IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Bujumbura > Ikigo c’Abafaransa cahariye ukwezi kwa Ruheshi ibidukikije

Ikigo c’Abafaransa cahariye ukwezi kwa Ruheshi ibidukikije

mercredi 23 Ndamukiza 2014

Ikigo c’abafaransa catunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru aho catanga urutonde rw’ibikorwa nyamukuru bigiye gukorwa mu mezi 3 ari imbere. Inyuma y’ivyo bikorwa bazoca baja mu karuhuko.

Nk’uko ikigo c’Abafaransa c’i Bujumbura cama kibikora uko amezi atatu aheze, kirashira k’umugaragaro urutonde rw’ibizokorwa. Urutonde rwashizwe ahabona n’urwo guhera mu kwezi kwa Rusama gushika muri Mukakaro. Ibikorwa bizokwugururwa n’igiteramo c’agakura kizoremeshwa n’umuririmvyi wo mu mudiho wa Rap ava mu gihugu ca Burkina Faso yitwa Smarty , umurirmvyi aherutse no kuronswa agashimwe n’insamirizi y’abafaransa RFI hari mu mwaka w’i 2013. Ico giteramo kikaba kizoba kw’igenekerezo rya 15 Rusama. Muri Rusama nyene, Umufaransa yitwa Guillaume Vallée agira ibikino vy’ibitangaza (magicien) azoteramisha abanyagisagara kuma genekerezo ya 25 na 27 .

Muri rusangi n’ibiteramo bitandukanye, harimwo nk’umusi mukuru w’umuziki uzohimbarizwa mu bibanza bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura. Aho hakazoba ari kw’igenekerezo rya 21 Ruheshi. Abaririmvyi b’Abarundi bazohabwa igice c’umunsi bavuza umuziki hirya no hino i Bujumbura.

Ikitari kimenyerewe n’ukwezi kwose kwahariwe ibidukikije(Mois de l’environnement). Muri uko kwezi kwa Ruheshi, abahinga mu bidukikije bazotang ivyirwa bitandukanye, harimwo icigwa kizovuga ingaruka mbi z’amasashi ku bidukikije, eka hazoba no guhanana ivyiyumviro ku buzima bw’ishamba rikingiwe ry’i Vyanda mu ntara ya Bururi. Ibikorwa bitandukanye vyaba ivyigwa canke ibiganiro ku bijanye n’ibidukikije, bizobera mu bibanza bitanduka nko mu kigo c’urwaruka co mu Kamenge(CJK), mu kigo CELAB kiri muri Kaminuza y’Uburundi co ku Mutanga, na handi.

Ku bijanye n’ivyese"Théâtre", hari imirwi mishasha iherutse kuvuka harimwo iyagizwe na bamwe baronkeye inyigisho za "Théâtre" mu kigo c’Abafaransa nka "La Troupe Théâtrale Umushwarara" uzobica kw’igenekerezo rya 9 Rusama.

Tuzogenda tubamenyesha ikizoba kigezweho muri urwo rutonde runini tutashoboye kwandika ngaha.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.