Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amabi akorerwa abakenyezi aho kumanuka, abandanya kwiyongera - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Amabi akorerwa abakenyezi aho kumanuka, abandanya kwiyongera

Amabi akorerwa abakenyezi aho kumanuka, abandanya kwiyongera

mercredi 26 Munyonyo 2014

Mu minsi 16 yahariwe ukurwanya amabi akorerwa abakenyezi hamwe n’abigeme, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yifatanije n’abanyengozi i Nyamurenza, mu bikorwa vyahariwe iyo minsi.

Muri iyo minsi 16 yahariwe ugutuza ayo mabi, hakaba hateguwe icivugo kigira giti : ’’Amahoro mu ngo, amahoro mu kibano’’. Iyo minsi 16, ikaba yafashwe mu ntumbero yo gukangurira abarundi guhindura ingendo, mu guheba amabi akaorerwa igitsina gore yaba mu ngo, canke mu kibano. Amatohoza yakozwe akaba yerekanye ko umwe ku bakenyezi batatu akaorerwa ihohoterwa, ndetse ivyo biharuro aho kumanuka, bikaba bibandanya kuduga, mu gihe hakiri n’abandi bihorera amabi bakorerwa bakayagendana.

Mukamenya ko ivyo bikorwa vyahariwe iminsi 16 biriko birabera mu gihugu cose, aho no mu kigo COFEM (Centre Ombre de la Femme) co muri komine ya Kamenge catunganije inyigisho ku banyagihugu b’aho mu Kamenge, ku nyifato ibereye mu kibano, abo banyagihugu bakigishwa amategeko agenga ingo, kugira ntibasubire guhohoterwa batazi amategeko abagenga.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.