Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibombora bombora mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Ibombora bombora mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

Ibombora bombora mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

mardi 13 Nzero 2015

Ibombora bombora mu mugambwe UPRONA ishami rya Concilie Nibigira ryatanguye kwibonekeza, mu gihe muri uwo mugambwe bavuga ko bariko bararondera hasi hejuru abanywanyi kugira baze batsinde amatora yimirije.

Amakuru dukura mu Badasigana batandukanye begereye uwo mugambwe akaba ari uko Francis Ngaruko yahora ari umuvugizi w’uyo mugambwe ishami rya Conciliya Nibigira, akongera akaba n’umuhanuzi mukuru w’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza ajejwe ibibazo vya poritike n’imigenderanire, yabogojwe muri ayo mabanga, aca asubirizwa na Aloys Rubuka yigeze kurongora UPRONA, mu nyuma aca aja guserukira Uburundi mu gihugu c’Ubuhinde.

Mu vyatumye Francis Ngaruko yirukanwa mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, bamwe bakavuga ko yoba ari uko ashigikiye igaruka rya Niyoyankana Bonaventure kurongora umugambwe kugira bategurire hamwe na Concilie Nibigira amatora y’uworongora umugambwe wa Rwagasore wacitsemwo amashami, abandi bakavuga ko yazize ko yoba yabwije ukuri Gaston Sindimwo co kimwe na Concilie Nibigira ko hamwe batiyunze n’umushingamateka Karori Nditije, batokwirigwa bariyandagaza ngo baja mu matora, kuko ata majwi bohakura.

Amakuru ava mu Badasigana ba UPRONA akavuga ko hari n’abandi bari mugukurwa basanzwe bakora mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, abo nabo bakagirizwa ko boba barira amatama yompi, batagira aho bahagaze. Umwanya umwe rukamvye bagasa n’abashigikiye umurwi wa Nditije, rwacureha bakigarukira gupfundurura amasorori yuzuye. Abo rero bakaba ngo boba bamaze kumenyekana aho mu biro vya Prosper Bazombanza, ndetse bakaba boba bamaze n’uguhabwa gasopo nk’uko amakuru ava muri abo baporona nyene abandanya abishikiriza.

Mukamenya ko Francis Ngaruko yari mu badasigana ba UPRONA bashigikiye Concilie Nibigira, ndetse bamwe bakavuga ko ahubwo basa n’abahomvye umuntu akomeye cane kuko yari mu bafashije Gaston Sindimwo gusigurira abarundi n’amakungu igaruka rya Concilie Nibigira kurongora umugambwe UPRONA wemewe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD.


Aristide Nizigire

Messages

  • bitebe bitebuke bansumirinda bazonstidwa batahe .coco na dudu bazobwicuza hamwe ni imbonerakure zibashigikiye mugusambura IMIGABWE yacu CNDD FDD na UPRONA.
    DUDU Afise umugambi wogucafuza CNDD-FDD kugira abantu bose bawuvemwo kubera amakosa ukora .dusavye MUTAMA AFATE INGINGO AMUKURE KUKO AMAKOSA YIWE YATURAMBIYE .Ni intabwe yi nyegeje MUNTAMA.

  • Aho abadd bodusigurira neza igituma babona ko nkurunziza ariwe wenyene ahari?naho woba utiyemera wopfuma ubikora mukigamba!

  • Biraca biraza, rindira gato umugambwe usubizwe Nditije, dudu na coco bamaramare izuba ryaka! aho hose barazwa ishinga n’ivyo bakwegera mu nda zabo gusa bakinda basambura UPRONA !! cira birarura ba dd UPRONA ni umugambwe wagwaniye ukwikukira, sico kimwe na dd yamaze aba Tutsi ngo ihabuza agateka k’abahutu, ikica igasasika inganda, ariko ngirango aho iviriye mw’ishamba barabonye ko ubwoko budahona!!! nta kamaro ko kwicana hagarika umwe wese arafise umusi n’isaha atazorengana.

  • @Ngaruko haaa hiioo yaaaaaaa !!!

  • MAMA FRANCIS KO UKUNDA INDA TUKUZI UBWO NTIHARICO WAKORAKOYE????MBE NONE KUKI UBA MU BINTU BIDATONZE ...NTACO WOBONA ,,

  • Kugwa si bibi. Kibi ni uguherayo. Turashimiye Francis ko yagarutse mu ruhongore. Hariho umuntu umwe tukirindiriye: Anicet Niyongabo.
    Anicet— Ugikora iki muri ako kaja? Vayo usubire mu bawe; turakugiriye ikigongwe kandi turakurekuriye. Hanyuma Gaston asigarane na cherie wiwe.

    Narishwe n,agatwengo numvise Gaston asigura kuri Kabizi ko Uprona ya be na Concilia naho Rwagasore yogaruka batomusubiza uwo mugambwe, kandi ko batazopfa barota biyunga na Rwasa canke ADC. Iyo mba hafi nari kumwishura nti: na Rwagasore ntiyokwemera iryo shami ryanyu ryabaye abaja, imihimbiri ya CNDD-DD. Na Rwasa canke ADC ntibokwemerera gukorana n,ubugabo niryo.

    Mbega nyene, nimba Francis azize Niyoyankana, Niyoyankana mumuronderako iki? Aje gute ko comite ya 2009 n,amategeko ayigenga muvuga ko mwamaze kubifuta aho mwikokomora muri rukokoma? Muriko muratera igere basha! Uwumbabaza ni umushingantahe Anicet akizezeta inyuma y,ubwo bugabo!
    Anicet—Barakuroze canke? Saba impanuro muramwawe! Hariho ubuzi muri secteur privé; tuzogufasha yaco uta ubwoko!

  • hahaha erega Mudasigana! birababaje kubona anicet na ndayizamba birirwa barikwega munyo yako gahimbiri gaston gakunda inda gusa atakindi , nugusuzugura Abashingantahe bamize akabuye k’abagabo . Erega kabonye sinunguruza agahaye akazi kubera gutinya ko gashobora kumutukira mu bantu aca arakiyegereza , nn raba kagomba gusumvya icubahiro Umuganwa atari umugani RWAGASORE !!! Kubona kubahuka kuvuga ngo naho RWAGASORE yogaruka ntikomusubiza umugambwe wiwe ukamengo nuwiyo MBWA ITAGIRA UMURIZO ! Ha ariko biriko biratera imbere ivyabo na DD tuzorabe ko bazokwigwa mu nzu kwa edwari !

  • Ngaruko weee!!! reka bagukomeshe!!wari wakurikiye concilie ngo ugiye kuronderer’inda utaziko ari bahomora!!ahubwo iyo bagucisha mugasho!!

  • ABARUNDI MWIBAGIRA NINGOGA KWERI.BURYA MWIBAZAKO IVYO EDUARD MININTER AKORA ARUGUKUNDA CNDD-FDD?URYA UZOWUCAFUZA ATEKEKO AWUSENYURE.ICIZA NUKO NUKO ASHIGIKIWE NABENEWO KUMBURE KUBERA BATABONA KURE OU BIEN BATIYUMVIRA INKURIKIZI ZIBI AKORA.ARIKO AKICA URUGO KARUVAMWO UMUGANI WAWA WUNDI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.