Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imbonerakure ziratungwa agatoke mu turere tumwe tumwe tw’Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Imbonerakure ziratungwa agatoke mu turere tumwe tumwe tw’Uburundi

Imbonerakure ziratungwa agatoke mu turere tumwe tumwe tw’Uburundi

jeudi 4 Mukakaro 2013

Urwaruka ruhurikiye mu mugabwe uri kubutegetsi CNDD-FDD ruratungwa agatoke ko rubangamira abanyagihugu mu turere tumwe tumwe. Abarongoye izo mbonerakure barahakana ivyo baregwa, abajejwe umutekano nabo bakavuga ko amatohoza aza yaratanguye.

Uturorero two ntitubuze. Kuri uyu wa kabiri mw’ijoro, mu ntara ya Bujumbura, abantu indwi ngo barakubitswe barashaye n’abari mu murwi w’Imbonerakure zo muri komine Kanyosha iri mu ntara ya Bujumbura. Muri zone Ruyaga nk’uko abanyagihugu bakubitswe bavyivugira, iyo misore y’Imbonerakure yari ifise inkoni zumutse neza, baca barengera mu banyagihugu babagiriza kuba batahuje ivyiyumviro vya politike, barakubita barambikako inkoni. Ibintu vyaje gucureha kuri uyu wa gatatu ku muhingamo inyuma yaho abatware basukiyemwo mabisi, ariko bakabaataco bashatse kugira ico bashikiriza ku ngendo y’urwo rwaruka ruhurikiye mu mugambwe CNDD-FDD.

Mu ntara ya Gitega muri komine Mutaho, icegera c’uwutwara Imbonerakure muri iyo komine ari kumwe n’abandi bantu, barakubise uwurongoye umugabwe Sahwanya FRODEBU Jean Marie Harerimana kuri uyu w’Imana. Eric yitazira komiseri yasubiriye uwiyita Komiseri GIKASHI, barakubise iyo nziraguhemuka y’umugabwe FRODEBU kugeza n’aho bamuta ari ikiruruma, ata n’agahuzu yambaye, bamuta mu gahinga. Uwo arongowe umugabwe wa Melchior Ndadaye muri komine Mutaho ubu arwariye mu bitaro aho i Mutaho nyene. Inyamiramabi aho yaho muri komine Mutaho imenyesha ko abantu batatu bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.

Musitanteri w’infakibanza wa komine Mutaho Ndikumana Richard amenyesha ko izo mbonerakure n’uwo munywanyi wa Sahwanya FRODEBU ko bose bari baborewe niko guca barwana. Mwokwibuka ko iyo komine hari hamaze iminsi hari agahengwe inyuma yaho musitanteri yahahora Emmanuel de Monfort Ndayiragije atangiye imihoho, kuko yatungwa agatoke kuba yaha inkoho Imbonerakure zo muri komine arongoye, umukuru wazo akaba abarizwa mw’ibohero rikuru rya Gitega aho yagirizwa kugira uruhara mu rupfu rw’umuvyeyi w’umukuru w’umugabwe CNDD-FDD muri komine Mutaho.


Patrick Wasso

Messages

  • abo bana bariko bahendwa nabanyepolitique bibuke aba sans echec ivyo bakoreshejwe inyuma yurupf rwa ndadaye abitwa aba jeune gardiens de la paix ubu nabasazi abandi baricuza kuko basanze bishe bene wabo ariko ababatumye baribereye amahora ndabahanura bareke babane neza nabandi kuko bazicuza ivyo bakoze muri kazoza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.