Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibintu bitandatu bidakwiye kubwirwa abatarubaka urwabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ibintu bitandatu bidakwiye kubwirwa abatarubaka urwabo

Ibintu bitandatu bidakwiye kubwirwa abatarubaka urwabo

lundi 6 Rusama 2013

Igihe cose uzoba ushaka kugira ico uvuze, ni vyiza kubanza kwiyumvira ivyo ugire uvuge kugira ntibihave bitsitaza canke bibabaza bagenzi bawe. Kuko, ukuri kwose ntikuryoshe kwumva.

Ivyo bintu navyo bitanezereza amatwi y’abatarubaka ni nk’ibi :

1.Ni kubera iki utarubaka urwawe?

Ng’ico ikibazo abatarubaka urwabo benshi bishura batanezerewe. Mu kubibaza, mwibaza ko uwo atarubaka urwiwe, ahomvye ikintu kinini m’ubuzima, bisigura ko ababaye. Ntimwihende cane, abenshi batarubaka bakiri bonyene, barabinererewe, nico gituma mutogerageza kubashiramwo ivyiyumviro vyanyu vyo kwubaka ku nguvu.

2.Waragerageje kurondera ubugenzi bushitse biciye k’ubuhinga bwa none?

Nivyo, hariho abantu baronka abo bubakana biciye ku mirongo ngurukanabumenyi. Ariko, mwibaza ko bene abo bantu baba baronse inyishu y’ukuri? Igitigiri c’abaronderera ubugenzi ku mirongo ngurukanabumenyi n’ubugenzi buba bwumvikanywe gusa, ni gito kandi kibabaje. Hariho ubundi buryo bwiza gusunba bwo kugira ubugenzi kurusha gusunikira umuntu kwirukira kuronderera ku mirongo ngurukanabumenyi.

3.Iyaba nawe utari ugoye..

Muca mwumva ko mugenzi wanyu afise ivyiyumviro bitari vyiza ku bantu ahura nabo, kandi ko yategerezwa gusubiramwo kuraba ivyo ashaka n’ivyo yipfuza mu buryo bwiyoroheje. Ntivyoroshe kuronka umuntu uko umwipfuza. Umuntu wese afise ivyo araba bidasa canke nk’ivyo uwundi aba ashaka, bigasabwa rero ko ivyiyumviro n’ivyipfuzo vy’umuntu bitegerezwa kwubahirizwa.

4.« Ni mu gihe utarondeye, uronka »

Ego mugabo oya, kuko aho muba mugiye kure y’ivyategerezwa kuba ari impanuro yubaka. Muvy’ukuri, muhanura mugenzi wanyu kureka kurondera no kureka ngo abamurondera baze. Mukibagira ko kwikundwakaza, ari ikintu gihambaye gituma unaronderwa. Muhanuye mugenzi wanyu, uko duhejeje kubibona, ni nk’uko mwoba mumubwiye ngo agume mu nzu ataco ariko arakora cotuma bomurondera, ngo nkumbure hohava haza umuntu kudodora k’umuryango amurondera… Ivyo mwovyemera mwebwe hamwe yoba arimwe babihanuye ?

5.Mbega hoho , uwo mwahora mukundana kera, amerewe gute ?

Iyo imigenderanire wahoramwo n’umuntu iheze, ni gake biba binezereje! Ivyo muba mwarakoze n’uwo mwakundanye kera, biguma ari ikintu kiremereye kandi kitari ciza mu mutima no mu bigumbagumba. Ivya kera, ni vya kera nyene, vyiza nuko utobigarukana mu migenderanire mishasha y’uwo muba muri kumwe ubu. Bishobora gutuma uwo muba muri kumwe ubu, ababara cane, agatuntura k’ umutima.

6.Ufise amahirwe menshi kuba uri wenyene ubu

N’ubwo mwicuza kuba muri mwenyene, ata muntu mukundana mufise, ntimurondere kubwira uwundi muntu kunguvu ngo biraryoshe gufungura wenyene no kuryama k’uburiri bunini. Ni vyiza kuvyiyumvira mugihe mudafise ingorane canke impungenge z’uko muri mwenyene, bibaje mu gihe ari ukuri.

Ni vyiza gutahura ivyipfuzo vya muntu wese, umwe wese akubaha iciyumviro ca mugenzi we. Kuko umuntu wese afise uko abona ubuzima. Abatarubaka urwabo, canke abatararonka abo bazokwubakana, baba bakeneye gutahurwa no kwumvirizwa, kuronka impanuro zizobafasha mu gihe bokwubaka urwabo. Bishitse naho ntibubake, ni vyiza gutahura no gushigikira ingingo baba bafashe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.