Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibinini indwi vy’urukundo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ibinini indwi vy’urukundo

Ibinini indwi vy’urukundo

samedi 20 Ndamukiza 2013

Hari umuririmvyi w’umurundi avuga ngo :”Urukundo burya ruragoye, ruraryoha, ahandi naho rukabiha”. Kudahuza mu rukundo hari aho biva kuri buri wese, ariko kandi iyo umuntu wese afashe ingingo zerekeye umunezero wiwe mu rukundo, barashika aho bipfuza, kuko nakare : ”Tubiri tuvurana ubupfu”. Ibi binini indwi ubikurikije, wewe n’umugenzi wawe muzokwama mu munezero, ibibazo n’ingorane ntibizoronka aho bimenera.

1.Urukundo ukunda mugenzawe ruze imbere ya vyose.

Biragoye kwemeza ko ukunda umuntu mu gihe hari aho agusaba ko mwokwicarana, ukamwankira ngo urafise ibindi urimwo, canke akagusaba ko mwosangira akarahuri ukamubwira ko hari abandi bagenzi muza kuba muri kumwe. Yaba umugabo canke umugore mu gihe urukundo ukunda mugenziwe rutaza imbere ya vyose, witegure ko muzokwama muriko murashihana.

2.Kwizerana

Ababana mu nzu, canke abiteguriye kubana mwese musabwa kwizera abagenzi banyu. Hari ababona umugore arenze irembo agasigara umutima uri hejuru ngo ndagowe aroye mu bandi bagabo, umugabo yarenga irembo aroye nko muri sport, ugasanga umugore atanguye gushavura ngo umugabo wanje aroye mu bandi bagore.

Umwe wese agomba guha agaciro urukundo afitaniye na mugenzi we, akabona ko umugabo wiwe canke umugore wiwe ata kintu yogira kugira amubabaze.

3.Gukunda ivyo mugenzi wawe akunda.

Kutihanganira ivyo mugenzi wawe akunda, nawe udakunda biragaragara mu bantu benshi batandukanye. Abantu bakwiye kumenya ko iyo wankiye umuntu ico akunda uba uhungabanije agateka kiwe, ushobora kuba udakunda uko yambara canke uko asokoza, urafise kubimubwira ukoresheje amajambo yoroshe, ukamusaba ko yoraba agahindura kubw’urukundo mufitaniye. Iyo agukunda, bifata igihe kugira ahinduke, ariko nawe nyene araheza agaha agaciro ivyo wamusavye, aho ari hose nta kindi yiyumvira atari ivyo wamusavye.

4.Gutahura ibimushikira.

Abarundi barayamaze bati : ”Akarimi kavuga inangore karagororoka”. Ikosa rikozwe n’uwundi kenshi umenga n’akaga, ariko muvy’urukundo si uko bikwiye kumera, iyo mugenzawe anyereye, ntumwereke ko yamenje, ahubwo mwereke ko ivyamushikiye bishobora gushikira uwariwe wese, ugaheza ukamwereka uko atosubira kunyerera ngo arwe mw’ikosa, ukoresheje imvugo mbabarira matwi.

5.Gushigikira imigambi ya mugenzi wawe

Kenshi biragora abantu bakundana canke ababana ko bemeza ivy’abandi, ugasanga ahubwo banagwanya ivyiyumviro vyabo. Hari aho umugenzi wawe azana umugambi ukabona ko ari mwiza, wushime ndetse n’uwuwuzanye umushimire. Birashoboka kandi ko azana n’umugambi utameze neza, mwereke aho bitameze neza, muhakosore muri kumwe, hanyuma mushire mu ngiro ivyo mwashitseko.

6.Kurondera ibinezera umugenzi

Umuntu wese aba azi ibinezera umugenzi wiwe, aba azi kandi ibimubabaza, nico gituma, abakundana basabwa kutazana ibiyago canke ibindi vyose vyozana ukutumvikana. Umugenzi wawe uzi ko akunda kwambara nk’ishati yera, uyibonye yimuzanire, uyimuhe kandi umubwire ko uyimuzaniye kubera urukundo umukunda, kandi ko kubera akunda iryo bara.

7.Kumuvuga neza

Umukunzi wawe bizomuhimbara, umunsi aho azoca hose, agenda arumva ko umutera amashurwe. Nko ku bapfasoni ngo nta kintu ca mbere kibanezera nko kwumva ko umunega wiwe aho ari hose amuvugako vyiza, mukumutaka ivyiza.

Nta n’umwe atipfuza gukundwa, ariko rero kugira ivyo bibe tanga intererano yawe muvy’urukundo, kugire urugo rwawe rwamemwo umunezero.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ivyerekeye urukundo biragoye cane. Ushobora kumukorera ivyo vyose muvuze, mbere ukanarenzako ariko bikaba impfagusa, ugasanga yigira ku wundi ata n’ica kabiri amukorera. Abakobwa ntibagira formule. Jewe nahisemwo mbere no kureka kubitaho sana kuko nosanga n’umutwe worwara. Umutima wanje ufise amahoro n’urukundo rwinshi. Harahiriwe uwo tuzohuza

  • shaaaaaaaa ivyurukundo nihatarikwer burya jew narabiravy ncanga vyos nizero kuber urukundo nasanz arikint camber kibabaza cane kuriy campitamwo kubivamwo kuriyo bigushobokey wobiheb ntamaro puuuuuuuuu

  • Didier ivyo uvuga nivyo vraiment, ariko ntiwibaze ko abakobwa bose bameze cokimwe. Hariho abafise umutima. Natwe abakobwa twiyumvira ko abahungu batagira urukundo.

  • Nukri man ivyo uvuz nivyo.arko biragoy kabisa aba hungu bubu ntarkndo bafis bos urukndo baruhay agaciro gato kand arigwo rukomey

  • Jewe mfise umu cherie wanje ariko kenshi iyondamubariye ibintu nkahotwoganirira ntabinyemerera n’ubuturikumwe ariko ivyondamubariye ntavyemera twashaka mugire icomwodufasha.

  • Jewe Iconovugakimwenakunze Umukobwangiyekumurabamvuyeyontashebambajije?mvuga,ivyonishakiye Abantubambazango uramukundamvugangoya Anyumvanabikubantu Icoyambariyeniki,ngondakundabandikuvanubunsindasubiragukundanemumpanuy ,iki?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.