Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibintu 10 vya nkenerwa mu rukundo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ibintu 10 vya nkenerwa mu rukundo

Ibintu 10 vya nkenerwa mu rukundo

vendredi 11 Nzero 2013

Urukundo ni runini kandi biragora kurusobanura ndetse rusaba ibintu vyinshi kugira ngo rube rwashobora gukomera. Ariko jewe nabonye ibi bintu uko ari cumi bifise akamaro kugira urukundo rukomere kandi rushinge imizi hagati y’abakundana.

Ikintu ca mbere nabonye murukundo ni icitwa kuragiza Imana ivyurukundo rwanyu kuko burya niyo Ikora vyose .

ikigira kabiri ni ukuri; burya ntivyoroshe ko abantu bakundana batabwirana ukuri.

Ikigira gatatu ni ukwizera kuko burya nta kintu cokwemeza ko ibintu umuntu akubarira ari ukuri uretse kuvyizera no kumwizera turavye na bibiriya iravuga ko kwizera ari ukumenya udakekeranya ko ibintu bidashoboka bishobora gushoboka mu kwizera.

Ikigira kane ni ukwihangana, kuba umuntu agukunda ntibisigura ko vyose muzohora mubihurizako; kuko rimwe na rimwe habaye ivyo mudahurizako biba bisaba kwihanganirana.

Ikigira gatanu ni ukubabarira; kuba ukundana n’umuntu ntibisiguye ko uri umumarayika adacumura, birashika ko uwo mukundana yagukorera amakosa ariko mugihe yasavye imbabazi ushobora kumubabarira.

Ikigira gatandatu nico bita kumenya kuzigama ibanga ry’urukundo . bishatse kuvuga ko ivyo uvugana nuwo ukunda aba ari ibanga ryanyu mwe ubwanyu singombwa ko vyose bimenywa n’abo bitaraba canke biterekeye kuko iyo uravye usanga abantu bose bagira uburyo bwabo bisangije bwo gukundana.

Ikigira indwi ni ico bita ukudahemuka bisigura ko uwo ukunda ugomba kumubwiza ukuri kwose uko kuri ndetse akakubera umwizigirwa wawe.

ikigira umunani ni ukuba umuhanuzi w’ukuri . Burya uwugukunda canke uwukunda utegerezwa kumubera umuhanuzi wa mbere.

Ikigira icenda ni ukwitanaho no kwiyumvanamwo ni ukuvuga ko ubwirizwa kumwandikira canke kumubwira amajambo amuhumuriza umutima no kumukorera ivyiza vyose ubona akunze bivanye nivyo mwumvikanye canke muhurizako.

Ikigira icumi ni ugufashanya . birashoboka ko uwo ukunda harico atoshobora kandi wewe ugishoboye, canke hari ico ashobora gukenera kandi ufitiye ubushobozi, murukundo mubwirizwa gufashanya aho bishoboka.

Urukundo rubonekera mu bintu vyinshi, niyo mpamvu iyo uravye neza usanga na bagerageza kuruvugako, umwe wese agira uburyo bwiwe aruvugako gusa vyose kenshi na kenshi bihuriza hamwe.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.