Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibintu nyamukuru vyorabwa imbere yo kubwira umukobwa ko umukunda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ibintu nyamukuru vyorabwa imbere yo kubwira umukobwa ko umukunda

Ibintu nyamukuru vyorabwa imbere yo kubwira umukobwa ko umukunda

mardi 9 Ndamukiza 2013

Mu rukundo birashika ko ushobora kubona umuntu ukumva uramukunze bidasavye igihe kirekire kuko bishobora kuba bitewe n’uko ubona akwije vyinshi muvyo wumva ushaka ko umuntu wokunda yoba afise canke uko yoba ameze.

Muri ivyo bishobora kuva ku kugene asa bivanye n’ivyo wipfuza namba ukunda abinzobe canke abirabura, ikindi ashobora kuba yonze canke avyibushe navyo bigatuma umukunda canke bikavana n’ibindi bintu vyinshi bitandukanye.

Mbere rero yo kumubwira ko umukunda uze ubanze ugerageze kumenya ibi bintu bikurikira : kugerageza kumenya ko ata wundi mukunzi asanzwe afise kuko bizogufasha kumenya ingene umwitaho ushizemwo umwete kuko uzoba uzi ko uri mwihiganwa n’uwundi.

Ikindi gerageza kumenya ivyo akunda n’ivyo yanka kuko kumenya ivyo yanka uzovyirinda ,kumenya ivyo akunda naho nivyo uzoheraho umwigarurira kuko niwamenya ko akunda umuntu amutwenza uzobikora, niwamenya ko akunda canke ari umufana w’umurwi w’umupira nawe uzobikunde kugira ngo abone ko umushigikiye, namba akubwira ko wambaye neza igihe wambaye amajinisi ,amatisi uzoce uyareka kuza urayambara imbere yiwe.

Umusore utegerezwa kumenya imbere yo kubwira umukobwa ko wamukunze ni ukumenya nimba muhuje ukwizera muvy’ugusenga Imana n’ibindi . Gusa ivyo ntibisigura ko umuntu mudahuje ukwizera canke idini mudakundana ariko uko wokwakirwa n’umukobwa muhuje ukwizera kenshi biba bitandukanye n’uko umukobwa mudahuje ashobora kukwakira.

Kugerageza kumenya namba mu rwego rumwe bisigurako imbere yo kumubwira ko umukunda bisaba kugenzura ko uzobona uburyo bwo kumukorera ivyo yamenyerejwe nk’akarorero yaramenyerejwe gusohokanwa kenshi canke akaba agendera mu muduga aho agiye hose, bene nk’uwo kumubwira ko wamukunze ubona bidakwiye kenshi bikunda kutoroha kuko burya bavuga ko amaboko atareha ataramukanya.

Kugerageza kumenya nimba akunda abantu bameze nk’uko umeze ni ukuvuga bareha nk’uko ureha, abirabura canke inzobe, banini canke batoyi. Ivyo bizogufasha kumenya ko agushima ingene umeze.

Ikindi ni ukumenya kumwumva mu biganiro muyaga ntuce uzana ivy’urukundo cane, gusa ugacishamwo bike mu bimenyetso bivyerekana gushika aho nawe azotangura kuvyirabira no kuvyiyumvamwo kuko bizogufasha igihe uzobimubwira yaramaze gufata umwanya wo kuvyiyumvira.

Urukundo ni runini ntaworonka ingene arusigura kuko n’abahinga muri rwo usanga hari vyinshi badahurizako , ariko uwogenzura neza yosanga vyose vyuzuzanya kandi kubimenya bikagira akamaro kuri benshi.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.