivyo bibasaba kurindirira mu bibanza vyari vyateguwe aho bamara ijoro rimwe canke abiri imbere yuko bajanwa n’imizigo yabo.

Umushikiranganji wo gufatana mu nda Clothilde Niragira ngo gushikana abo bahungutse mu ngo zabo bisaba igikorwa kitoroshe kuko bisaba ko haboneka infungurwa,uburaro,amashuri n’amazi meza eka mbere n’ibijanye n’imibano hamwe n’abandi barundi. Ku bijanye n’uburaro umushikiranganji yamenyesheje ko hari abibagiye aho bavuye ko hariho n’abatahafise ariko ko atari benshi.

Ku bijanye n’indero umushikiranganji yamenyesheje ko mu gihe hari abahungutse batari bake bakeneye kwiga,ubushikiranganji atwara n’ubwo indero hamwe na Unicef n’abandi bafasha bariko barategura uko abo bahungutse bazoja mu mashuri.

kw’ifoto
: Clothilde Niragira,umushikiranganji w’ugufatana mu nda


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.