Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Ibitababaje PATIRI vyababaje UMUKOREZI" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > "Ibitababaje PATIRI vyababaje UMUKOREZI"

"Ibitababaje PATIRI vyababaje UMUKOREZI"

dimanche 2 Ruhuhuma 2014

Abanyeporitike batandukanye bo mu Burundi, baramaze kugira ico bashikirije kw’ikurwa ry’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, umushingamateka Bernard Busokoza, aho bamwe mu barongoye imigambwe baneguye iyo ngingo, bakavuga ko ico azize cane atari ifutwa ry’ingingo ya Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ahubwo azize ibwirizwa nshingiro rya Repuburika y’Uburundi.

Leonce Ngendakumana arongoye ADC IKIBIRI hamwe n'umugambwe Sahwanya FRODEBU

Ku bwa Leonce Ngendakumana umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu akaba anarongoye umurwi munini w’abatavuga rumwe na Reta ADC Ikibiri, amenyesha ko ingendo ya Edouard Nduwimana yo gusambura imigambwe atari iyije uyu munsi gusa yamyeho, aho, agatanga uburorero bw’umugambwe FNL wo kwa Agaton Rwasa, UPD zigamibanga urongowe na Chauvineau Mugwengezo, atibagiye n’umugambwe asanzwe arongoye wavuyemwo irindi shami rya NYAKURI.

Avuga ko icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Bernard Busokoza yakoze akazi kiwe yategerezwa gukora, aho muvyo yari ajejwe harimwo no gukosora amakosa akorwa na Edouard Nduwimana, mu bijanye n’itunganywa ry’imigambwe. Ariko rero ico sico catumye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amubogoza, kuko uwo yahora ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu bivugwa ko atigeze yorohereza umugambwe CNDD FDD ku kibazo c’ibwirizwa nshingiro, aho yoba yagumye asaba ko rikurwa mu nama nshingamateka, rikigirwa hamwe n’abanyamigambwe bose, hamwe n’abandi barundi bakurikirana ibibazo vy’igihugu muri rusangi.

Agathon Rwasa avuga ko ariwe arongoye FNL

Eka no mu mugambwe FNL bakaba babibona ukwo. Kubwa Agaton Rwasa avuga ko ariwe arongoye FNL, amenyesha ko ikibazo co gukura Bernard Busokoza coroheye cane intwaro ya CNDD FDD mu gihe ariko ikibazo c’abanyeshure bo kw’ishure ry’imyuga ETS Kamenge cabananiye, gushika aho umuyobozi n’umunyeshure yiyita komiseri vyanse ko bahagarikwa, mu gihe bagirizwa guha ishano umwe mu banyeshure, hamwe n’ugutegura ubwicanyi kuri iryo shure. Kubwa Rwasa Agathon, agatangaza ni ingene Reta aho gushigikira abariko bariyunga mu mugambwe UPRONA, yahisemwo nyabuna kubasambura, nk’uko vyagiye biragirirwa iyindi migambwe, aho Reta nyabuna yari ikwiye gushigikira ubumwe mu migambwe, na rirya buca duhimbaza ubumwe bw’abarundi, kuri uyu wa gatanu Ruhuhuma.

Bamwe mu badasigana bavuganye n’ikinyamakuru IGIHE, bakaba bashimira cane icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Bernard Busokoza, aho bavuga ko ijambo yabashikirije muri komine ya Ngagara hahejeje gutorwa inzego za JRR, ko hako yohemukira abadasigana bamuteye iteka ryo kumurungika mu kibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yopfuma yitaba IMANA. Ivyo akaba yabivuze kuwa 19 Gitugutu 2013, inyuma y’iminsi itatu gusa agenywe mu mabanga yiwe y’icegera ca mbere ca Petero Nkurunziza.

JPEG - 53.4 ko
Bamwe mu badasigana ba UPRONA

Ivyo rero abo badasigana bakaba babivuze inyuma y’aho bumviye ko bagiye kurongorwa na Niyoyankana Bonaventure kandi bamurungikiwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu. ’’Bati urwo rukundo dukundwa ni mu mpekure’’ bakaba bongeyeko ngo :’’Ibitababaje Patiri vyababaje umukorezi ’’ . Bo ku bwabo rero, bakaba batatahuye ingene ingorane zo mu mugambwe wabo zobabaza cane umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, mu gihe abanyamugambwe bo, babona ko nyabuna mu mugambwe wabo, ukwiyunga kubashikanye ahantu hazima, bagiye gushobora kurangurira hamwe ibikorwa vy’umugambwe wabo wa Rwagasore, ariko bazaniwe Niyoyankana Bonaventure bavuga ko ariye nkwezi y’amabi yose yashikiye umugambwe kuva mu mwaka w’2010.

Tukabamenyesha ko naho ikurwa rya Busokoza Bernard ryababaje abantu batari bake bo mu migambwe itandukanye yo mu Burundi, mu ntara ya Bubanza ho, urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD rwaraye rurigina iryo kurwa ry’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ndetse urwo rwaruka rukaba rwaranagize urugendo rurerure, aho bivugwa ko rwagenda ruravyina, ruvuga amajambo yo gutuka umushingamateka Busokoza yaraye akuwe mu mabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Abari mu muhari w'Imbonerakure za CNDD FDD

Aristide Nizigire

Messages

  • Ndabira nk’abo batagira n’agahuzu ko kwambara ngo bariko baravyina batuka Bernard Busokoza. Ha kuja ku mirimo ngo barabe ingene bo kwimara ubukene ngo bariko barashimagiza Nkurunziza ata n’ico abamariye. Nico gituma gutera imbere kwacu atari ejo. Nayo bernard Busokoza we nibaza ko ico yaziz kigaragara ni uko yashaka ko ibintu vyokorwa habaye inama n’ingingo, ntihatorw amategeko ya gihutihuti ivyo navyo Cndd-fdd ikaba atariyo ntumbero yayo. Bobo ico bibaza ni uko bazokwama ku butegetsi( ce qui n’est pas possible haba i Burundi cank n’ahandi ko abantu bama ku butegetsi imyaka yose). Ico bari bakwiye gukora ni ugukora ineza kuko ivyo bakora ubu ni inabi inuka isumba mbere ivyo twabonye mu yindi myaka iheze kandi igihe barwana bavuga ngo baje gukosora amakosa yabayer kuva kera. Ahubwo baje bunyura, baje bagenzwa n’ububegito butagira ingero

  • Ewe gihugu cacu caragowe murabona izo mbaragasa batagira nagasabuni ko kwicisha kp ngo bariko baronderera amahoro igihugu cacu eka naho dufise abatwara basenga igihugu cacu ni maudit maudit ewe mana dusenga wewe udasinziriye bogora uburundi bwacu bugeze aho umwansi ashaka.

  • ariko abo bantu bitwa imbonerakure batagira n’agahuzu ko kwambara,amavunja yenda kwica nibo bariko baririrwa batakaza umwanya ngo barishimira kubogozwa kwa Busokoza?ico namubarira nagumye magabo ahangane n’iyo nkozi y’ibibi ngi ni ministre.

  • Haaa haaaa!!Toujours nos amis dd nibo bavugwa kubibazo vy’amatiku.ahari mu burundi!!ETS,Uprona,Mubamama bihangayikira mumabarara IBuja ni DD!! Please hasigaye plan B y’ukumera nka Libya ya Kadafi??Amagorwa yabarundi ubona atazotujana mwibarabara nko muri Ukrain?DD yokura meza canke bitega ICC izotubanguranye

  • manipulation par des photos et denigrement

  • Imbonerakure,Rungura.vuturimitego hongorinjavyi

  • burya naw izo wambay armand si nziza cane. kimwe gusa nos politiciens ne sont pas mûrs. ntibabaza kahise imbere yo gufata ingingo

  • murayaroka...mbe mwibagiye amakuba uburundi bumaze imwaka nimwaka ko Busokoza ayafite mwo uruhare? Ahubwo mu Burundi ntabicanyi nkawe bariho ...

  • Mw’ijoro ryakeye, umushikiranganji Eduard Nduwimana yarose(dreamed) yabaye umukuru w’igihugu hama aca ategeka ko bata mu mvuto BERNARD BUSOKOZA kuko yamunaniye gushira mu bikorwa umugambi mubisha yapanze wo kugira NIYOYANKANA umukuru wa UPRONA. Amakuru twahawe n’aba DD (tutavuze amazina yabo kubera umutekano wabo) Aremezako Petero Nkurunziza yakuye icyizere cyose kuri Eduard Nduwimana kuko yananiwe kurangura urya mugambi bari bacuze

  • Abazi uyu mugabo ngo ni Nduwimana Eduard, bemezako no muhira iwiwe hameze nko mu muriro kuko adacana uwaka n’abo muhira iwe. ikindi burya ngo ashobora kumara indwi atikojejeko amazi.Ahora anezezwa no kubona ibintu bitagenda neza gusa. Nagerageje kumuhamagara kuri telefone mobile ngo mubaze ibi bimuvugwako ariko nsanga telefone yiwe yahezemwo umuriro(déchargé)

  • burarekura imishambara ngo buriko burakizura, barabanza babgurire agasabuni ko kumesa iyo mishambara baheze babone gutuka uwize akaba atunze umuryango wiwe....aho kwiga ngo batere imbere nka busokoza baja kumutuka, barabahenze basha, abo baduteje imbere nibo baturiye twari tuzi ko buca badukura mubuja none raba uko mwambaye

  • Bahinyutse biyambika insato zintama ubuho twamuvumbuye ngo pasteur?mbeginkina micowee!!Uprona ntizwirire iracarintango bacabagirat bacemwo:Dntibakanura yeeebabawee uwapfuye yarihuse egobasi

  • Abo batama bamaze imyaka mirongo irindwi nizo mbonerakure?Barambabaje abatama baraho barwaye Kwashi!

  • Yooo,mbega nizo mbonerakure bafise? mbe ntibobagurira uduhuzu? none izonkoni kwatamagara mbona bafise niziki? mbega waraciye kuntebe y’ishure ntujamwo mumbonerakure? toujours les illettrés. aho bahendwa ngo bazosubira harya ha busokoza? barabanza bikure ayomavunja! boge,babagurire agashambara! hama bagir’indero bareke gutuk’uwobatangana.

  • Yooo,mbega nizo mbonerakure bafise? mbe ntibobagurira uduhuzu? none izonkoni kwatamagara mbona bafise niziki? mbega waraciye kuntebe y’ishure ntujamwo mumbonerakure? toujours les illettrés. aho bahendwa ngo bazosubira harya ha busokoza? barabanza bikure ayomavunja! boge,babagurire agashambara! hama bagir’indero bareke gutuk’uwobatangana.

  • Yooo,mbega nizo mbonerakure bafise? mbe ntibobagurira uduhuzu? none izonkoni kwatamagara mbona bafise niziki? mbega waraciye kuntebe y’ishure ntujamwo mumbonerakure? toujours les illettrés. aho bahendwa ngo bazosubira harya ha busokoza? barabanza bikure ayomavunja! boge,babagurire agashambara! hama bagir’indero bareke gutuk’uwobatangana.

  • Ikuri kurastinda tôt ou tard, ikinyoma cabanyepolitike basumira inda,abo mukirundi bita ba niryo, uwitwa ngo ni patiri afise invugo idasa n’uyumukozi w’Imana nagatoyi kuko umukozi w’Imana arubaka ntasambura, ngo abashonje ntibabuze, aaaaaaaaaaaah barundi barundikazi, ibaze kwakira akamanyu k’umutsima bakwita IGIHEMU. Aho ntimwokwiyambika agahuzu.

  • Mbega uwo nduwimana.arangwa namacakubiri niki mugihugu?baca umugani ng’uhagarikiwe ningwe aravoma mwebwe mumureke igihe ubutegetsi bwa hindutse. Azobura naho asaba amazi yo kunwa nayo uwo yakuwe.bamujijije ubusa yihangane mwebwe muba hiyo mukaba mushobora no kubona uwo mugesera nduwimana mumubwire muti ivyo ukora uzobibazwa nitwataha tuzogutwikira munzu.

  • Bitebe bitebuke hari igihe ubutungane buzokora, abagirizwa amabi atandukanye harimwo no gucanishamwo abene gihugu bakubitwa intahe mu gahanga!!!!

  • Muvyukuri nibavane ho iyo sanamu yitiriw ngo n’imbonerakure erega iyi site ibonwa n’abantu bisi yose!yego turakenye ariko that is too much!yamara abantu bambayamababi nibihosho nkuko wagira ngo ninyamaswa ra?rwose rwose n’akumiro bambe akaga

  • Nta bube gito kuko ntanijambo bafise kuko abo barigukiza nibo bagenda gusa
    Hanyuma bata icobakijije bakakibaka none umbonera izombonera hamfi zabo zizovamwo abantu ryari wogira nabo muricagihe ca prehistoire Nkurunziza natabare areke ayo manyanga yiwe abahe ico Bambara hanyuma nawe nabo barikumwe mukonona Uburundi prison international irababona nka bagbo
    nawe Busokoza ntibazopfa banyanye mukwanka akarenganyo il est l, home de la situation actuelle

  • Nibaz k harigih ibivyas bizoher tukaronk abaturongor badukunda bataronder izabonyung kk ahuburundi bugez ntihari aho kuryana nuguterena amajamba ahubwo bari bakwiy kutwera inzira idushukina mwiterambe kand twibuk k ababikor k bazobibaswa kumuzi urimperuka

  • busokoza arakuwe n,abandi bari munzira.

  • busokoza arakuwe n,abandi bari munzira.

  • busokoza arakuwe n,abandi bari munzira.

  • busokoza arakuwe n,abandi bari munzira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.