Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hariho uburyo kama bwokoreshwa mu gutandukanya imvyaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Hariho uburyo kama bwokoreshwa mu gutandukanya imvyaro

Hariho uburyo kama bwokoreshwa mu gutandukanya imvyaro

samedi 22 Ruheshi 2013

Ekleziya catolika mu Burundi ntishigikiye namba uburyo bwo gutandukanya imvyaro bwa none kuko ku bwabo bufise ingaruka mbi nyinshi ku magara y’abantu.

Kubwa Patiri Ignace Nkurunziza ajejwe ubutumwa bwaba Laics, Ekleziya irafise ubundi buryo kama iriko iragerageza kandi ngo biramaze kuboneka ko bufasha gutandukanya imvyaro kandi nta n’ingaruka mbi n’imwe butera ku magara y’abantu baba babukoresheje, aha akavuga nk’ukuraba ibimenyetso vyerekana ko umukenyezi ari mu gihe co gusama, hanyuma abubakanye badashaka umwana muri ico gihe bakihangana.

Patiri Ignace Nkurunziza agirako avuga ko bimaze kugaragara ko uburyo bwo kwa muganga (bwa none) bw’inshinge, ibinini, akagegene n’ibindi bugira ingaruka mbi nyinshi ku magara y’ababukoresheje, aha n’inkukugira ibivyimba mu nda, kubura umwana igihe umukeneye n’ibindi, ivyo bigakunda gushikira abavyeyi baba bamaze igihe babukoresha.

Ku kibazo c’uko Ekleziya gatolika itohava ifatwa nk’iyiriko igwanya imigambi ya Leta, Patiri Ignace Nkurunziza amenysha ko atarivyo namba kandi ko n’abo nyene babona ko abantu bariko baragwirirana ku buryo burenze, ari naco gituma basaba ko boshira hamwe ubwo buryo bubiri bwo gutandukanya imvyaro, maze umuntu akitorera ubwo ashaka gukoresha.


Egide Ndayisenga

Messages

  • None uburyo kama bwo gutandukanya imvyaro twobumenya gute? Twosuzuma gute igihe co kihangana n’ikitarico? Turasavye navye muzobitwandikire kugira bidufashe kumbure n’abatari mu Burundi bishobore kubashikira. Murakoze!

  • Mwatubwiy Kubijany Nuburyo Kama None Ugutohoza Ibihe Umunt Abigdnza Gt ?? Mbega Hoho Ni Gihe Icah Kiba Gikwiy Co Gukorerako Iryo Banga Ryo Kuburiri ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.