Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imfashanyo iciye imiriyoni 5 niyo yahawe ikigo c’impfuvyi koriciza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Imfashanyo iciye imiriyoni 5 niyo yahawe ikigo c’impfuvyi koriciza

Imfashanyo iciye imiriyoni 5 niyo yahawe ikigo c’impfuvyi koriciza

mardi 5 Munyonyo 2013

Amafranga agera ku miriyoni zitanu atanzwe na Rotary y’i Bujumbura niyo yahawe irerero ry’impuvyi ritunze abana 65 "Koriciza" ryo mu ntara ya Kirundo.

Ibiro 500 vy’ibiharage, ibiro 350 vy’ifu y’ibigori, ibiro 50 vy’isukari, ibiro 50 vy’umunyu, amavuta yo guteka, impuzu z ‘abana n’ibindi vya nkenerwa, vyose bikaba biciye imiriyoni 5 z’amafranga y’amarundi, iyo niyo mfashanyo ishirahamwe Rotary club ryahaye impfuvyi zo mu kigo "Koriciza".

Kubwa Yves Moukoury, umukuru w’iryo shirahamwe Rotary Club, muri urwo rugendo rugira kane agize muri iryo rerero, abari muri iryo shirahamwe bararonse akaryo ko kuraba inyubakwa ry’iryo rerero, basanga abana baryama ahantu hatameze neza, ivyumba bitagira ihemero, ibitanda bifashwe n’amatafari, aho hariko ibirago bishaje hamwe n’ivyo kwifuka bishaje cane.

Abasanzwe bari muri iryo shirahamwe baciye bafata ingingo yo kubaha ibitanda hamwe na matera biciye umuriyoni n’ibihumbi amajana umunani vy’amafaranga y’amarundi mu ndwi zibiri zizokurikira. Umukuru wa Rotary Club yamenyesheje ko bazorondera n’izindi mfashanyo mu mashirahamwe ya Rotary Club kw’isi yose kugira barabe ukuntu bosanura iryo shure.

Umuhanuzi wa buramatari muvy’ubutunzi, mu ntara ya Kirundo, Alain Tribert Mutabazi yarashimiye cane abo bashitsi biyumviriye guterera agacumu k’ubumwe kuri iryo rerero, kuko intara ya Kirundo isanzwe ifise ingorane nyishi, kandi idafise n’uburyo bwo kuzitorera inyishu. Yaciye asaba abarongoye iryo rerero ko iyo mfashanyo yoronka abo igenwe, ni ukuvuga izo mpfuvyi.

Icegera c’umukuru w’ico kigo Jean Berchmans Karangwa yamenyesheje ko iryo rerero ryuguruye imiryango mu mwaka w’2000 ko muri kino gihe rifise abana 65, aho benshi muribo ari abana bo mw’ibarabara.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.