Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibice 39 kw’ijana vy’amahinguriro ni vyo bikoresha abagendana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ibice 39 kw’ijana vy’amahinguriro ni vyo bikoresha abagendana (...)

Ibice 39 kw’ijana vy’amahinguriro ni vyo bikoresha abagendana ubumuga

vendredi 25 Nzero 2013

Amahinguriro, aba aya Leta canke ayo abigenga abagendana ubumuga bakwiye guhabwa ikibanza kinini.Ivyo ni ivyavuye mw’itozwa ryagizwe mu mwaka w’2012,hagati y’ukwezi kwa Ruheshi na Mukakaro,mu ntara za Bubanza,igisagara ca Bujumbura,Bururi,Gitega na Muramvya.

Ku mahinguriro 317 yakozweko amatohozwa,ibice 39 kw’ijana vyonyene nivyo bikoresha abagendana ubumuga,ibice 66 kw’ijana vyayo mashirahamwe avuga ko adafise ibikoresho bikwiye vyokworohereza abagendana ubumuga nayo ibice 12 kw’ijana bikoresha abagendana ubumuga bivuga ko bagira ingorane bivuye kuri abo.Ku bibanza 25 063 biri m’ubuzi,ibibanza 391 vyonyene nivyo birimwo abagendana ubumuga, ni ukuvuga ibice 2 kw’ijana.

JPEG - 71.6 ko

Pierre Claver Seberege aserukira urunani rw’abagendana ubumuga m’u Burundi yibutsa ko,amasezerano ajanye n’agateka y’abagendana ubumuga ategerezwa kwemezwa mu ntumbero yo gutanga akaryo kanini ko kuronka akazi ku bagendana ubumuga.Kubwa Seberege ngo,ingingo y’127 ivuga ko,amareta yashize umukono kuri ayo masezerano azi ko uwugendana ubumuga afise agateka ko kuronka akazi kandi bakamunganisha n’abandi.

Ibiharuro vy’ibanki y’isi hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu vyagiye ahabona mu mwaka w’2011,umuriyaridi umwe n’igice w’ababa kw’isi baragendana ubumuga,muri abo ibice 82 kw’ijana baba mu bihugu biteye imbere.

M’u Burundi,ibice 4,5 kw’ijana vyabanyagihugu babana n’ubumuga bukomeye,abagendana ubumuga bakaba bari mu bakene.Kubwo ishirahamwe mpuzamakungu ry’akazi,ibice 70 kw’ijana gushika ku bice 80 kw’ijana vy’abanyagihugu nta kazi bafise.

Tubamenyeshe ko ivyo biharuro vyashizwe ahabona m’uruganda rwatunganijwe mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi «Turi Kumwe» uri kumwe n’ubushikiranganji bwo gusubiza hamwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no gukurikirana abahoze k’urugamba.

Uwo mugambi ukaba ari uwo gusubiza m’ubuzima busanzwe abasirikare bahoze k’urugamba.


Cynthia Ntakirutimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.