Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Kwibuka20 ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu Rwanda (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Bujumbura : Kwibuka20 ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu Rwanda (...)

Bujumbura : Kwibuka20 ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu Rwanda vyatanguye

vendredi 21 Ruhuhuma 2014

Ubuserukizi bw’Urwanda mu Burundi bwatanguje "Kwibuka 20", ibikorwa vyo kwibuka imyaka mirongo ibiri ihaciye habaye ihonyabwoko ryakorewe abatutsi rigahitana abanyagihugu barenga umuriyoni mu gihugu c’Urwanda.

Ubuserukizi bw’igihugu c’Urwanda bwifadikanije n’abanyarwanda baba mu Burundi, ku munsi w’ejo wa kane igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2014, bwaratanguje ku mugaragaro ibikorwa vyo kwibuka ihonyabwoko ryakorwe abatutsi mu gihugu c’Urwanda mu mwaka w’1994. Icivugo c’uno mwaka kikaba ari : "Se souvenir - Unité - se refaire", bisigura mu kirundi "Kwibuka - Ubumwe - Kwiyubaka".

Ibirori vyo gutanguza ibikorwa vyo kwibuka imyaka 20 ihaciye habaye ihonyabwoko ryakorewe abatutsi, vyari vyitabwe n’abategetsi batandukanye nk’uwuserukira mu Burundi umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, uwuserukira ubumwe bwa Afrika, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abahoze ari abakuru b’ibihugu, abashikiranganji hamwe n’abanyarwanda basanzwe baba mu Burundi.

Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza ivyo bikorwa ku mugaragaro, Désiré Nyaruhirira, umutunganyabikorwa mu buserukizi bw’Urwanda mu Burundi yamenyesheje ko ivyabaye kw’igenekerezo rya 7 Ndamukiza 1994, ari ngombwa kuvyibuka kuko ari akaryo ko kwibuka abahitanywe n’intambara yahoneje ubwoko bw’abatutsi.
Kubwa Désiré Nyaruhirira, ni akaryo keza ko kwunga ubumwe n’ubucuti ku bacitse kw’icumu muri iryo honyabwoko kugira ntibize bisubire kwibonekeza mu gihugu c’Urwanda no mu bindi bihugu. Ivyo bikazorushirizaho gusanura igihugu no kugiteza imbere mu mahoro n’umwumvikano urama.

JPEG - 23.4 ko
Désiré Nyaruhirira, umutunganyabikorwa mu buserukizi bw’Urwanda mu Burundi

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi yari yaserukiwe n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Laurent Kavakure, yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yifadikanije na Reta y’Urwanda hamwe n’ibindi bihugu mu kwiyamiriza ibikorwa bigayitse vy’ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu gihugu c’Urwanda. Ati : Ni akaryo keza ku muntu wese ko kwibuka ivyahitiye, hamwe no kwiyumvira ku buryo ivyabaye bitosubira gukorwa nk’uko umugani w’ikirundi ubivuga ko "Ikibi si ukurwa, ariko ikibi n’ukurwa ntuvyuke".

Twagirayezu Jean-Pierre ni umwe mubacitse kw’icumu mw’ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu Rwanda mu mwaka w’1994. Yahaburiye abavyeyi n’incuti, arahakomerekera ku mutima no ku mubiri, yongera ahaburira n’amatunga umuryango wiwe yari afise. Yahamagariye abanyarwanda bandi bahaburiye ababo n’ivyabo kwama bibuka ivyabaye, ariko birinde kwihora, ahubwo barushirizeho kwiyubaka no gufasha gusanura igihugu cabibarutse.

JPEG - 105.3 ko
Jean Pierre Twagirayezu, uwashinze intahe

Mwomenya ko bimwe mu bikorwa vyo kwibuka iyo imyaka 20 ihaciye vyamaze gutangura bikazoshika kw’igenekerezo rya 7 Ndamukiza, umunsi mu gihugu c’Urwanda bibuka ihonyabwoko ryakorewe abatutsi. Ivyo bikorwa navyo akaba ari ukwerekana amareresi y’ivyabaye mu mwaka w’1994, gusoma ibitabo hamwe n’indirimbo zitandukanye zizoza ziravuzwa.


Mariella Bukuru

Messages

  • Nimwihorere mfura z’u Rwanda ndizera neza ko muri kwa nyagasani naho ababishe babundaraye mu mashyamba ya kongo abandi baryamye mu mahotel yo kwa KIKWETE ariko umunsi umwe muzavundurukayo nabi

  • U Rwanda n’u Burundi, ni ibihugu bibiri bibanyi ariko bitandukanye hisunzwe amakuba yagiy’akorwa. Ubwicanyi ni bubi kandi ntawobusabirako. I 1994 habaye genocide y’abatutsi mu Rwanda, tutibagiye iy’abahutu i 1965, 1969, 1972 n’i 1988. Uwo Desire Nyaruhirira n’u Rwanda bibaza ko bazomara iyo minsi yose berekana mu Burundi ayo mareresi n’ivyo bitabo vyabo, nibaza ko Laurent Kavakure na l’Etat y’u Burundi itabihaye uburenga nzira. Ku neza y’abarundi n’igihugu cacu, ni vyiza bibandanirije mu Rwanda. Atari uko, bisa no kukora mu nkovu abarundi twiciw’abacu atacamira. Mbe hoho kuki l’Eta y’u Burundi canke abarundi tutakurikirana igandagurwa rya President wacu Cyprien Ntaryamira?Ibi mvitwa mu kirundi, gutambira ku muvyimba. Bisubiye, ni agakengerwe katagira izina.

  • Nivyiza abantukwibuka abababo bishwe kariyakagene.Nanjendasaba reta yacu yuburundi itegure yongere ibwire abarundi bategure ama reresi meshi ajanye na perezida NTARYAMIRA bashiremwo amajambo avurwa nababifitiye gihamya yemeza abahanuye iryandege mazenatwe mumwakuza tuzogende kugogotera Kigali kandituzobasabe kumarayo ukwezikwose ariyotugogotera kanditwebwe tuzosaba reta yacu kumenyeshako tuzomarayo ukwezi yongere isabeko bazohagarika akazi mukiringo kingana nukwezi ibikorwavyose mpaka natwetuzokwinogore twihanagura iryosozi turirira nyakwigendera peresida wacu NTARYABIRA yishwe nakarwi kintagondwa zabatutsi babanyarwanda kandindaziko ivyovyumvikana reta yu Rwanda ntizotwima uwomwanya kandidufitanye umubanomwiza, Murantahuraneza ntabwarabatutsi bosebabanyarwanda baduhekuye nabatutsibake batanangana 1% cabatutsi babanyarwandababikoze kubwivyo ubucuti twamyedufitaniye namokoyose yabanyarwanda ntacobuhagarika. Ubutumazimisi abarundi bomubwokobwose twiga ukuntu tuzotombokana abavurwako aribobishe NTARYAMIRA barengukishwe imbere yubutungane mpuzamakungu ivyagirizivyacu batarabitumaraho ubonako ahobiri bibangamiwe cane kubera abaziko aribobatwiciye umukuruwigihugu NTARYAMIRA bamazekumenyako bazobagiriza izubaryaka , tutabigize nkabarundi kobarakagaye singombwakoturindakurindira reta yacu mwibuke nabagenzibacu baba Congoman bomubwoko bwabatutsi babanyamurenge baranditse basabako Rwasa Agathon yohagarikwa kanzi batabifashijwemwo na reta yigihugu cabo, natwerero twobikora tuzobikorankabarundi dukurikirana uwowese yagize uruhara mukwica perezida wacu NTARYAMIRA, Mboneyehonakaryo kokuvuga nti hobahariho abarundi bataribwamenye icogikorwatwimirije gukura? Nambari ego tubwire. ndangijendababwirako hatariho kw’Isi uwemerewe kwicantakurikiranye, kandimwenabo bicantibakurikiranwe iyobagize uwabo apfa usangabarira urudaca.

  • @Coldman’Z
    Wavuze uti "...tutibagiye iy’abahutu i 1965, 1969, 1972 n’i 1988. Uwo Desire Nyaruhirira n’u Rwanda bibaza ko bazomara iyo minsi yose berekana mu Burundi ayo mareresi n’ivyo bitabo vyabo, nibaza ko Laurent Kavakure na l’Etat y’u Burundi itabihaye uburenga nzira. Ku neza y’abarundi n’igihugu cacu, ni vyiza bibandanirije mu Rwanda. Atari uko, bisa no kukora mu nkovu abarundi twiciw’abacu atacamira..."

    Ivyo uriko uravuga ni ubintu bimeze nko kudaha agaciro génocide yokorewe abatutsi kandi birahanwa n’amategeko. Ntuzongere gukina ku mivyimba abantu gutyo. Ivyo vya Genocides z’ abahutu ubivunduruye hehe? Ubwicanyi bwabaye mu burundi uko bwatanguye hari uwubiyobewe? Barya batutsi bo mu misozi y’i Burundi batemaguwe n’abahutu izuba ryaka ata na kimwe bari bakoze muri 65, 72, 88 na 93 twovuga ko bo bavukiye kwicwa? Hari umututsi wigeze wumva yatanguye kurya n’urwara umuhutu? Nivyo muri 93 Ndadaye yarishwe n’ abasoda none ivyo bivuze ko abatutsi bo ku mitumba bategerezwa guca batemagurwa? 65, 72, na 88 ho nta n’ico nokwirigwa ndabivugako. Abahutu baraduka bagafata imipanga bagatemagura abatutsi n’umwana akiri munda mu misozi ata n’ikintu cabaye turetse gusa ko baba babiteguye uko nga babamare. None washaka ngo Leta yari ihari ico gihe ice ibazanira amashurwe ngo bakoze neza?’ Icakurikiye twese kandi na wewe nyene urakizi: abahutu barananiwe umugambi wabo ariko kandi Leta y’ico gihe na yo yaciye irenza kuko hari abo yishe kandi batari babirimwo. Gusa hamwe ONU yoshaka kumenya ukuri ku vyabaye mu Burundi abantu bameze nka wewe barashobora gutangara. Ntuzosubire gukinisha ijambo génocide kuko bene wacu b’i Rwanda ni bo bazi uko birenze ukwemera kandi mu gihe amakungu yavyemeje ni ukuvuga ko twese bituraba. Ivyo guca mwongerako izindi génocides ziri mu mitwe yanyu gusa ni uguha agaciro gake izemewe kugeza ubu. Uzohore ufyinira ku bindi et non ivya génocide yakorewe abatutsi canke iyo ari yo yose yemewe na ONU.

    Gira amahoro kandi uce uceceka.

  • Abo batutsi bo mu Rwanda nukubaraba neza .Dusabe reta ko ibintu nkivyo itoza iravyemera kuko har’Abarundi benshi harimwo Umukuru w’igihugu cacu bishwe ubu ukamenga ntacabaye bakaca baza kwigira ivyo inda yigira mubutura ukamenga turaryohewe.Reta ihagarike ivyo bintu.

  • Ego baribuka abatutsi babo bapfuye,none ntabahutubo bapfuye bishwe ninkotanyi? Mbega ikambi y’ikibeho yamazwe nabande? Sinkotanyi! Ahubwo barikuvuga ati reka twibuke abaguye mubwicanyinyi bwabaye nawahandi nipolitike yakagame yokwiyeza kubantu. Nbe abo barundi komwibuka ivyirwanda komweho mutokwibuka amabiyakorewe abahutu muburundi. Abahutu binshe,zantahangwa,bambitswe amapine bangana iki abaguye,nyakabiga musaga cibitok .nyeshenza muri cibitoke ntishe hafi commine yose, ntega,buyoya yishe abanganiki buhayira muricibitoke nticiwe mumashengero komutavyibuka muzi ingo zugawe rero ntitugatane mumakosa mbe abamanitse ama papers kumabarabara acapweko inkoto ngobagire bice abahutu,hanyuma ngo bazokwereke abana ngobazovuka nyuma ngumuhutu yasa nimanfu nibande? Nukuvuga abahutu zari manfukoko! mugabo umugambi yabo murabona ko yabapfanye ahubwo basanga barikwegeye sinzoyiheba yagize avuge , barica mugabo ivyo yababwiye barabibonye nuko muze mumenyako imigambi yabantu atariyo y’Imana.

  • wewe MAMA najyaga nibaza niveau y’ubwenge bwawe ariko ndayibonye. ’’uti muzaja mu rwanda mumareyo ukwezi’’ hahahahahahahahahahaha URUGENDO RWIZA MUZAZE MUREBE UKO INTAMA ZAMBARWA MWA BIJUJU MWE. Ntaryamira yajyaga gusaba lift ashaka iki??? abahutu muzaca ubwenge ryari? RINDIRA UPRONA MURIKO MUZUNGURUSHA TUZABASUKAHO UMURIRO W’ISASU MUZUMIRWA BURETSE GATO

  • @Uwubizi
    Uraza urasoma neza ivyiyumviro bitangwa n’ivyo ubona mu Burundi bimaze kurangurwa n’abana basirwa n’abashizwe kw’icumu. Kumbure uzohacir’akenge unategere ko kwikika mu kiza (genocide) ataho bizoshikana Kagame n’abamushigikiye. Uregera Arthemon Simbananiye umubaze ko ivyo navuze atari ukuri. Ico womenya, ubu Kagame yumvise ko ari we na FPR bishe Havyarimana na Ntaryamira, ac’ahahamuka. Uburamuko bwiwe, ni iyo ONU uvuga par l’intermediaire des USA/Clinton na Angleterre/Tony Blair. Yahaboneye imari ya RD Congo. Ukaba uzi ko "iminsi y’igisuma ari 40". Komeza, ndabona ko ukurikira nez’ivyiyumviro ntanga, merci. Amahoro mu Burundi no mu Rwanda, ushatse na RD Congo, ashingiye ku kuri. "UBUGABO BURIHABWA".

  • birabajeeee!muburundi ntihasubirenyabwoko naho ryatugejeje.

  • nukuri birababaje ndumuhutu nfisimyakamironrwibirinitatu abakoze iryobara mwoshoborakubashengeza ? bagahanwa abobishentibarabantu amarasoyabo azabahumire

  • Nimutugarukire Ino Turafashwe Nabi Ubu Ntiwomenya Ko Tukiri ABARUNDI.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.