Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Radjabu :’’Hariho umugambi wo kwica abatavuga rumwe na CNDD FDD’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Radjabu :’’Hariho umugambi wo kwica abatavuga rumwe na CNDD FDD’’

Radjabu :’’Hariho umugambi wo kwica abatavuga rumwe na CNDD FDD’’

mardi 21 Ndamukiza 2015

Uwahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD Hussein Radjabu avuga ko ubutegetsi buriko butegura ihonyabwoko. Abazokora iryo honyabwoko hamwe n’ibikoresho bizokoreshwa vyoba bimaze kubneka.

Hussein Radjabu

Mu rwandiko yasohoye, Hussein Radjabu avuga ko uwahoze arongoye ibiro bikuru vy’iperereza Lieutenant General Adolphe Nshimirimana akoresha abahoze mu murwi wa FDRL mu kugenzura uko ico gikorwa c’ihonyabwoko kiriko kirategurwa.
Nk’uko yabimenyesheje, Hussein Radjabu avuga ko itangwa ry’ibirwanisho kuri bamwe mu rwaruka rw’Imbonerakure zegukira umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD hamwe n’itangwa ry’inkoho n’imiburiburi cumi na zibiri mw’ikomine yose igize igihugu, ari icemeza ko iryo honyabwoko ririko rirategurwa.

Uwo yahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD amenyesha ko muri komine ya Gishubi ibirwanisho vyatanzwe na musitanteri, kandi ko inyegezwa ry’ibirwanisho mu bindi bice vy’igihugu nko mu ntara ya Gitega ari ukuri kudateye amazi, nk’uko Radjabu abimenyesha. Ku bwa Hussein Radjabu, igendereza ry’uburundi niryo ririko riratanga ivyo birwanisho ku banyagihugu bato bato, ivyo avyemeza yisunze ko hari ibirwanisho vyatowe mu nzu imwe iri ku Buterere, iyo nayo ikaba ariyo uwahoze arongoye ibiro bikuru vy’iperereza Adolphe Nshimirimana. Ikindi ashikiriza akaba ari imyimenyerezo ya gisirikare iriko iratangwa iyo nayo ikaba ifise intumbero yo guha inyigisho abazoshira mu ngiro iryo honyabwoko.

Lieutenant General Adolphe Nshimirimana

Hussein Radjabu akavuga ko iryo honyabwoko rigamije kwica abari mu mugambwe CNDD-FDD ariko batemera ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, abaserukira imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike hamwe na bamwe mu bamenyeshamakuru. Naho biri ukwo, Hussein Radjabu ntavuga mu mazina abo bagomba kwicwa muri iryo honyabwoko, ariko avuga ko amakuru ava mu gisirikare c’Urwanda yemeza ko imyimenyerezo y’uwo murwi uriko utegura iryo honyabwoko iriko ibera mu gihugu, hamwe no hanze y’igihugu nko mu gihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Kongo.

Uwo yahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD ahamagarira amakungu gufasha mu gukinga iryo honyabwoko .Ivyo Hussein Radjabu yabimenyesheje mu gihe mw’ishirahamwe ryishinze kurwanira agateka ka zinamuntu n’akabapfunzwe APRODH bamenyeshako hoba hari abasirikare barenga ijana boba baravuye i Bujumbura baja mu kibanza gushika ubu kitaramenyekana,nabo nabo boba bariko batanga inyigisho za gisirikare kuri bamwe mu rwaruka rw’imbonerakure.

Aho ni mu gihe kandi mw’ikambi y’igisirikare y’i Nyanza-Lac abantu barenga ijana boba barivye ibirwanisho mu bubiko babifashijwemwo n’umukuru w’ikambi Major Desire Ndayisenga, nk’uko vyavuzwe n’ibinyamakuru bitandukanye vy’i Burundi. Amakuru ava muri bamwe mu basirikare bo muri iyo kambi avuga ko umukuru w’ikambi afitaniye n’ubucuti budasanzwe n’uwahoze atwara iperereza ry’Uburundi.
Adolphe Nshimirimana.

Willy Nyamitwe umuhanuzi mu biro vy'umukuru w'igihugu ajejwe kumenyesha amakuru

Mu biro vy’umukuru w’igihugu, bakaba biyamiriza ivyo vyashikirijwe na Hussein Radjabu, yahoze arongoye umugambwe uri ku butegetsi. Willy Nyamitwe,umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru akaba yibaza ubwoko bwohava bwica ubundi, mu gihe kugeza ubu abarundi bose, mu moko yabo yose, babanye atakwinubana. Avuga nyabuna nko ku gitero cabaye mu natara ya Cibitoke, abafashwe bavuze ko bava muri imwe mu migambwe itavuga rumwe na CNDD FDD, hamwe n’ibirwanisho avuga ko vyafatanywe bamwe mu banywanyi ba Agaton Rwasa, avuga ko ariwe arongoye FNL yigenga.


Van Naris Mugisha

Messages

  • nibazako atahonyabeko dyoshoboka koko igisilikare kirimwo ubgolko bgose!hoba inambara ariko ihoyabgoko sinni!

  • Akarimi kavuga abandi karagororoka...Niko mwamye sakubu nibitarivyo muzobivuga rindira..icobikora nyimb arivyo bizoba ari bibi..iconzi coco wewe nawe ntiwera ntawoja narwo ngo uravuz ukuri.

  • emwe politique ni mbi,radjabu ivyo nivyo agezemwo?arahumba narabe uburyo yumvikana na benewabo areke kubabeshera ko hari ihonyabwoko ririko rirategurwa

  • Bavuze ihnyabwoko ntibisigura abahutu canke abatutsi; hamwe hokwicwa aba canke bariya bahowe ivyiyumviro vyabo, bavyita IHONYABWOKO!

  • imana itabare uburundi kubera basumirinda nibenshi kurusha abakunda igihugu iyubona abantu battalion igihugu bagihaze bagatangura kugumura abantu ngobanke ubutegetsi izombonerakure nibindi sibo babishinze uyumusi niho bibutse kutubeira kwarabicanyi twarabamenye ahubwo ndasaba abavandimwe ntibahurumbire nyabahururu barabe ikibateza imbere

  • leta y’uburundi ntisamazwe n’ibihuha n’abandi bari mécontents,barabe nyabuna abahutu ntituzosubire guhwikirwa ngo tuzire ibigugu,naho rajabu mwoba mwarigeze kumukunda ivyo avuze ntimubijeko,mwirarire nyabuna ba ba sans echecs murazi ko ataho baroye!

  • Mbega ga Radjabu,nubuhe bwoko bugiye kwicwa?dutomorere tubumenye

  • Rajjhabu, rekandakubaze ndakwitondere: Jonocide urazi icisogura? Nimugorwe mwigumye ariko mureke kubesha bigeziyo, mbemuraziko muriko muricishamwo ijisho mubarundi nomumakungu!? Ikibazo dufise ngaha muburundi ntahogisa gisana nivyowavuze birabonekanako imyaka wamaze mugasho atarimike arinacogituma utacibuka ukwabarundi tubayeho, ingorane ufise nabowabajije ukwovyifashe mugihugu bibonekanako baguhenze mukuru ntavya jonucude ngaha Burundi, umvandakubwire ikibazocamoko coco nizere kukivyibuka Ko ingoraneyaco yatunganirizwe mukugabura ibibanza vyomuri reta nomubajejwe umutekano. Uburero ibibazo birimugihugu biratandukanye harimwo abadashaka Ko Nkurunziza yitoza gusa, hakabaho nabadashaka Cnddfdd, hakabaho nabatanezerezwa nuko inzengo za reta nizumutekano zacanzwe, nibindi nibindi vyirekanako abantu badahurije kukintukimwe kandiyomirwiyose harihiyo usanga imfise ivyoyumva kumwe nibindi batumvakumwe, ndakubwirarero Rajabu Ko jonucide ntikunda ahubwo urihaye amenyo yabasetsi ubugirakandi!.

  • MBEGA GAHANGA WISHWE NI KI!RAJABU WEWE URAKWANKA CANE KUKO UVUGA AYAMUHE....MBEGA WEWE KO WIYITA UMUGUMYABANGA IVYO UBIKURA HEHE?
    NTAMUGUMYABANGA AGUMA YITA MUKUVUGA NYAMBA ARAKO KARANGAMUTIMA UFISE URIKO UTANGA AKARORERO TARI KEZA KU RUVYARO RWAWE NUKO ATARWO UFISE NICO GITUMA RERO USHAKA WOKWITONDA KUKO UVUGA IBISUNITSWE NI PEPU!!!!!

  • Burya Abarundi bamwe barakeneye uwobavuza mu mitwe: muranyumvira ako gahabwa ngo ni Radjabu! Ubu mu Burundi uwubuze ico akora ntakindi avuga atar ukwicwa? Mbabajwe n’abaja kuri ayo manyembwa bagata izabo.
    Ubwo abo banyepolitike ntiborondera ikindi bakora aho kwirwa barahahamura bebe Burundi?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.