Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hagiye kujaho itegeko risubiza iteka abubakanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Hagiye kujaho itegeko risubiza iteka abubakanye

Hagiye kujaho itegeko risubiza iteka abubakanye

dimanche 21 Mukakaro 2013

Mu nama yarimwo n’imvukira zo mu ntara ya Kayanza ku munsi wa gatanu muri komine Gatara, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yamenyesheje ko mu minsi ya vuba inama nshingamateka izokwiga itegeko rihana kandi rikabuza guharika, kubana bitazwi n’amategeko, hamwe n’ugutuza amabi akorwa hagati y’abubakanye.

Miri iyo nama yari ishimikiye ahanini kw’iterambere, Petero Nkurunziza yamenyesheje ko iryo tegeko rizoba rije gusubiza iteka imiryango yari yarasambuwe mu bice bimwe bimwe n’abubakana bidaciye mu mategeko.

Kubw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, umuryango niwo ntango ya vyose. Igihugu ntigishobora gushika kw’iterambere mu gihe mu muryango boba badacana uwaka, ari naco gituma yaciye amenyesha ko iryo tegeko niryamara kuhaja, abazokwagirwa n’icaha co kubana bitazwi n’amategeko canke abubakanye batanditswe bazokurikiranwa kandi bahabwe ibihano.

Umukuru w’igihugu yarakebuye abavyeyi basigaye batitaho indero y’abana babo, aho yatanze akarorero k’abana baharurwa mu bihumbi mu gihugu cose basama imbanyi, cane cane mu mashure mato mato n’ay’isumbuye.

Umukuru w’igihugu yasavye abavyeyi kugarukira indero n’akaranga k’aho hambere, yibutsa ko indero y’abana ari umwitwariko w’abavyeyi mu kibanza ca mbere.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.