Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibitigiri vy’abantu bahunga kw’isi vyariyongereye uyu mwaka-Croix (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ibitigiri vy’abantu bahunga kw’isi vyariyongereye uyu mwaka-Croix (...)

Ibitigiri vy’abantu bahunga kw’isi vyariyongereye uyu mwaka-Croix Rouge

samedi 15 Kigarama 2012

Abantu barenga imiliyoni 70 ni abahunga ku nguvu kw’isi. Ibitigiri biguma vyiyongera, biba intambamyi idasanzwe kubafasha. Bisabwa y’uko hobaho akarusho muvya nkenegwa bijanye no gukingira abo bantu.

Abarenga igice 1 kw’ijana vy’abantu kw’isi yose bahunga kubera intambara ,ubwicanyi bukogwa hirya no hino,impanuka,ihindagurika ry’ibihe hamwe n’ibindi bikogwa vyitwa ko ari iterambere. Ico gitigiri ciyongera buri mwaka aho ahanini usanga abo bantu bahunga atakibanza nyezina bafise kuko baguma bagenda barondera aho baba eka mbere ugasanga mu gihe bahunze, utwabo twose banatwambuwe.

Igitigri c’abantu bahunga ku nguvu mu bihugu vyabo kirengeye kure igitigiri c’impunzi kw’isi hamwe n’abandi bantu baba bamaze gushika ku mipaka. Igiciro ku miryango mpuzamakungu kikaba nimiburiburi imiliyardi 8 z’amadolari y’abanyamerika ku mwaka mu bikoresho vya nkenegwa.Ico gitigiri gituma habaho ukuraba neza kuko nibiba vyakoreshejwe mu kugarukira kuri abo bahunga ku nguvu,abasamburiwe ivyabo,ababayeho mu bukene budasanzwe na cane cane abagore n’abana,imiryango yatandukakanye n’iyindi yakumiriwe iba ikeneye imfashanyo zihuti zihutirwa.

Ivyo biri mucegeranyo casohow n’ishirahamwe mpuzamakungu Croix Rouge kubijanye n’impanuka kw’isi mu mwaka w’2012,cerekana kandi ko mu myaka 40 iheze uyo muryango wa Croix Rouge wagutse ukorera ahandi henshi hashasha. Uyo muryango ukaba warashizeho ibisata bikomeye mu buhinga vyatumye bakora ibintu bikomeye.kubera ko bitwararika cane abantu bahunga ku nguvu,babayeho kugufashwa mukuvuzwa ,uyo muryango waremeje mu nama yawo idasanzwe politike iraba ikibazo c’abahunga aho naho hari muri munyonyo mu 2009.

Naho ibikogwa vyo gufasha abahunga vyakozwe,intambamyi ngo ziracariho,ari naco gituma ico cegeranyo casohowe kugira cerekane neza uko ikibazo c’abahunga kimeze kw’isi kugira abafasha bagifate ko ataricoroshe kugira bagarukire kurabo bantu.


Jean Marie Myonga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.