Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Iminsi 16 yahariwe kurwanya ihohoterwa rifatiye ku gitsina - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Iminsi 16 yahariwe kurwanya ihohoterwa rifatiye ku gitsina

Iminsi 16 yahariwe kurwanya ihohoterwa rifatiye ku gitsina

lundi 25 Munyonyo 2013

Guhera mu mwaka wa 2000,Uburundi burifadikanya n’ibindi bihugu vyo kw’isi mu kurwanya amabi akorerwa abakenyezi.

Ni muri iyo ntumbero, umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu n’igitsina umupfasoni Clotilde Niragira yuguruye ibikorwa vyo kwiyamiriza ihohoterwa rifatiye ku gitsina, bikazomara iminsi 16. Mw’ijambo ryo kwugurura ivyo bikorwa, umushikiranganji Niragira yamenyesheje ko amahoro n’umutekano biva mu mahoro ya buri muntu ku gatwe kiwe, ni nayo mpamvu bikwiye ko batuza ihohotera rya kiremwa muntu na cane cane irifatiye ku gitsina.

Phumzile Mlambo, umuyobozi nshingwabikorwa muri ONU Femmes, amenyesha ko ababijejwe bari bakwiye kwicara hamwe bakarondera inyishu kugira batuze amabi akorerwa abakenyezi. Uwo muyobozi agira ati: ‘’Mu gihe twobishaka, abategetsi bagashiramwo ingoga nyinshi turashobora gukinga, tukongera tugafasha abayakorewe mu gushiraho ibisata bibafasha. Biraturaba twese gutangura gukora, turi hamwe, turashobora gutuza iryo hohoterwa.’’

Muri iyo minsi 16 hakaba hateguwe ibikorwa bitandukanye mu gihugu cose, mu ntumbero yo guhimiriza abanyagihugu ku bijanye n’amabi ajanye n’ifatwa ku nguvu.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.