Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibiganiro bihuza abanyepolitike ntibibonwa kumwe n’abo vyega - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Ibiganiro bihuza abanyepolitike ntibibonwa kumwe n’abo vyega

Ibiganiro bihuza abanyepolitike ntibibonwa kumwe n’abo vyega

jeudi 7 Munyonyo 2013

Inyuma yaho abanyamigambwe batumiriwe mu nama yo gukomeza icuka ciza mu gihugu no hagati yabo kugira amatora aze agende neza yo mu mwaka w’2015, bamwe barabishima mu gihe abandi nabo bavuga ko ibiba bikwiye kuvugirwa muri izo nama atarivyo bivugirwayo.

Onesime Nduwimana avugira CNDD FDD

Ku bwa Onesime Nduwimana avugira umugambwe CNDD FDD, amenyesha ko ibiganiro nkivyo biri mu bituma icuka kiba ciza mu migambwe, mu gihe ari inzira nziza yo gutsimbataza ikiyago mu gihugu no mu banyepolitike mu kiringo cogutegura amatora meza yizewe na bose. Ku bwiwe rero izo nzira ni nziza mu gihe ivyo biyago atari ubwa mbere biba. Kuva mu mwaka uheze gushika n’ubu, ibiyago birabandanya, ndetse ku bwa Nduwimana akavuga ko n’ibindi bikenewe.

Agathon Rwasa avuga ko ariwe arongoye FNL

Muri ADC Ikibiri ho si ukwo babibona. Agathon Rwasa co kimwe na Leonce Ngendakumana, bavuga ko izo nama ari nziza ariko bagatangazwa n’uko ibiba bikenewe kuvugirwayo atarivyo bavugirayo. Rwasa avuga ko amajambo avugirwayo usanga ari meza ukabona ko ibintu bigiye guhinduka, ariko ukarindira ko bija mu ngiro ukabura. Ivyo bibandanya bivurwa na Leonce Ngendakumana asanzwe arongoye urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na Leta ADC Ikibiri.

Leonce Ngendakumana arongoye IKIBIRI

Leonce rero avuga ko mu nama iheruka kwari nk’ugushira urufi mu ruzi, mu gihe ibibazo bikomeye harimwo kuburabuzwa kugira amanama, kudashobora kwishikira ku rubuga nk’umugambwe CNDD FDD, abanywanyi babo bapfungirwa ubusa, n’ibindi. Kuri ivyo vyose Ngendakumana aavuga ko atanakimwe cari ku rutonde rw’ivyirwa, bakavugana gusa ivy’icuka ciza kugira beze amaso amakungu, bigaca biherera aho. Kuri ivyo rero, Leonce Ngendakumana asaba ko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bwoza burashira mu ngiro ibiba vyavuganyweko, ko arivyo vyotuma n’abanyepolitike baguma biyumvamwo mwene izo nama.

No mu mugambwe w’Abanyamwete bavuga nk’uko nyene. Patricia Ndayizeye awurongoye avuga ko ivyavugiwe muri iyo nama ari vyiza, bikwiye kuja mu ngiro mu ntumbero yo gutegura amatora meza yo mu mwaka w’2015.

Patricia Ndayizeye arongoye umugambwe w'Abanyamwete

Aristide Nizigire

Messages

  • kubijanye ni bigaro bihuza abanyamimbwe twese turabibona cddfdd iciguma yiteza utunyuni aho gushira mungiro ivyo bumvikanye nabandi mperaheje mvuga nti:<usaba Imana utunuye amaso akayatamwo igiti .> kandi intabarigwa ibarigwa nuko amaso atukuye .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.