Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiteramo “Burundi Night” cabereye i Kigali mu Rwanda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Igiteramo “Burundi Night” cabereye i Kigali mu Rwanda

Igiteramo “Burundi Night” cabereye i Kigali mu Rwanda

dimanche 3 Munyonyo 2013

Igiteramo Burundi Night cari gihariwe abarundi n’akaranga k’ikirundi carabaye ku murwa mukuru w’igihugu c’Urwanda, i Kigali mw’ijoro ry’uwagatanu uheze. Abantu bakaba bari isinzi bacitavye, umunezero nawo wari wose. Ico giteramo categuwe n’abarundi baba mu Rwanda kikaba caritabwe n’umushikiranganji ajejwe inkino n’imico wo mu Rwanda.

JPEG - 61.8 ko
Abatimbo

Ishirahamwe ry’Abarundi baba mu gihugu c’Urwanda (ADIBUR) ryaratunganije igiteramo kuri uyu wa gatanu i Kigali ahitwa i Remera mw’ihoteri Sport View Hotel. Ico giteramo cari citabwe n’abantu isinzi. Mu kibanza c’ibiteramo co muri iyo nyubakwa, abantu bari bakubise harazima uko bitamenyerewe. Bahimbawe cane n’imvyino z’ikirundi hamwe n’umurisho w’ingoma abatimbo bariko barasasiriza n’ingoma zabo.
Umurwi ndangakaranga Abagumyabanga warabiciye biracika ku bigeme bawo bavuna ihunja bigashimwa. Aho ni mu gihe abatimbo nabo babiciye biracika ku murisho w’ingoma. Bavuza bongere biyereka, bagasimba mu kirere ukabeshera inyoni mu kuguruka. Abaraho nabo akanyamuneza kenshi karabashwara, ibirori biba akaroruhore.

JPEG - 59.6 ko
Umutimbo ariko ariyereka mu kuraruka

Ico giteramo kikaba kandi cari citabwe n’abaserukiye Urwanda. Aha twovuga umushikiranganji w’Urwanda ajejwe inkino n’imico, Mitali K. Protais. Uwo mushikiranganji akaba yarashikirije akajambo ko kugaragaza umunezero afise kubwico giteramo. Agashimira cane abatunganije ico giteramo. Ati, kurya Uburundi n’Urwanda vyahoze ari igihugu kimwe, n’imico irashusha. Akaba yemereye ko abanyarwandanabo bazosubiriza mu ndumane abarundi ku bintu vyiza bari bahejeje kubereka.

JPEG - 56.6 ko
Mitali K. Protais, umushikiranganji w’Urwanda ajejwe inkino n’imico

Ico giteramo kikaba cagiye kurangizwa n’ indirimba z’umuririmvyi Mugani Désiré azwi kw’izina rya General Fizzo. Uyu, yabaye agishika imbere y’abantu baca bavira hasi rimwe maze batangura kuryoherwa n’indirimbo “Bajou”, “Ndakumisinze” n’izindi z’uyo muririmvyi. Abakibasha ntibigumije baragatamvye. Ico giteramo kikaba catanguye gicerewe kw’isaha yari itegekanijwe bituma gihera bwije, ijoro ryiteye.

JPEG - 54.5 ko
General Fizzo
JPEG - 62.7 ko
Bamwe mu bari bitavye igiteramo
JPEG - 59 ko
Uwivuga amazina
JPEG - 61.8 ko
Imisore y’Abagumyabanga bariko baratamba

INGABIRE Luc-Noel

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.