Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hasigaye umusi umwe gusa, abakristu bazikenyeye pe! - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Hasigaye umusi umwe gusa, abakristu bazikenyeye pe!

Hasigaye umusi umwe gusa, abakristu bazikenyeye pe!

lundi 11 Ntwarante 2013

Amasinzi y’abakristo b’abanya BRESIL abanyamerika, abakongomani n’abanya filipine n’abandi bava mumihingo itandukanye yo kw’isi bari bitabiriye imisa yasomwe n’aba kardinali bari mubitezwe kuzotorwamwo umupapa.

Abo bakristu umwe wese n’igihugu avamwo bari baje gushigikira aba kandida babo. nka Odilo scherer wo muri bresil Angelo Scola ava mu butaliyano umukaridinali w’umukongomani Laurent Monsengwo n’abandi.

JPEG - 16.9 ko

Mugihe hasigaye umusi umwe abakaridinali bagatora umu papa mushasha abo bakaridinali barashingiwe intahe n’abakristu babo nk’akarorero umukristu yitwa maria bettini w’umunyabresil yavuze ati “musenyeri Scola ni umuntu mwiza ari hamwe yotorwa yofasha cane ekreziya gukomera no gutera imbere kandi nanje ndamusengera kugirango azotorwe”.

Abakongomani nabo bati “ nta nkeka ko Laurent monsengwo azotorwa kuko akwije ibisabwa vyose ica mbere amaze imyaka 40 akorera vatikano ashobora kuvuga indimi 14 zitandukanye kandi arazi neza iki latini ari hamwe yotorwa kuri twebwe abakongomani yoba ari intsinzi ikomeye. N’abandi ba karidinali bashingirwa intahe ukwo nyene .

Mwomenya ko ku musi wa kabiri ariho umupapa mushasha azosubirira benedigito wa16 azotorwa.


Sylvere Bavumiragiye

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.