Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihuriro ry’urwaruka na Fontaine - Isoko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ihuriro ry’urwaruka na Fontaine - Isoko

Ihuriro ry’urwaruka na Fontaine - Isoko

mercredi 11 Kigarama 2013

Ishirahamwe Fontaine-Isoko ryarateguye ihuriro ry’urwaruka rw’Uburundi ruva mu mihingo itandukanye y’Uburundi. Iryo huriro rizobera mu ntara ya Gitega, rizomara iminsi 3.

Iryo shirahamwe rimaze hafi umwaka rikora umugambi wo gutwara neza, hamwe n’iterambere ritavangura, aho rikorana n’ishirahamwe “SPARK” ( rifasha mw’iterambere riciye mu nyigisho zo gukundisha ibikorwa urwaruka rwakozweko n’intambara). Iryo huriro rifise icivugo “urwaruka ruzi ico rukora kandi ruriko rurakora”, rifise intumbero yo guhamagarira urwaruka kwitaho no kuja mu mashirahamwe aharanira inyungu z’abenegihugu, kwitaho no kuja mu mashuri, kuja mu migambwe, mu mashirahamwe yigisha guteza imbere ivyo umuntu wese akora.

Niyongabo Augustin ari mu bateguye iryo huriro, avuga ko mu kiringo kingana hafi umwaka, Ishirahamwe Fontaine-Isoko, ryarahaye inyigisho urwaruka rungana 330 ruturuka mu ntara zose z’igihugu, hatarabwe imigambwe, ubwoko, intara n’ibindi. Izo nyigisho zari izo kwigisha urwaruka ibijanye n’uburongozi bwiza, ubuhinga bwo gutumanatumanako amakuru no kumenya gusigura ibintu.

Abandanya avuga ko muri ico kiringo c’umwaka umugambi umaze utanguye, mu mahangiro bihaye, harimwo guteza imbere ibiganiro bidakumira kugira igisata c’imibano n’ubutunzi ku rwaruka gitere imbere, biciye mu gutunganya amanama menshi, arimwo abahinga bafasha gutanga izo nyigisho ku rwaruka.

Niyongabo amenyesha kandi ko hateguwe no kwerekana bamwe mu rwaruka rw’imboneza. Asigura ko urwaruka rw’imboneza ko ari bamwe usanga hari ico bamariye igihugu iruhande y’ico bonyene bimariye. Abo ntibatowe, kuko ivyo bakora ni vyo biberekana, kuko biba bishimwa na bose. Aho rero Fontaine-Isoko yahisemwo abagera kuri indwi, abo bava mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu, vyongeye ni urwaruka rukora rudasavye imfashanyo canke ngo rukore rwiteze guhembwa. Hejuru y’ivyo, ibikorwa vyabo birafasha kuko ubutumwa batanga bushika kure.

Bamwe muri urwo rwaruka n’aba bakurikira: mu gisata c’abanonotsi habonetseyo Niyonsaba Francine. Uwo mukobwa w’umurundikazi amaze gutera iteka igihugu incuro zitari nke mu kuzana imidari avana mu mahiganwa mpuzamakungu, iruhunde y’ivyo n’ibendera ry’Uburundi rikaduga mu makungu. Mu gisata c’abaririmvyi, Fontaine-Isoko yahisemwo Nzeyimana Thomas ari we Mkombozi. Uwo na wenye ubutumwa atanga mu ndirimbo ziwe burafasha cane.

Hari n’abandi nk’umusore aba mu ntara ya Gitega, aho yashinze iradiyo Ubu isamirana mu ntara 8 z’igihugu bamuzi kw’izina rya Gasape, hari Landry akunda gushikiriza ivyiyumviro ku bijanye n’ubuzima bw’igihugu, akabivuga mu rupfasoni kandi mu bwenge, hari kandi umwanditsi w’umurundi Roland Rugero, Jean de Dieu Nkurunziza amaze gutera ibiti birenga imiliyoni 5.

Abo hamwe n’abandi, bazoba bari muri iryo huriro rizobera mu ntara ya Gitega kuva kw’igenekerezo rya 17 gushika 20 Kigarama 2013 mu kigo Centre Theresien.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.