Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hussein Radjabu :’’Nditeguriye kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu...’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Hussein Radjabu :’’Nditeguriye kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu...’’

Hussein Radjabu :’’Nditeguriye kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu...’’

mercredi 11 Ntwarante 2015

Hussein Radjabu yemeza ko ariwe akirongoye umugambwe CNDD FDD, ko ndetse ikoraniro ry’i Ngozi ryamukuye ritakurikije amategeko.

Hussein Radjabu amenyesha ko ashigikiwe n’abagumyabanga ba CNDD FDD, ko mbere babimusavye, ashobora n’ukwitoza, akabaserukira mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’2015. Hussein Radjabu yari yakuwe ku burongozi bw’umugambwe CNDD FDD n’ikoraniro ryabereye mu ntara ya Ngozi mu mwaka w’2007, inyuma y’aho akaba yaciye atabwa mu mvuto, abanje gukurwako ubudahangarwa, mu nyuma aca yirukanwa co kimwe n’abandi bashingamateka 22 b’uyo mugambwe.

Hussein Radjabu, yabwiye bagenzi bacu bakorera BBC ko, itabwa mu mvuto ryiwe, canke kwangaza bamwe mu bagumyabanga nka Manassé Nzobonimpa, vyatumye abagumyabanga, babaho nk’impfuvyi. Ariko kandi, agasaba abanyagihugu ko batokwemera ko Petero Nkurunziza yitoza ubwa gatatu, mu guhonyanga amasezerano. Avuga ko nawene, azokora ivyo ashoboye, abuze ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Tukabamenyesha ko, Manassé Nzobonimpa avuga ko ariwe munyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD akaba n’umuvugizi wawo, yemeza ko ari kumwe na Hussein Radjabu, kandi ko bamaze n’ugutangura ibikorwa vya poritike.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ni bareke kugusuka Rajabu ngo witoze. Ushoboye kubuza ko Peter gusubira kzitoza ni sawa. Ariko kuvuga ngo abagumyabanga bazogusaba kwitoza, va inyuma; kiretse hamwe hoba atawundi muntu numwe ashaka kwitoza muburundi bwose. Burya nawe ntiwibaze ngo kuba warapfunzwe vyaraguhanaguye utunenge (ahubwo ibinenge) tw(vy)ose abantu bari bamaze kugutora kuvyo wakora urongoye umugambwe. Ukiva kurugamba barakwemera kuko batari bwakumenye, kandi bari bakeneye ihinduka ry’intwaro zari zihari.
    Wawundi ati "Uko inkende yurira hejuru niko bayibona munsi", iterabwoba ryawe ntaworyikwegera atari ikitazi. Peter nareke kwitoza, ariko barondere uwundi atari wewe.

  • Aho bitanguye gufata iyindi ntera rero. Ariko birababaje gukiza umuntu hanyuma akaguta mu mvuto imyaka umunani. Abavuze ko abarundi twibagira vuba ntiyabeshe.

  • Jewe kuneza y’’Uburundi bwacu nohanurako ayo matora atoba uno mwaka ,ahubwo abo bose bashaka ubutegetsi ,bagasubira hamwe bakiga civisme . Hama bakigisha abanywanyi babo . Amatora akabona kuba atangorane zirimwo . Nimba ikiringo ca Pierre Nkurunziza giheze , ntimwihutire ihindagurika ry’’intwaro , kubera mwosanga mwaruhiye ubusa ,bisubiye kugenda nabi . Imyaka 10 yabatwaye ;ntimwonanirwa nukumwongera infata kibanza yamezi makeyi kugira mutunganye ibintu neza.Kubera uko mbona ibintu abanyepolitike barimwo , turacari inyuma cane . Mbe ko abanyepolitike bakunda kwitwaza ijambo abanyagihugu , bobo ni ibiki? Kubera amategeko bashizeho abakingira iyo bariko barakora ivyobishakiye ,nico kibakura ubunyagihugu? Hinduka ,ikangure sinon muzosubira mwihumbi.

  • 1. Kugira Radjabu yitoze muri 2015 bisaba ko ibwirizwa rigenga amatora rihinduka. Ibi navyo bigasaba ko Radjabu abanza gukura Nkurunziza na CENI yiwe. Sinon, sa candidature ntiri recevable muri CENI ya Karaveri. Ni en 2015, ni en 2020, ni en 2025.
    2. Amategeko avuga ati: Umuntu yaciriwe imyaka 10 canke irenga, ntashobora kwitoza kuba umukuru wa igihugu atamaze guheza umunyororo wiwe (13ans dans ce cas), hanyuma akarindira iyindi imyaka 10 yidegemvya imbere yo kwitoza. Niko amategeko ya Doudou avuga.
    3. Selon iryo tegeko rero, Radjabu ashobora kwitoza muri 2030. Aho naho sinzi ko azoba akibasha. Voila le plan de Nduwimana et Peter quand ils ont pris la decision de le coffrer pour 13ans. Ils sont vachement mechants ces mecs!

  • Jewe nibaza ko abarundi ari imbura bugirire.Mwibagiye ko kuva opposition itsinzwe muri 2010 yarahiye ko iyi ntwaro itazigera ibakorana ikintu na kimwe?Ego ntawanse ko habaye utugorana ariko uruhande runini ni opposition yaburabuje ibikorwa vyiza n’aho itabishoboye kuko habaye abagabo.Duhimba ningoga tugasubira kwiyambaza abazungu.Ibuke akabaye muri Libiya aho abanyagihugu bisabiye ihinduka bakiyambaza abazungu aho bibagejeje.Yaba Manasse yaba Radjabu ni bahore turazi ivyabaranze muri kahise kuvyerekeye inyuruza n,isesagura ry’itunga ry’umuhari bituma abana b’igihugu bitanze bicwa na bwaki na malalia ndetse n’ukubura imiti kandi umunyagihugu atako atakora mugushigikira urugamba.

  • Jewe sinarinzi kumuntu atitoza kugatwekiwe nkuwigenga,ashobora kuvugango nzokwitoza!? Narinziko atariweavyivugira ngonzokwitoza, narinziko biheza bikavugwa nabaryabamushizimbere atitwahisemwo ntuzeya abariwe aduserukira!? Hanoniho twebwetwize dusigaye mengo turibikwankara, ibibarara, ibijobijo, imburakimazi,iteshamutwe, abehu. etc

  • sha rajabu ,aho urabona ko bizoshoka?sha bigashoboka uzotorwa kuko ni benshi bagushigikiye.komera komera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.