Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibituma abubakanye bemererwa kwahukana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ibituma abubakanye bemererwa kwahukana

Ibituma abubakanye bemererwa kwahukana

mercredi 29 Rusama 2013

Mbega birashika ko abantu bigeze gukundana, bagasangira akabisi n’agahiye mbere bakongera bakabwirana utujambo tw’urukundo ndetse bakanatera igikumu imbere y’amategeko ko bagiye kubana akaramata, umusi umwe bakabisukamwo amazi vyose?

Iyo rero tuvuze ivyo kwahukana ni ngombwa tuvuge ibibituma, ku buryo vyanka ko babana muri vyo rero igitwara ibindi vyose ni uguhohotera uwo mwubakanye.

Igituma ca mbere abantu bahukana n’uko ubuzima bwo kubana ari babiri buba bwananiranye.

Ikigira kabiri ibituma kenshi haba ukutumvikana ku bubakanye vyinshi cane, murivyo hari ibiva ku buzima bw’umwe wese ku giti ciwe hamwe na kahise kabo, atari ibivuye ku kuntu biyumva mu mutwe canke mu buzima bw’urukundo rwabo.
Ukwo gusaba kwahukana bishobora gusabwa n’umwe mu bubakanye canke ku mpande zose.

Mbega hoba hariho ibituma bidafashe vyo kwahukana?

Iyo abubakanye batemeranije ku kwahukana, canke ngo bashireho ukwahukana bose bumvikanyeko, umwe wese ategerezwa kwerekana ikosa uwo bubakanye aba yakoze kugira bamuhe ubwo burenganzira bwo kwahukana.

Mu bisanzwe umuntu kugira aronke uburenganzira bwo kwahukana n’uko aba yerekanye ubukomezi bw’iryo kosa rya mugenzi we ku buryo biboneka ko ubuzima bwo kubana mu rugo nk’umugabo n’umugore budashoboka. Iyo rero bidakunze ko berekana ubukomezi bw’ayo makosa, iryo kosa ntirifatirwako, aho rero uwasavye kwahukana arankirwa.

Kugira umuntu yanke ukwahukana mu guhakana amakosa yagirizwa n’uwo bubakanye, aho rero uwo ategerezwa gushigikira ko ayo makosa yagirizwa atagira ishingiro.

Nk’akarorero nk’iyo mwapfuye ko yama ataryohewe, canke akantu gato mutahurijeko canke nk’umugabo agashaka ko muvyara uwundi mwana kumbure hataragera utuntu mwene utwo ntibashobora kwemera ko muvana. Ahubwo rero nk’iyo akwagiriza ukurenga ibigo, guta urugo, ibitutsi vy’imisi yose canke gusesagura amatungo y’umuryango, ayo ni amakosa akomeye atuma baguha ubwo burenganzira bwo kwahukana.

Umucamanza rero ajejwe ivy’ingo n’imiryango niwe ashobora kwemeza ko abo bantu bikenewe ko bavana bivanye n’uko amategeko avuga. Iyo umwe mu bubakanye yanse ko bahukana, nta yindi nyishu kuri uwo aba yasavye kwahukana atari iyo kugerageza kuvugana n’uwo bubakanye ko yokwemera bakahukana.

Iyo rero ushaka gushinga urubanza rwo gusaba kwahukana, n’uko mbere umuntu yobanza kwibaza ibibazo kugira aho azobishira umushingwamanza azosaba ubwo burenganzira sentare ikavyemera.

Turavye ingaruka mbi ziterwa n’ukwahukana haba ku miryango haba na cane cane kubana aribo mbere bamererwa nabi gusumba abandi, n’uko abubakanye bobanza bakaronderera inyishu ahandi imbere y’ukwihutira muri sentare.
Tukongera tugahanura abagomba kwubakana gufata akanya gahagije ko kumenyana ntihagire ingeso zizohava ziboneka mu nyuma hagati y’abo mu nyuma bikagorana ingene bazitorera inyishu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.