IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Hakwiye gushirwa mw’ibwirizwa Shingiro ingingo zituma abamugaye (...)

Hakwiye gushirwa mw’ibwirizwa Shingiro ingingo zituma abamugaye baserukirwa

vendredi 30 Munyonyo 2012

Uwurongoye urunani rw’amashirahamwe y’abagendana ubumuga mu Burundi Pierre Claver Seberege asaba Reta ko mw’ihindurwa ry’Ibwirizwa Shingiro be n’ayandi mategeko amwe amwe nk’irigenga amatora yimirije guhindurwa, ko hokongerwamwo ingingo zezekana ingene abagendana ubumuga boserukirwa mu nzego z’igihugu.

Ku bwa Pierre Claver Seberege ngo abagendana ubumuga umuntu aravye ingene bangana n’ingene bamerewe ngo birakwiye ko baserukirwa. Ibiharuro bitangwa n’ishiramwe OMS be n’ibanki y’isi yose ngo abagendana ubumuga baharurwa ku bice 15 kw’ijana kandi ibice 77 kw’ijana vyabo ngo bari mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere. Nayo rusansuma rw’abantu n’uburaro rwo mu 2008 rwerekanye ko abagendana ubumuga bukomeye bari ibice 45 kw’ijana ni ukuvuga abashika 360.000. Umuntu afatiye ku biharuro vya OMS be n’ibitangwa na rusansuma ngo aca asanga abagendana ubumuga mu Burundi barenga 1.200.000

Abamugaye rero ngo bakwiye guserukirwa ngo kanatsinda hari n’iyindi migwi mito mito isanzwe iserukiwe mu nzego kandi idashikana ivyo bitigiri. Kuko guserukirwa kw’abamugaye ngo kwoca muri bimwe vyo kugena igitigiri kanaka coserukira uwo mugwi w’abamugaye nka kurya babigize ku batwa canke abakenyezi narirya ngo usanga ari abantu badashoboye kwiruka mu misozi barondera amajwi.

Mu kiganiro ayo mashirahamwe yahaye abamenyeshamakuru, yamenyesheje ko ivyo vyotuma abamugaye baserukirwa ngo ni uko n’amasezerano agenga ishirahamwe ry’ibihugu bigize umuryango wa Afirika y’Ubuseruko EAC yemeza uko guserukirwa kw’abantu bagendana ubumuga. Mu gihe bitagenze gutyo ngo biraheza bigatera ingorane iyo hari umugambi ivyo bihugu bigomvye gukorera hamwe werekeye abagendana ubumuga kandi hari igihugu kitarashira mu ngiro ayo masezerano.

Yaribukije kandi ko amasezerano mpuzamakungu yubahiriza agateka k’abagendana ubumuga yatewe ko igikumu ku wa 13 Kigarama 2006. Ayo nayo akaba afise intumbero yo guteza imbere no gukingira agateka k’abamugaye. Ayo masezerano rero ngo yatanguye gushirwa mu ngiro ku wa 3 Rusama 2008. Kw’isi yose rero ngo ibihugu 147 biramaze kuyashirako umukono nayo ibishika 99 bikaba bimaze kuyashira mu ngiro.
Mu karere ka EAC naho Uburundi bwonyene bukaba aribwo butarayashira mu ngiro. N’Uburundi ngo ntibwosigara inyuma mu gushira mu ngiro ayo masezerano kuko ngo ari intambwe ihambaye mu guhindura ingene abantu babona uwugendana ubumuga, bigatuma abantu babona ko uwugendana ubumuga ari umuntu nk’abandi banyagihugu bose.

Vyongeye, ayo masezerano ngo nta burenganzira aje kwongerako ahubwo aza gutsimbataza agateka ka muntu kajanye n’abagendana ubumuga. Mu gihe reroUburundi ngo bwemeye umugambi wo kurwanya ubukene mu ntumbero yo gushikira ya migambi y’ikimpumbi mu bijanye n’iterambere, ibijanye n’abagendana ubumuga ngo ntiboheza ngo basigare inyuma.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.