Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibihe 5 vy’umunezero umuntu ashobora kubamwo ariko atanezerewe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ibihe 5 vy’umunezero umuntu ashobora kubamwo ariko atanezerewe

Ibihe 5 vy’umunezero umuntu ashobora kubamwo ariko atanezerewe

vendredi 29 Ntwarante 2013

Mubuzima hari ibihe tubamwo biboneka ko biryoshe kumaso canke utarabibamwo ariko ugasanga ntibizana umunezero gusa.

1. GUKUNDA.

Urukundo ruraryoshe iyo uri mu biganza vyuwo ukunda wibaza ko arigice cawe. Ugira umunezero kubera muba mubihe biryoshe ariko mukiri muntango yarwo harigihe haba kutunvikana ukumva muri wewe uzazaniwe ukibaza ko utanamukunda bikagutera umutima mubi ukibaza ko utanamukunda, mutavyifashemwo neza urukundo rwanyu rushobora guhagarara. Ivyo vyerekana ko murukundo bitama biryoshe.

2. KUDUZWA MU KAZI

Umara igihe wipfuza ko woduzwa, iyo ubishitseko wumva uryohewe ukumva wotumira n’abagenzi mukaryoherwa. Ariko ubushakashatsi bwerekanye ko abakozi 6 kuri 10 inyuma yo kuduzwa baba mu bihe bitoroshe. Kuduzwa bijana no kuduza ibikorwa ugasanga wibagiye ibintu nyamukuru vy’ubuzima (umuryango, abagenzi…), ukisanga uri wenyene ukabura umunezero.

3. KWIBUKA UMUSI WAVUKIYEKO

Gusangira n’abagenzi, kuronka utuganuke ntakiruta umunezero nk’uwo ariko sivyo gusa. Benshi begereje uwo musi batangura kwiyumvira ivyo babayemwo muri iyo myaka yose, ubuzima baciyemwo, amakosa bakoze, ivyago vyabashikiye,…. bigatuma muri bo bihebura bakumva ntampamvu yokubaho.

4. KUGIRA UBUGENI

Ubugeni niwo musi wa mbere mwiza ushikira umuntu mu buzima bwiwe, novuga ko aba ariho atanguye ubuzima bwiwe. Ariko nawo nyene si ibiryoshe gusa utangura kubona ko ivyo wabona mu kireshanya bitabandanije, ukamenya neza uwo mwubakanye, ukumva ntukigenga nkuko wahora, ugatangura kubona ayandi makosa y’uwo mwubakanye,…ugashaka gusubira inyuma bitagikunda. Iyo naho utavyifashemwo neza ushobora gusambura utarubaka.

5.UMUSI W’IMANA

Umusi uryoshe wogusenga, wo kuruhuka, kuramukanya, kubana n’umuryango… ariko sivyo gusa utangura kwiyumvira uburuhe wagize mu ndwi iheze ukiyumvira indwi ugira utangure ukumva ucitse intege.


Dorine Irambona

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.