Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hoba hagiye guhimbazwa umunsi mukuru wahariwe umurwanyi kabiri mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Hoba hagiye guhimbazwa umunsi mukuru wahariwe umurwanyi kabiri mu (...)

Hoba hagiye guhimbazwa umunsi mukuru wahariwe umurwanyi kabiri mu mwaka?

jeudi 19 Nyakanga 2013

Umunsi mukuru w’umurwanyi usanzwe uhimbazwa n’umugambwe CNDD-FDD kw’igenekerezo rya 17 Munyonyo ukwo umwaka utashe, mu mugambwe w’Abadasigana Uprona bo babona ko uyo munsi wohimbazwa kw’igenekerezo rya 5 Ruheshi ukwo umwaka utashe.

Iyo migambwe yose ukwo ari ibiri isanzwe ariyo ifise ubutegetsi muri iki kiringo ca kabiri c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, kuko umwe ufise umukuru w’igihugu, uwundi ukagira icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, batanga insiguro zibiri zidasa kuri uyo munsi mukuru w’umurwanyi.

Umushingamateka Karori Nditije abona ko umunsi mukuru w’umurwanyi wohimbazwa kw’igenekerezo rya 5 Ruheshi kubera abarundi bangana ibihumbi bitanu basize ubuzima ku musozi Ndago, muri komine ya Muramvya intara ya Muramvya mu mwaka w’1899 mu gihe c’abadagi, ndetse aho nyene hakaba harubatswe minoterie mu nyuma. Abo banyagihugu isinzi baguye muri ico kibanza, bakaba bariko bararwana na bakavantara, bariko bacura Uburundi n’abarundi bufuni na buhoro. Ku bwa Uprona rero, abo nibo bakwiye kwitwa abarwanyi, kuko barwanye bose bafatanye mu nda, barwanya umwansi umwe, kandi barwanira Uburundi ari abarundi, bakaba batariko barwana na benewabo.

Muri CNDD-FDD naho umunsi mukuru w’umurwanyi bahimbaza kw’igenekerezo rya 17 Munyonyo ukwo umwaka utashe, bakaba bawuha intumbero yo gushimira urya murundi n’umurundikazi wese yitanze mu rugamba rwo guharanira intwaro rusangi, ubutungane n’iterambere. Muri CNDD-FDD umugambwe uri ku butegetsi kuva mu mwaka w’2005, bakaba bavuga ko hari abagabo n’abakenyezi ibihumbi n’ibihumbi baguye ku rugamba, ndetse abandi barahamugarira mu gihe bavuga ko abatabarutse aribo bariko barubaka igihugu ubu. Muri uyo mugambwe rero bakaba bavuga ko umunsi mukuru w’umurwanyi ari akaryo keza ko guha ubutumwa bukomeye, abantu bose bahamagarira urwaruka mu bikorwa vy’ububegito kubera inambu y’ubutegetsi, canke guhababukira amaronko.

Ubu rero igisigaye kumenya ni ukwo umunsi mukuru wahariwe umurwanyi, uzohora uba kabiri mu mwaka, umwe mu kwezi kwa Ruheshi kw’igenekerezo rya 5 wasabwe n’umugambwe Uprona, uwundi wo mu kwezi Munyonyo kw’igenekerezo rya 17 wama witabwa n’abari mu mugambwe CNDD-FDD, uhereye ku mukuru w’igihugu, abagize Leta yiwe, abashingamateka, abakenguzamateka, abahoze ku rugamba n’abandi.

Kuri ivyo rero umuntu ashobora kwibaza utubazo dukurikira:

1. Mbe hoba hagiye kuba ibiganiro hagati ya CNDD-FDD na Uprona basanzwe basangiye ubutegetsi kuva mu mwaka w’2005, kugira bafate igenekerezo rimwe, ukwezi kumwe kuri uyo munsi wahariwe umurwanyi?

2. Mbe hoba hagiye kuzohora hahimbazwa iminsi mikuru ibiri yahariwe umurwanyi, umwe mu kwezi kwa Ruheshi, uwundi mu kwezi kwa Munyonyo?


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.