Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibigiye inama bigira Imana, kandi ubugirigiri bugira babiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ibigiye inama bigira Imana, kandi ubugirigiri bugira babiri

Ibigiye inama bigira Imana, kandi ubugirigiri bugira babiri

lundi 28 Nzero 2013

Mugihe Uburundi bwaraye buhuye n’isanganya ry’umuriro wadutse mw’isoko nkuru ya Bujumbura kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 27 Nzero umwaka w’2013,iyi migani ya ba sokuru irashobora kudufasha kuva muri ivyo vyago.

Nta murundi atababajwe n’ivyashitse kuko isoko nkuru ya Bujumbura yari itunze imiryango itarimike,abahakorera urudandazwa,imiryango yabo,abaharangurira ibidandazwa,abahasumira ibifungugwa,eka mbere na Leta kuko amakori yahora atozwa muri iryo soko yafasha mugutunganya ubuzima bw’igihugu.Ni ukuvuga ko abarundi bose bakozweko n’iryo sanganya kuko n’abo mu gihugu hagati ariho barangura ibidandazwa.

Kubera ivyabaye rero ,uyu munsi abarundi baribaza ingene ubuzima bugiye kubandanya,ariko ico tuzi n’uko niyo twemera gusenyera ku mugozi umwe,tugafatana munda,na cane cane tukirinda gutanako umwikomo,ntakibuza ko ibintu bizosubira mu buryo.Abantu bagasubira kugira umwizero n’akanyamuneza ko kubaho neza.

Abahuye n’ivyago bagasabwa kwihangana,abarundi bose nabo bagafasha benewabo ,ari ababuze ababo muri iryo sanganya,abagwaye,abakomeretse.Ikindi gikenewe n’uko umwe wese yumva ko ategerezwa kugira uruhara,agatanga intererano yiwe k’urugero ashoboye kugirango isoko nkuru ya Bujumbura isubire kwubakwa,kuko umuntu yoyigereranya n’uko yari ikigega c’igihugu.

Ico tudakwiye kwibagira n’uko ,n’aho izo mpanuka zashitse,Imana ikunda uBurundi,kandi niyo twaja hamwe tugakora izodufasha,kuko abatwitangiye imbere barabivuze bati:« ibigiye inama bigira Imana», n’uko bari barabonye ko yabafashije muri vyinshi ,ndetse niyo twasenyera k’umugozi umwe tuzoronka n’ibiruta ivyo twaridufise , ntitwibagire kandi ko «ubugirigiri bugira babiri».


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.