Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibiro vy’inama nshingamayeka vyoba vyasabwe kwirukana Karori (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Ibiro vy’inama nshingamayeka vyoba vyasabwe kwirukana Karori (...)

Ibiro vy’inama nshingamayeka vyoba vyasabwe kwirukana Karori Nditije

mardi 3 Ruhuhuma 2015

Hoba hari ikete riri mu biro vy’inama nshingamateka, iryo naryo ryoba risaba ivyo biro kwirukana umushingamateka Karori Nditije mu bashingamateka.

Umushingamateka Karori Nditije avuga ko ariwe arongoye UPRONA

Nk’uko aya makuru twayahawe na bamwe mu bashingamateka abivuga, Concilie Nibigira arongoye UPRONA wemewe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD akaba yoba yarungitse urwo rwandiko avuga ko umushingamateka Karori Nditije yokurwa mu nama nshingamateka y’Uburundi, yagirizwa kuba yajanye umugambwe mu runani RANAC Dushayuruburundi. Umwe mu bashingamateka ba UPRONA akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE.bi ko, urwo ruhande rwandikiye ibiro vy’ianama nshingamateka bataruzi mu mugambwe wabo wa Rwagasore ubu uru mu runani RANAC, ko batumva n’icotuma bandikira ibiro vy’inama nshingamateka, ahowe ati : ’’N’ukwimara ishavu’’.

Ariko rero uwo mushingamateka akaba yatumenyesheje ko urwo ruhande rurongowe na Concilie Nibigira rwamye rukora ibishoboka vyose kugira abashingamateka 16 kuri 17 bari mu nama nshingamateka babogozwe basubirizwe, ariko bikavugwa ko umukuru w’inama nshingamateka yahabereye magabo, avyamirira kure. Uwo mushingamateka akaba yatubwiye ko Piyo Ntavyohanyuma umukuru w’inama nshingamateka, bizeye ko adashobora gutabwa mu mutego n’urwo ruhande rwa Concilie Nibigira na cane cane ko umukuru w’umugambwe wabo UPRONA atigeze avuga ko avuye mu mugambwe.

Uwo mushingamateka akaba yatubwiye ko ubu bariko barakorera rwose mu runani RANAC ko ndetse n’abadasigana babayoboka, banezerewe umugambwe wabo wiyunze n’iyindi migambwe myinshi mu kwitegurira amatora yo muri uyu mwaka. Akavuga ko kuva binjiye muri izi ngorane ziyakwa umugambwe wabo, abo batavuga rumwe bamye bakora ibishoboka vyose, ndetse bagaca no mutandukanye bo mu mugambwe CNDD FDD kugira abo bashingamateka birukanwe, ariko birasendwa.


Aristide Nizigire

Messages

  • Concilie na Gaston wiwe nibazerere cane mbega aho igihugu kigeze abantu bakeneye kuja hamwe bataravye ngo ni porona canke frodebu canke fnl ngo bikureko ivyo binnywa maraso bitwara igihugu nayo porona yiwe ivyo nivyakera nta migambwe iriko irahiganigwa ubu hakeneye ko igihugu cotwagwa nabagikunda.

  • Uyumwanditsi hariho ahoyanditse avugango: Umugambwe UPRONA ISHAMIRYA CONCILLIA RYEMEWE NUMUGAMBWE CNDDFDD! Iryonikosarikomeye kumutuwumumsnyeshamakuru kuko yarikuvigako arishami ryemewe na reta, kuko imvugonkiyo niyabanye poritike bababazhaka gukritikana muvugo, uyumwanditsinawe iyaba rumunya poritike yabimubwiye ntivyarikuba aribibikuvyandika kuko abayanditse ivyoyabwiwe. Ahohanturero muhasomweneza murazakwibonerako arimvugo yuyumwanditsi wenyene ubwiwe. Karori nawe iyabavyakundanyene bakamuhagarika akabazakumva ukuntubibabaza kukonawe yabikoreye abari abashikiranganji Kabakuza mubimanzavyabo nubu imyakibiri igomba ihere batarasubizwa mubibanzavyabo!.

  • We wiyita ngo nuwera reka gutururimi ivya ba DD vyaramenyekanye hahaha ivyo banditse nukuri kand, ukuri kwamye gutsinda kandi nubu mugiye kubibona ivyudebagura tuvyita guterigere gira muhave ukwihora guhonyumuryango kandi inzigo ntiyubaka nawe concilia wawe ntawutazi kwarumu DD mushikawe

  • Ayomategeko yirukana abitorewe najewe umwenegihugu bayakurahe!

  • CONCILIE KUKI UTARONDERA AHO UZOBA POLITIQUE IHINDUTSE???NIWINJIRE MURI DD ARIKO HARAZITIYE HARI BENSHI BAROZE NKUKO KWAWE.!!!!.PORONA SIKO YAKOZE VYIZA ARIKO UBU TURI MUGUKURA DD NTAWOGUSHINGIRA INTAHE NAHO YOBA MWENE WANYU ,,GUMANA NA NUWERA ARAKABURA KWERA ARARUSHE AHUBWO .NGIRA NUMWE YAHORA YIYITA MAMA KUKO BANDIKA KUMWE!!!!

  • @ Mukobeanjana, abotwandika ibikibabaza nibeshi ahubwoniwatwishinga uzonaziba umutima noneho urahevye uvugango twandikakimye nuwari nyokowawe!?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.