IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Burundi Peace one Love > Imirwi y’abaririmvyi izohurira mu kigo c’urwaruka co mu Kamenge

Imirwi y’abaririmvyi izohurira mu kigo c’urwaruka co mu Kamenge

mardi 11 Ruhuhuma 2014

Ikigo c’urwaruka co mu Kamenge «Centre Jeunes Kamenge» kiriko citegurira guhimbaza umunsi w’abafata mu mugongo ico kigo. Kuri uwo munsi, ni akaryo keza k’umurwi wa Burundi Peace One Love ko kuzoca ushira ku mugaragaro urukwirikirane rwa mbere.

Kuri uwo munsi wa gatanu w’igenekerezo rya 15 Ruhuhuma, mu gihe ikigo c’urwaruka co mu Kamenge kizoba kiriko gihimbaza umunsi w’abafasha ico kigo mu kurangura ibikorwa, imirwi itari mike y’abaririmvyi yaratumiwe kuzoshigikira ivyo birori. Uwo munsi nyene, umurwi Burundi Peace One love uzoca ushira ahabona urukurikirane rwa mbere bise « Intimba y’abanyororo » rugizwe n’indirimbo 10.

Carton batazira Americain, ari muri bamwe bagize uwo murwi, amenyesha ko indirimbo ziri mu mudiho wa Raggae z’umurwi wabo zirimwo indirimbo nka «Intimba y’abanyororo», «fight against Injustice», «Afrika duhez’intambara» n’izindi, arizo zizokwugurura ibirori, kuko bahawe imyanya itatu muri ico giteremo. Bazovuza mu ntango, hagati no mu mpera z’igiteramo.

Ico giteramo kizotangura isaha icenda «15h00» gihere isaha «18h 00» ntikizorihishwa, kuko abarongoye ikigo c’urwaruka bashatse guha ikaze kuri abo bose bazoshaka kuryoheranwa nabo.

Tubamenyesha ko umurwi wa Burundi Peace One Love uguma wakira iyindi mirwi y’abaririmvyi bashaka gukorera hamwe. Ivyo rero biha inguvu umurwi kandi vuba uwo murwi ugomba kuba ishirahamwe ry’abanyamwuga.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.