Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igwirirana ry’abantu mu Burundi ryoba ryaratorewe inyishu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Igwirirana ry’abantu mu Burundi ryoba ryaratorewe inyishu

Igwirirana ry’abantu mu Burundi ryoba ryaratorewe inyishu

mardi 2 Mukakaro 2013

Ibibazo bijanye n’igwirirana ry’abantu mu Burundi vyari bikwiriye ko ritorerwa inyishu amazi atararenga inkombe, atari uko naho, n’igihugu gishobora gusubira inyuma mu bijanye n’iterambere. Ivyo bikaba bishikirizwa n’umugambi w’irondoka rijanye n’amagara meza.

Bimwe mu vyagaragaye biri mu bituma haba igwirirana ry’abantu, hari imigenzo n’imico y’abarundi ishira imbere kurondoka, kutamenya kuvyara ku rugero, kudaha agaciro uburyo bukoreshwa mu kurondoka ku rugero, hamwe n’abagabo batitaho ibijanye n’ingene bovyara ku rugero, igitigiri c’abafatwa ku nguvu bakibaruka batavyipfuje. Ariko imvo zituma haba igwirirana ry’abantu sizo zonyene, hari n’izindi tutarinze kundandagura, twisunze gusa ibijanye n’imigenzo n’imico y’abarundi.

Kuri iyo mvo ijanye n’imigenzo hamwe n’imico y’abarundi ishira imbere irondoka, abarundi bamye ari abantu bubahiriza imigenzo yabo kuva na kera. Igwirirana ry’abantu ntiritanguye ubu, ahubwo ryagiye ririyongera uko imyaka igenda.

Ijambo « kuvyara » canke « kurondoka », ni jambo rifatwa nk’umugisha. Iyo umuryango wibarutse ikibondo, mu migenzo y’abarundi, baca bawibarutsa. Umuryango nawo utavyara ntiwaramutswa kuko wafatwa nk’uwutubashwe, ari naco gituma irondoka ryame ari ikintu gishirwa imbere mu mico y’abarundi. Ikindi naco, abarundi bamye ari abantu bakunda basenga, binjira mu madini atandukanye, bakaharonkera n’inyigisho. Mu nyigisho zitangwa, barigishwa ko irondoka ari umugisha ariko ikibabaje n’uko hari benshi batiyumvira ku magara yabo, baza kuyora basheshe.

Abandi nabo ntibiyumvira kuri kazoza k’umuryango, aho abagabo akaba aribo badomwako urutoke kuko aribo batitaho ibijanye n’ingene bovyara ku rugero. Mu gihugu hagati hoho, igitigiri c’abavuka kiraduga cane, kuko vyagaragaye ko abagabo bahata cane kuryamana n’abakenyezi batanabateguje, ugaca usanga baratwaye imbanyi batari bavyiteze.

Umuntu yihweje ivyo vyose bituma haba igwirirana ry’abantu, arashobora kubona ko mu gihe hadatorewe ingingo kugira imvyaro zigabanuke, mu myaka iri mbere, ntibizoba vyoroshe kuronka ibihaza imiryango. Ingaruka nazo zikaba zitari nke zikaba zimaze kwigaragaza. Aho twovuga nk’amatongo yaze mu gihugu cose, ivyo bigaca bituma haba indyane n’amatati mu gihugu, aho usanga se n’umuhungu canke nyina n’umukobwa batagicana uwaka. Aho ubwicanyi buvuye ku butaka bugaca butangura, ukwihorana nakwo ntigusigare inyuma.

Iyo umuntu yabuze ico ashira mu kanwa, arondera uburyo bwose bushoboka kugira akize amagara yiwe. N’abarundi barayameze bati : « Mu nda harara inzara hakazinduka inzigo ». Aho ntitwibagiye abaca bihereza amabarabara bakaja gusega kuko babuze ayo bacira n’ayo bamira. Muri ico gihe hagaca haba n’akajagari mu gihugu.

Tukivuga ingaruka zijanye n’igwirirana ry’abantu mu Burundi, n’ubwo ubu abana batarakwiza imyaka itanu bavurwa, igitigiri c’abapfa batarakwiza iyo myaka itanu kiracavugwa kuko abavyeyi babo bataronka ivyo babafungurira bikwiye, canke bikaba vyavuye ko umuvyeyi afise intaheka, bakamugora kurera.

Ku bakenyezi nabo bibaruka, amagara yabo arahasinzikarira kuko iyo bagumye bavyara badatandukanya imvyaro, igitereko cabo kirateba kikaruha, ugaca usanga niba magonyagi, ntibabe banagishobora kwitaho n’utundi dukorwa two mu muryango bategerezwa gukora.

Muti none hokorwa iki kugira ico kibazo kikiraje ishinga Uburundi gitorerwe inyishu?

Ica mbere n’uko ubutegetsi bwotegekanya uburyo bukwiye bwo kwigisha abavyeyi bose mu gihugu ku bijanye n’ingaruka mbi ziterwa n’igwirirana ry’abantu, maze bahabwe inyigisho zikwiye.

Abakenyezi bari bakwiye kwiyumvira kuri kazoza kabo n’akumuryango, bakajijuka bakavyara abo bashobora kurera.

Abajenama n’abamenyeshamana bagatanga intererano mu kwigisha irondoka rijanye n’amagara meza, bakanabigisha n’ukungene bosabikanya bike bafise bakaba mu mahoro n’urukundo ata ndyane zihabaye. Ikibazo kijanye n’irwirirana ry’abantu, ntikiraba gusa abategetsi b’Uburundi, cega umurundi wese, n’uwo wese arondera iterambere ry’iguhugu.« Tuvire hasi rimwe tugarukire igihugu cacu ».


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.