Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikibazo c’ivyagirizwa Rwasa Agathon gikwiye kwitonderwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Ikibazo c’ivyagirizwa Rwasa Agathon gikwiye kwitonderwa

Ikibazo c’ivyagirizwa Rwasa Agathon gikwiye kwitonderwa

samedi 14 Nyakanga 2013

Ingingo yo kwugurura amatohoza agamije gushira mu munyororo Rwasa Agathon, ku rubanza rw’ubwicanyi bwo mu Gatumba bwahitanye abanyamulenge 160 ntibibonwa kumwe haba ku ruhande rw’abahinga muvy’amategeko canke abahurikiye mu migambwe itavuga rumwe na Leta. Ikiboneka ariko, n’uko bose bahurira ku kuvuga ko harimwo imvo za politike.

Isidore Rufyikiri, arongoye urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura amenyesha ko amasentare yo mu Burundi afise uburenganzira iyo bikenewe ko akurikirana uwagirizwa ivyaha vy’ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ntambara n’ivyaha vy’ubwicanyi bw’agahomerabunwa.

Ariko rero, n’aho sentare zifise ubwo burenganzira, umushingwamanza Isidore Rufyikiri abona ko muri iryo kurikiranwa rya Rwasa Agathon harimwo imvo za politike, inyuma y’imyaka icenda habaye ubwo bwicanyi bwakorewe abanyamulenge mw’ikambi y’impunzi mu Gatumba.

Mu mugambwe Sahwanya FRODEBU bamenyesha ko ibiriko biravugwa n’ubutungane bw’Uburundi bitandukanye n’ivyanditse mu masezerano. Ferederiko Bamvuginyumvira, icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU amenyesha ko bitumvikana ingene Rwasa yotangura gukurikiranwa ariho agitaha, mu gihe imbere y’uko aza abatwara igihugu bama bariko barasemerera ku nsamirizi n’imboneshakure ko botaha gufatikanya n’abandi kwubaka igihugu. Nk’uko Bamvuginyumvira abimenyesha, biratangaje ingene ubutungane buriko bwirengagiza ivyanditswe. "Ingingo y’umunani igenga amatora iratomora ko mu kurindira amatohoza ya sentare mpanavyaha idasanzwe mu Burundi, ari nayo izokwerekana ivyaha vyakozwe, abagirizwa baba barahabwa ikigongwe c’agateganyo. Ntivyumvikana rero ingene boca batangurira ku vyakozwe na FNL."

JPEG - 174.2 ko
Bamvuginyumvira Ferederiko, icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU

Kubwa Bamvuginyumvira, Leta yerekanye ugushaka kuburabuza Rwasa Agathon kuva agishika kuko yabaye agishika, igipolisi gica kimubuza kubonana n’abanywanyi biwe, kuganira n’abamenyeshamakuru n’ibindi. "Ubutegetsi bwari bwemeye kuzomurinda, ariko twatangajwe ahubwo n’ingene baciye bamubuza kwidegemvya, bisa n’uko yoba ari intumbero yo kuburabuza abatavuga rumwe n’ubutegetsi"

Bamvuginyumvira Ferederiko abona ko ikibazo ciwe cokwitonderwa mu gihe amatora ariko aregereza.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.