Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigambwe itandukanye yatanguye gushikiriza ubutumwa bwo gukeza Bob (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Imigambwe itandukanye yatanguye gushikiriza ubutumwa bwo gukeza Bob (...)

Imigambwe itandukanye yatanguye gushikiriza ubutumwa bwo gukeza Bob Rugurika

vendredi 20 Ruhuhuma 2015

Abahurikiye mu runani ADC Ikibiri bo mu bindi bihugu barashimishwa n’irekurwa rya Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA ijwi ry’Abanyagihugu.

Abo bari mu migambwe iri muri urwo runani, bakavuga ko bashimishwa rwose n’irekurwa rya Bob Rugurika, aho bavuga ko bashimiye abarundi batandukanye mu butandukane bwabo, ukuntu bifatanye mu nda, mu kwakira Bob Rugurika, avuye mw’ibohero ya Muramvya. Abo bari mu runani ADC Ikibiri mu makungu, bakaba bavuga ko bahaye ubutumwa umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza hamwe n’amakungu. Abo bari muri ADC Ikibiri mu makungu bakaba batibagiye gushimira amakungu na cane cane abashingamateka b’Ubumwe bwa Buraya, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike ku ruhara ntangere bagize kugira Bob Rugurika arekurwe.

Abo bari muri iyo migambwe, bakaba basaba ko abakoze amarorerwa bakica abatamakazi batatu b’abatariyanokazi Olga, Bernadette na Lucia, ko bofatwa, bagashengezwa imbere y’ubutungane, bagakubitwa intahe mu gahanga. Mukamenya ko n’imigambwe iri muri ADC Ikibiri ikorera mu Burundi nayone ikeza Bob Rugurika, tutibagiye na Yakobo Bigirimana arongoye umugambwe FNL wemewe n’ubutegetsi.


Aristide Nizigire

Messages

  • [21/02/2015 à7:12] Meilleurs Voeux:
    Ejo niho Bob Rugurika yararekuwe uba umunezero
    kubarundi twese! Mugabo ico nashoboye kubona
    nuko abashoboye kuja mw’ibarabara 90% bari aba
    bakurikira:

    1)abatazi igituma PETERO NKURUNZIZA yagiye
    mw’ishamba

    2) abatazi kahise kabo batabona nakazoza kizo
    societe civile

    3)abatazi yuko muri 2010 RWASA yari yaronse
    amajwi menshi cane agahendwa nabamwe ngo
    bave mumatora

    4)abatazi ko RPA ari iradiyo ikurikira umukuru
    wumugabwe MSD

    5)abatazi ko PACIFIQUE NININAHANZWE avuka
    ku muvyeyi w’umuhutu n’umututsi

    6)abatazi yuko NDADAYE yapfuye akicwa
    n’abarundi ariko atamyigaragamvyo nimwe irabaho
    mugihugu isaba ko abamwishe bohanwa
    namategeko

    7)abatazi yuko umukuru wurwaruka rwa ADC ikibiri
    yarekuwe habura numwe aja kumutegera

    8)abatazi yuko RUVAKUKI igihe yamaze muburoko
    cari kinini kuruta ica RUGURIKA ariko ata sinzi
    ry’abantu ryagiye kumusanganira arekuwe

    9)abatazi yuko muburundi hari societe zirenga 320
    ariko atamahinguriro arenga 20 dufise (izo
    ncabwenge zizishinga societe civile ko zidashinga amahinguriro ngo zibahe
    akazi?)

    10)abatazi yuko kuva uburundi bubaho hari
    abarenganijwe ariko izo societe civiles zitigera
    zivuga

    11)abatazi yuko hari umu docteur mpuzamakungu
    yiciwe muburundi ariko ata societe civil yigeze
    ikura akarimi mukanwa

    12)abatazi yuko societe civil ari abanyepolitike
    mubandi ico badahuje niyindi migambwe gusa ari uko batarabimenyesha abarundi namakungu kumugaragaro.

    Iyi msg yirungikire abantu cumi gutyo uzoba ufashije gutsimbataza democratie yabene gihugu

  • Reponse àshad:murivyo ushikirije sanze ariwwuri ikitazi, warazingamitswe na kahise mais abarundi dushaka kazoza,izo commentaire zuzuyemwo urwanko ninzigo ziradutza urubwa,ica tujanye mwibarabara le 19 /2/2015 nukwiyamiriza abantu nkawe mugikurikiraubwije ngo ni puter canke systm dd kandi mubonako ila les deux pieds dans la tombe. Il vous a manqué uneoccasionde viys taire mwana wa mama

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.