Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibintu umunani abigeme bokwisunga mu kwitegurira kureshwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ibintu umunani abigeme bokwisunga mu kwitegurira kureshwa

Ibintu umunani abigeme bokwisunga mu kwitegurira kureshwa

jeudi 9 Rusama 2013

Burya abantu batandukanye bagenda bemeza ko uwukwigishije gukunda ari nawe akwigisha kubabara kuko ngo “uwugukunda niwe akubabaza.” Mu ruhande rumwe hari ukuri muvyo baba bavuga kuko usanga mu rukundo kubabazanya rimwe na rimwe bitabura, nk’uko gukunda biri mu bantu benshi.

Nk’umukobwa, hari uburyo ashobora kwitegura kwakira urukundo ataranarubona ndetse akaba yonarwitwaramwo nk’incabwenge, gurtyo kubabazwa navyo bikaba vyohabwa umwanya muto.

1.Ikunde wewe ubwawe

Burya ngo uwuja gutera uburezi arabwibanza, kuba usa nk’aho utikunze kandi ata n’icizere wifitiye ni ikosa rikomeye rishobora gutuma amahirwe yo kuronka umukunzi aguca mu myanya y’intoke. Imbere ya vyose banza wirabe umenye ko uri mwiza kandi ugire ivyo ukunda kuri wewe, wumve ko hari abagukunda uko uri kandi nawe ushobora kuba ingirakamaro mu rukundo mu gihe woba umaze kubona uwo muhuza.

2. Mara igihe runaka udafise umukunzi

Gukunda ni ukwitanga wese ataco usigaje inyuma. Kwitanga rero ntushobora kwitanga kandi nawe utifise. Kugirango uzobashe kwitanga, imbere ya vyose ugomba kuba wifise. Kwigira rero bigusaba ko uba warafashe akanya ko kwimenya ukisuzuma, ukamenya ubushobozi bwawe n’ivyo udashobora, ukamenya ico ukeneye n’icokubangamira.

Kwiyitaho ngo ube mwiza kurushaho si ivyo ugomba kwiyumvira ko uzokora umunsi wabonye umukunzi, ahubwo ugomba kubitegura imbere ya vyose, ukazoba mwiza bakanabigukundira aho kugirango uzobikore ari uko waronse umukunzi. Ni vyiza rero ko imbere yo kurondera umukunzi wiha igihe co gushira ubwenge ku gihe ukabanza ukamenya koko umusore wipfuza uwo ariwe n’igituma.

3. Ihe icizere wewe nyene

Kumva ko ataco ushoboye, ko uri umukobwa mubi ni ikimenyetso kigaragaza ko n’uwuzogukunda atazokunezerererwa. Kwumva ko uri mubi kandi ko ata musore yo kwipfuza ngo agukunde ni ikosa rikomeye, umukobwa wese agomba kwiha agaciro, akabona ko hari ivyo afise kandi vyotuma hari abamukunda, gurtyo ntibitume yopfa kujana n’umuhungu uwariwe wese ngo ahave amutoneka, mu majambo mabi yomubarira.

4. Irinde kwereka uwugukunda ko wuzuranye ingorane

Bisa nk’aho witiranya ingorane zawe n’uwo uriwe. Ni ikosa udakwiye gukora iyo udashaka kuzobabara mu rukundo. Namba ufise ingorane z’amafaranga, z’ivyirwa canke izindi ngorane, iyoroshe mu maso no mu mubiri, ibikubabaza ureke kwama arivyo bikuranga mu maso iwawe.

Birashika ko uwariko arakurondera ashobora guca abivamwo kubw’ingorane yabonye ko arizo zikwuzuye umubiri wose. Kenshi rero, uwuriko arakurondera yumva yoguheba kuko abona ko yohava azokubabaza, ugasanga ingorane zibaye umurengera kuri wewe.

5. Reka uwo ukunda nawe ashobore gutunganya ubuzima bwiwe

Gukundana n’umuntu ntibisigura ko mugiye kwama muri kumwe amasaha 24 ku yandi. Kuba rimwe rimwe ashobora kukubura bituma arushirizaho kugukumbura kandi kukurambirwa bikaba bitobaho. Naho ibi vyerekeye cane abatarubaka izabo, n’abubatse izabo nabo nyene bagomba kumenya ko rimwe rimwe uwo bubakanye yipfuza kuba wenyene, agakumbura uwo babana.

6. Gerageza kuba uwo uriwe

Kugerageza kwihindura mu kwigira intama kandi uri intambwe, bituma uwugukunda yumva acitse inkokora, akabona ko yakunze umubeshi. Guma uko nyene, ntunyegeze imico yawe ngo wiyambike isura atari rwawe.

7. Gerageza ube umwigeme anezera abantu

Kuba umwigeme anezera abantu, ni mu gihe wiyerekanye ko uri umukobwa w’umutima, gurtyo abantu baragukunda ndetse bakakugira umugenzi, umuhanuzi, umunyamabanga n’ibindi. Umukobwa atazi kuyaga, bituma abasore batinya kumuvugisha, canke ugasanga ntibikunda ko bamwisanzurako mu biyago bagiriranira, ivyo rero bishobora kwononera urukundo umukobwa canke bikamwononera ukuryoherwa.

8. Umugabo nawe akunda kwitabwaho

Abakobwa batari bake bibaza ku vyerekeranye no kwitabwaho cane kw’umugabo, kumuba hafi cane, canke kumunezereza ko bo bitabaraba, ariko si uko biri. Umugabo kumwitaho cane bishobora gutuma yumva ko atoshoguheba kuguheba ngo aje ahandi, kuko bitomukundira, ndetse ikintu cose yiyumviriye ko cokubabaza agica kure kugira ntahave agutakaza.


Aristide Nizigire

Messages

  • ku vyerekeye ingene umukobwa ategerezwa kwifata iyo ageze gukundwa, ivyo nivyo nukuri ntanakimwe mwabeshemwo. Kuko umuhungu ararambirwa ningoga, kandi urukundo rwiwe rurashuha mugabo rumara akanya gato. Umukobwa niwe ategerezwa kugira inyifato ituma umuhungu aguma amwiyumvira kandi akamuha icubahiro.

    Ku vyerekeye abavyeyi bahukana navyo :
    Couple yose yiyemeje kubana, nuko yobana ikundana. Kuko urukundo rusumba vyose. Mugihe bahukanye naho, baratera ibikomere abana babo. Kuko iyo expérience ndayizi yarambayeko ntaco mwabeshemwo nakimwe. Abubakanye bobana kugira abana babo bashobora kuzogira kazoza keza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.